Guharura3
Ibikorwa vy’Abalewi
1Uru ni rwo ruvyaro rwa Aroni n’urwa Mose igihe Uhoraho yavugana na Mose ku musozi Sinayi.2Amazina y’abahungu ba Aroni yari Nadabu, imfura yiwe, Abihu, Eliyazeri na Itamari.3Ayo ni yo mazina y’abahungu ba Aroni, abaherezi basizwe amavuta, barobanuriwe igikorwa c’ubuherezi.4Ariko Nadabu na Abihu bapfiriye imbere y’Uhoraho igihe batanga ikimazi bakoresheje umuriro utemewe imbere yiwe mu bugaragwa bw’i Sinayi. Nta bahungu bari bafise; ni co catumye Eliyazeri na Itamari bonyene ari bo bakoze nk’abaherezi igihe se Aroni yari akiriho.5Uhoraho abarira Mose ati:6“Zana abakomoka kuri Lewi imbere ya Aroni umuherezi kugira ngo bamufashe.7Baze bakore ibikorwa vyerekeye Ihema ry’Ibonaniro bakorera Aroni n’Abisirayeli bose.8Bazoba bajejwe gutunganya ibikoresho vyose vyo mw’Ihema ry’Ibonaniro, bakorera Abisirayeli bose ivyashinzwe mu gukora ibikorwa vyabo vyo mw’Ihema.9Abo Balewi ubashikirize Aroni n’abahungu biwe; kuko ni bo bitanze mu Bisirayeli bose ngo babafashe ibikorwa.10Uze utoranye Aroni n’abahungu biwe ni bo bazokora nk’abaherezi; uwundi muntu wese azokwegera ihema aze yicwe.”11Uhoraho yongera abarira Mose ati:12“Natoranije Abalewi mu bandi Bisirayeli ngo babe mu gishingo c’abahungu bose b’imfura bavyawe n’umugore wese w’Umwisirayelikazi. Abalewi ni abanje,13kuko abana bose b’imfura ari abanje. Igihe nica abana b’imfura bose bo muri Egiputa, naciye nitoraniriza imfura zose zo muri Isirayeli, imfura z’abantu n’iz’ibitungwa. Ni izanje; ndi Uhoraho.”14Uhoraho abarira Mose ari mu bugaragwa bw’i Sinayi ati:15“Harura Abalewi ukurikije imiryango yabo n’amazu ya ba sekuruza babo. Muze muharure umuhungu wese kuva ku wumaze ukwezi kumwe avutse no kuduga.”16Nuko Mose arabaharura, nk’uko yategetswe n’ijambo ry’Uhoraho.17Aya ni yo mazina y’abahungu ba Lewi: Gerishoni, Kohati na Merari.18Amazu akomoka kuri Gerishoni yitiriwe abahungu biwe babiri: Libuni na Shimeyi19Amazu akomoka kuri Kohati yitiriwe abahungu biwe bane: Amuramu, Izihari, Heburoni na Uziyeli.20Amazu akomoka kuri Merari yitiriwe abahungu biwe babiri: Mahuli na Mushi. Ayo ni yo yari amazu y’abakomoka kuri Lewi, hakurikijwe imiryango yabo.21Abakomoka kuri Gerishoni bari Abalibuni n’Abashimeyi; ayo ni yo yari amazu akomoka kuri Gerishoni.22Abahungu bamaze ukwezi bavutse n’abakurenza baharuwe bari ibihumbi indwi n’amajana atanu.23Abakomoka kuri Gerishoni bacumbika mu burengero, inyuma y’ihema.24Umukuru w’amazu akomoka kuri Gerishoni yari Eliyasafu mwene Layeli.25Mw’ihema ry’ibonaniro, Abagerishoni bari bashinzwe gutunganya ihema imbere n’inyuma, n’igipfutse ihema, n’igihuzu gikingiriye ku muryango w’Ihema ry’Ibonaniro,26ibihuzu bigize urugo, n’igihuzu co ku muryango w’irembo ry’urugo rukikuje ihema n’igicaniro, n’imigozi y’ihema, n’ibikoresho vyose bijanye n’ikoreshwa ryayo.27Imiryango iva kuri Kohati ni Abamurani, Abayizari, Abaheburoni n’Abawuziyeli; abo ni bo bari bagize imiryango y’Abakohati.28Igitigiri c’abahungu bamaze ukwezi n’ukurenga cari ibihumbi umunani n’amajana atandatu. Abakohati