Nehemiya5

Nehemiya afasha abakene

1Maze abagabo n’abagore babo bidodombera benewabo b’Abayuda.2Bamwe bavuga bati: “Twebwe n’abahungu bacu n’abakobwa bacu turi benshi; dukwiye kuronka ingano kugira ngo turye tubone kubaho.”
3Abandi bavuga bati: “Turiko turatanga ingwati y’amatongo yacu, imizabibu yacu n’amazu yacu kugira ngo turonke ingano muri iki kigoyi.”
4Abandi bavuga bati: “Twasavye ingurane y’amahera kugira ngo dushobore kuriha ikori ry’umwami ku matongo yacu n’imizabibu yacu.5Naho dusangiye amaraso n’Abayuda benewacu n’abana bacu bakamera nk’ababo, dutegerezwa kugurisha abahungu n’abakobwa bacu ngo babe abagurano babo kugira ngo dushobore kuronka ibidutunga. Bamwe mu bakobwa bacu baramaze kuba abagurano, kandi ntitugira uko tubigenza kuko amatongo yacu n’imizabibu yacu na vyo nyene vyamaze kuba ivy’abandi.”
6Numvise ugutaka kwabo n’ivyo bidodomba, ndaraka cane.7Ngisha inama umutima wanje, maze ntonganya abakuru n’abacamanza. Ndababwira nti: “Muriko muraguranira kuronka inyungu kuri benewanyu!” Nuko nca nkoranya ikoraniro rinini kugira ngo mvuge ivyabo8maze ndavuga nti: “Twakoze uko dushoboye kwose kugira ngo tugarukane benewacu b’Abayuda bari baraguzwe n’abanyamahanga. Ubu rero ni mwebwe muriko murabagurisha kandi ngo basubire mu buja. None tuzobaguranuza kangahe?” Barahora, kuko batashobora kuronka ico bavuga.
9Nuko ndabandanya nti: “Ivyo muriko murakora si vyiza. Mbega ntimwari mukwiye kugendera mu kwubaha Imana yacu kugira ngo ntimube agatwengo ku bansi bacu b’abanyamahanga?10Jewe, abo tuvukana n’abantu banje twaratanze ingurane duha abantu amahera n’ingano. Ariko ntituzokwongera kubasaba inyungu y’ivyo badufitiye.11Nimusubize ubu nyene amatongo, imizabibu, imyelayo n’amazu vyabo, n’inyungu yose mwabatse, ca kigira ijana c’amahera, c’ingano, c’umuvinyu n’ico amavuta.”
12Baravuga bati: “Turabisubiza kandi nta kindi tubasaba. Tubikora nk’uko uvuze.”
Nuko ntumako abaherezi n’abakuru n’abacamanza ngo barahirire imbere yabo ko bazokora ivyo basezeranye.
13Maze nca nkunkumura umusozo w’impuzu yanje mvuga nti: “Uku azobe ari ko Imana ikunkumura umuntu wese atazoshitsa ivyo yasezeranye, imukure mu nzu yiwe no mu vyo atunze vyose. Uko azobe ari ko umuntu nk’uyo akunkumurwa asigare ata na kimwe afise!”
Mvuze ivyo ikoraniro ryose riravuga riti: “Amen,” baca bahimbaza Uhoraho. Kandi abantu bashitsa ivyo basezeranye.
14Vyongeye, kuva ku mwaka wa mirongo ibiri umwami Ahasuwerusi ari ku ngoma, maze kugenwa ngo mbe umukuru w’intara y’i Buyuda, kugeza ku mwaka wa mirongo itatu n’ibiri, imyaka icumi n’ibiri, yaba jewe canke abo tuvukana ntitwigeze na rimwe turya ivyagerewe umukuru w’intara.15Ariko abakuru b’intara batwitangiye imbere, abatwaye imbere yanje, baremeka umutwaro uremereye abantu bakabasaba shekeli mirongo ine z’ifeza ziyongera ku mfungurwa n’umuvinyu. Ivyegera vyabo na vyo nyene bari bafise ivyo baremereza abantu. Ariko ku bwo kwubaha Imana sinakora nk’uko.16Ahubwo, niyegurira igikorwa co ku ruzitiro. Abantu banje bose bari bakoraniye ngaho ku bwo kwubaka urwo ruzitiro; ntitwigeze tugura itongo na rimwe.
17Vyongeye, Abayuda n’abakuru ijana na mirongo itanu bafungura ku meza yanje, hamwe n’abaza iwacu bavuye mu bihugu bidukikije.18Ku musi, bantegurira inka imwe, intama zitandatu z’indobanurwa n’inkoko, kandi uko imisi icumi iheze ni ko bantegurira imivinyu myinshi y’ubwoko bwose. Naho vyari uko, sinigeze nsaba imfungurwa zagerewe umukuru w’intara, kuko abantu bari baremerewe n’ibikorwa.
19Unyibukane imbabazi zawe, yewe Mana yanje, kubera ivyo nakoreye ubu bwoko.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e