Guharura13
Batuma abatasi gutata i Kanani
1Uhoraho abarira Mose ati:2“Rungika abagabo bamwe gutata igihugu c’i Kanani, ico ngiye guha Abisirayeli. Mu muryango wose batore umwe mu bakuru bawo.”3Maze nk’uko Uhoraho yari yategetse Mose arabarungika bavuye mu bugaragwa bw’i Parani. Bose bari abakuru mu Bisirayeli.4Ayo ni yo mazina yabo:Uwavuye mu muryango wa Reyubeni, ni Shamuwa mwene Zakuri;5uwavuye mu muryango wa Simeyoni, ni Shafati mwene Hori;6Uwavuye mu muryango wa Yuda, ni Kalebu mwene Yefune,7uwavuye mu muryango wa Isakari, ni Igali mwene Yosefu;8uwavuye mu muryango wa Efurayimu, ni Hoseya mwene Nuni9uwavuye mu muryango wa Benyamini, ni Paluti mwene Rafu;10uwavuye mu muryango wa Zebuloni, ni Gadiyeli mwene Sodi;11uwavuye mu muryango wa Manase (umuryango wa Yosefu), ni Gadi mwene Susi;12uwavuye mu muryango wa Dani, ni Amiyeli mwene Gemali;13uwavuye mu muryango wa Asheri, ni Seturi mwene Mikayeli;14uwavuye mu muryango wa Nafutali, ni Nahubi mwene Vofusi;15uwavuye mu muryango wa Gadi, ni Geyuweli mwene Maki.16Abo ni bo bagabo Mose yarungitse gutata igihugu. (Uwari asanzwe yitwa Hoseya mwene Nuni, Mose amwita Yosuwa.)17Igihe Mose yabatuma gutata igihugu c’i Kanani, yavuze ati: “Muce i Negebu, hanyuma muce muduga mu misozi.18Murabe uko ico gihugu kimeze kandi ko abantu baho ari abanyenkomezi canke abanyantegenke, ko ari bake canke ari benshi.19Murabe ko ico gihugu ari ciza canke kibi; uko ibisagara vyaco bimeze, nimba bifise inzitiro canke bitazifise.20Uko isi yaho imeze, ko imera canke ko itamera, ko hari ibiti canke ata biriho. Muze mukore ibishoboka vyose muzane ivyamwa vyo muri ico gihugu.” (Ico gihe hari mw’iyera ry’imizabibu ya mbere).21Nuko baraduga batata ico gihugu kuva mu Bugaragwa bw’i Zini gushika i Rehobu, aharabana n’i Lebo-Hamati.22Nuko baraduga baca i Negebu bashika i Heburoni aho Ahimani, Sheshayi na Talumayi abakomoka kuri Anaki baba. (Heburoni hari hubatswe imyaka indwi imbere ya Zowani muri Egiputa.)23Bashitse mu kiyaya c’i Eshikoli, basoroma amahando y’imizabibu. Abantu babiri ni bo bari baziteruye ku giti, umwe inyuma uwundi imbere, bongera bazana n’amakomamanga n’insukoni.24Aho hantu hitwa ikiyaya c’i Eshikoli (risobanurwa ngo ihando ry’inzabibu) kubera izo Abisirayeli basoromye aho hantu.25Haheze imisi mirongo ine baragaruka bavuye gutata ico gihugu.
Amakuru yazanywe y’abatasi
26Bagaruka kwa Mose na Aroni no ku Bisirayeli bose bari i Kadeshi mu bugaragwa bw’i Parani. Aho ni ho bahereye amakuru Mose na Aroni no n’ikoraniro ryose, bongera babereka ivyamwa bimera muri ico gihugu.27Ibi ni vyo bashikirije Mose: “Twagiye mu gihugu wari waturungitsemwo, kandi gitemba amata n’ubuki! Ng’ibi n’ivyama muri co.28Ariko abantu baba muri co ni abanyenkomezi, n’ibisagara vyaho bizitije inzitiro zikomeye kandi ndende cane. Twanabonyeyo n’abo mu ruvyaro rwa Anaki.29Abamaleki ni bo baba i Negebu, Abaheti, Abayebusi n’Abamori baba mu gihugu c’imisozi, Abanyakanani na bo baba ku nkengera z’ikiyaga n’uruzi rwa Yorodani.”30Nuko Kalebu asaba abantu guhora imbere ya Mose hanyuma aravuga ati: “Muze tuduge tuje gufata ico gihugu, kuko vy’ukuri tubishoboye.”31Ariko abagabo bari baduganye na we baravuga bati: “Ntidushobora gutera barya bantu; kuko baturusha inkomezi.”32Nuko bakwiragiza hose mu Bisirayeli iyo nkuru mbi yerekeye ico gihugu bagiye gutata. Baravuga bati: “Igihugu twagiye gutata ni igihugu kirya ababa muri co. Abantu bose twabonye muri co ni ibigatanya.33Twabonyeyo n’Abanefilimu (abakomoka kuri Anaki). Twari tumeze nk’inzige mu maso yacu ubwacu, kandi no kuri bo twasa nk’inzige.”Biblica, Inc.