bari bajejwe gutunganya ahera.29Imiryango y’Abakohati bacumbika mu ruhande rwo mu bumanuko rw’ihema.30Umukuru w’amazu ya ba sekuruza y’imiryango y’Abakohati yari Elizafani mwene Uziyeli.31Bari bajejwe gutunganya Isandugu y’Isezerano, imeza, igiterekwako amatara, ibicaniro, ibikoresho vy’ahera bikoreshwa mu gikorwa caho, igihuzu gikingiriye ahera, n’ibindi vyose bijanye n’ivyo.32Umukuru yatwara bose mu Balewi yari Eliyazeri mwene Aroni, umuherezi. Yari ashinzwe kurongora abari bashinzwe gutunganya ahera.33Imiryango y’Abamahuli n’Abamushi bari Aba Merari; abo ni bo bari bagize imiryango y’Abamerari.34Igitigiri c’abahungu bamaze ukwezi n’ukurenga baharuwe cari ibihumbi bitandatu n’amajana abiri.35Umukuru w’amazu y’abo mu miryango y’Abamerari yari Zuriyeli mwene Abihayili; bategerezwa gucumbika mu ruhande rwo mu buraruko bw’ihema.36Abamerari bari bashinzwe gutunganya ibishimaryango vy’ihema, ibizingiti, inkingi, ivyo gushingamwo inkingi n’ibikoresho vyaryo vyose, n’ibijanye na vyo vyose n’ikoreshwa ryavyo,37n’inkingi z’urugo rukikuje ihema n’ivyo kuzishingamwo vyose, imambo n’imigozi vy’ihema.38Mose na Aroni n’abahungu babo bategerezwa gushinga amahema mu buseruko bw’Ihema ry’Ibonaniro, batumbereye iyo izuba riserukira, imbere y’Ihema ry’Ibonaniro. Bari bajejwe gutunganya ivy’Ihema mu gishingo c’abandi Bisirayeli. Uwundi wese yegera Ihema yategerezwa kwicwa.39Igitigiri cose c’Abalewi baharuwe na Mose na Aroni nk’uko Uhoraho yabitegetse hakurikijwe imiryango yabo, bagizwe n’abahungu bakwije ukwezi bavutse n’abakurenza, cari ibihumbi mirongo ibiri na bibiri.40Uhoraho abarira Mose ati: “Harura imfura z’Abisirayeli zose z’abahungu bamaze ukwezi n’abakurenza ushire ku rutonde amazina yabo.41Uce wakira Abalewi ubanzanire mu gishingo c’imfura zose z’Abisirayeli, n’imfura z’ibitungwa vy’Abalewi mu gishingo c’imfura zose z’ibitungwa vy’Abisirayeli. Ndi Uhoraho.”42Nuko Mose aharura imfura zose z’Abisirayeli, nk’uko Uhoraho yabimutegetse.43Igitigiri cose c’imfura z’abahungu bamaze ukwezi kumwe n’abakurenza, bashizwe ku rutonde, cari ibihumbi mirongo ibiri na bibiri n’amajana abiri na mirongo indwi na batatu.44Uhoraho abarira Mose ati:45“Fata Abalewi mu gishingo c’imfura z’Abisirayeli, n’ibitungwa vy’Abalewi mu gishingo c’ibitungwa vy’Abisirayeli. Abalewi ni abanje. Ndi Uhoraho.46Mu gucungura abo bana b’imfura amajana abiri na mirongo indwi na batatu barenga ku gitigiri c’Abalewi,47uze wegeranye shekeli zitanu ku muntu umwe umwe, ukoresheje ingero shekeli y’Ahera, ipima ingero gera mirongo ibiri.48Uyatange kwa Aroni n’abahungu biwe kugira ngo ucungure abo Bisirayeli barengako.”49Nuko Mose yegeranya ayo mahera y’incungu y’Abisirayeli barenga kuri ca gitigiri cacunguwe n’Abalewi.50Mu mfura z’Abisirayeli yegeranije ifeza zipima shekeli igihumbi n’amajana atatu na mirongo itandatu na zitanu , hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera.51Mose atanga ayo mahera y’incungu kwa Aroni n’abahungu biwe, nk’uko yari yabitegetswe n’ijambo ry’Uhoraho.Biblica, Inc.