Guharura10
Inzamba zicuzwe mw’ifeza
1Uhoraho abarira Mose ati:2“Cura inzamba zibiri mw’ifeza ihondaguye, uze uzikoreshe mu guhamagara ikoraniro no mu kumenyesha umwanya wo kuzinga amahema ngo babandanye urugendo.3Igihe izo nzamba zivugirijwe rimwe, ikoraniro ryose rize rikoranire imbere yawe, imbere y’Ihema ry’Ibonaniro.4Iyo havugijwe imwe gusa, abarongoye abandi, abakuru b’amazu y’Abisirayeli, baze bakoranire imbere yawe.5Inzamba niyavuga n’ijwi rirengera rimwe, imiryango iherereye mu buseruko baze bahaguruke bagende.6Inzamba niyavuga ubwa kabiri mw’ijwi rirengera, imiryango iri mu bumanuko baze bahaguruke bagende.7Mu gukoranya ikoraniro, muze muvuze izo nzamba, ariko ntimukoreshe ijwi rimwe.8Abahungu ba Aroni, ari bo baherezi, baze bavuze izo nzamba; iri ni ryo tegeko ry’intahava uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi.9Nimwaja mu ntambara mu gihugu canyu bwite muriko muragwanya umwansi abasugereje, muze muvuze izo nzamba mw’ijwi rirengera. Uhoraho Imana yanyu azoca abibuka kandi muzotabarwa mukire abansi banyu.10No mu bihe vyanyu vy’umunezero, haba mu misi mikuru yashinzwe canke imboneko z’ukwezi, muze muvuze izo nzamba mwongere mutange n’ibimazi vyo guturirwa n’ivy’impongano, na vyo bizoba icibutso canyu imbere y’Uhoraho. Ndi Uhoraho Imana yanyu.”Abisirayeli bava kuri Sinayi
11Ku musi wa mirongo ibiri w’ukwezi kwa kabiri kw’umwaka wa kabiri, ca gicu kiraduga kiva kw’Ihema ry’ibishingantahe.12Nuko Abisirayeli bava hasi bava mu bugaragwa bw’i Sinayi bagenda barunguruza gushika aho ca gicu cahagarariye mu bugaragwa bw’i Parani.13Ubwo ni bwo bwa mbere Abisirayeli bavuye aho bari bacumbitse nk’uko Uhoraho yari yabibategetse abicishije kuri Mose.14Imigwi yo mu ba Yuda ni bo babanje guhaguruka, bari musi y’ibendera ryabo. Nahashoni mwene Aminadabu ni we yari abarongoye.15Netaneli mwene Zuwari ni we yari arongoye umugwi wo mu muryango wa Isakari,16Eliyabu mwene Heloni na we ni we yari arongoye umugwi wo mu muryango wa Zebuloni.17Hanyuma rya hema rica rirazingwa, Abagerishoni n’Abamerari, ari bo bari bariteruye, baca baragenda.18Imigwi yari musi y’ibendera rya Reyubeni barakurikira, bari musi y’ibendera ryabo. Elisuri mwene Shedewuri ni we yari abarongoye.19Shelumiyeli mwene Zurishadayi yari arongoye umugwi w’umuryango wa Simeyoni,20Eliyasafu na we, mwene Dewuyeli yari arongoye umugwi w’umuryango wa Gadi.21Hanyuma Abakohati bava hasi, bateruye vya bikoresho vyera. Ihema ryategerezwa gushingwa aho ryategerezwa kuba imbere y’uko bashika.22Imigwi yari musi y’ibendera rya Efurayimu barakurikira, bari musi y’ibendera ryabo. Elishama mwene Amihudi ni we yari abarongoye.23Gamaliyeli mwene Pedasuri ni we yari arongoye umugwi w’umuryango wa Manase,24Abidani mwene Gidiyoni na we yari arongoye umugwi w’umuryango wa Benyamini.25Ubwa nyuma, imigwi irongowe n’ibendera rya Dani, nk’umugwi ujejwe umutekano w’inyuma, bava hasi barongowe n’ibendera ryabo. Ahiyezeri mwene Amishadayi ni we yari abarongoye.26Pagiyeli mwene Okurani ni we yari arongoye umugwi w’umuryango wa Asheri,27Ahira mwene Enani na we yari arongoye umugwi w’umuryango wa Nafutali.28Uru ni rwo rwari urutonde rwo kugenda rw’imigwi y’Abisirayeli uko bakurikirana mu kuva hasi.29Nuko Mose abarira muramuwe Hobabu, mwene Reyuweli Umumidiyani, ati: “Tugiye aho Uhoraho yavuze ati: ‘Nzohabaha.’ Nuze tujane natwe tuzogufata neza, kuko Uhoraho yasezeraniye Abisirayeli ivyiza.”30Na we arishura ati: “Oya ntitujana. Nsubiye mu gihugu navukiyemwo no mu bwoko bwacu.”31Ariko Mose aravuga ati: “Ndakwinginze ntuduhebe. Kuko wewe uzi ubu bugaragwa, aho dushobora gushinga amahema, ushobora kutubera amaso.32Niwajana natwe, tuzosangira ivyiza vyose Uhoraho azoduha.”33Nuko bava ku musozi w’Uhoraho bagenda imisi itatu. Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho yagendera imbere yabo muri iyo misi itatu kugira ngo abaronkere aho kuruhukira.34Ca gicu c’Uhoraho cari hejuru yabo ku murango igihe bava aho bari bacumbitse.35Igihe cose iyo isandugu igiye, Mose yavuga ati:“Haguruka, yewe Uhoraho!Abansi bawe nibasanzare;abakwanka nibahunge mu nyonga hawe.”36Igihe cose ihagaze, yavuga ati:“Garuka, Yewe Uhoraho,mu bihumbi n’ibihumbi vy’Abisirayeli.”Biblica, Inc.