Nehemiya11

Abandi baje kuba i Yerusalemu

1Maze abarongoye abantu baja kuba i Yerusalemu. Ku bandi bantu habanza kugirwa ubupfindo, ngo bamenye umuryango umwe ku miryango icumi uja kuba i Yerusalemu, igisagara cera. Iyo miryango icenda isigaye bategerezwa kuguma mu bisagara vyabo.2Abantu bahezagira cane abemeye ku gushaka kwabo kuja kuba i Yerusalemu.
3Aba ni bo batware bari barongoye intara bimukiye i Yerusalemu. Muri ico gihe Abisirayeli benshi, abaherezi, Abalewi, abakozi bo mu Ngoro n’abakomoka ku bakozi ba Salomo baba mu bisagara bitandukanye vy’i Buyuda, umwe wese mw’itongo ryiwe,4ariko abantu bamwe bo mu Bayuda no mu Babenyamini bashima kuba i Yerusalemu:
Abakomoka kuri Yuda ni: Ataya mwene Uziya, Uziya mwene Zakariya, Zakariya mwene Amariya, Amariya mwene Shefatiya, Shefatiya mwene Mahalaleli, Mahalaleli wo mu ruvyaro rwa Perezi,
5hamwe na Mayaseya mwene Baruki, Baruki mwene Koli-Hoze, Koli-Hoze mwene Hazaya, Hazaya mwene Adaya, Adaya mwene Yoyaribu, Yoyaribu mwene Zakariya, Zakariya akomoka kuri Shela.6Abakomoka kuri Perezi baba i Yerusalemu bashika amajana ane na mirongo itandatu n’umunani, abagabo b’intwari babushitse.7Mu bakomoka kuri Benyamini ni: Salu mwene Meshulamu, Meshulamu mwene Yowedi, Yowedi mwene Pedaya, Pedaya mwene Kolaya, Kolaya mwene Mayaseya, Mayaseya mwene Itiyeli, Itiyeli mwene Yeshaya,8n’abamukurikira, Gabayi na Salayi. Bose hamwe ni abagabo amajana icenda na mirongo ibiri n’umunani.9Yoweli mwene Zikuri yari umukuru w’ingabo mukuru wabo, na Yuda mwene Hasenuwa yatwara akarere ka kabiri k’igisagara.10Mu bakomoka ku baherezi ni: Yedaya mwene Yoyaribu, Yakini,11Seraya mwene Hilukiya, Hilukiya mwene Meshulamu, Meshulamu mwene Sadoki, Sadoki mwene Merayoti, Merayoti mwene Ahitubu, Ahitubu uwari ajejwe ivyo mu Ngoro y’Imana,12n’abo bari bafatanije, bashishikara igikorwa co mu Ngoro, bari abagabo amajana umunani na mirongo ibiri na babiri. Adaya mwene Yerohamu, Yerohamu mwene Pelaliya, Pelaliya mwene Amuzi, Amuzi mwene Zakariya, Zakariya mwene Pashuri, Pashuri mwene Malikiya,13n’abo bari bafatanije, bari abakuru b’imiryango, bari abagabo amajana abiri na mirongo ine na babiri. Amashisayi mwene Azareli, Azareli mwene Ahizayi, Ahizayi mwene Meshilemoti, Meshilemoti mwene Imeri,14n’abo bari bafatanije, bari abagabo b’intwari, ijana na mirongo ibiri n’umunani. Umukuru w’ingabo yari Zabudiyeli mwene Hagedolimu.15Abakomoka ku Balewi ni: Shemaya mwene Hashubi, Hashubi mwene Azirikamu, Azirikamu mwene Hashabiya, Hashabiya mwene Buni,16Shabetayi na Yozabadi, babiri bo mu bakuru b’Abalewi, bari bajejwe ibikorwa vyo hanze y’Ingoro y’Imana;17Mataniya mwene Mika, Mika mwene Zabudi, Zabudi mwene Asafu, Asafu umurongozi yarongora ibikorwa vyo gushimira Imana no gusenga; Bakibukiya, uwa kabiri mu bari bafatanije na we, na Abuda mwene Shamuwa, Shamuwa mwene Galali, Galali mwene Yedutuni.18Abalewi bo mu gisagara cera bashika amajana abiri na mirongo umunani na bane.19Abarinzi b’irembo ni: Akubu, Talumoni n’abo bari bafatanije, baguma barinze amarembo, bari abagabo ijana na mirongo indwi na babiri.
20Abandi Bisirayeli basigaye, hamwe n’abaherezi n’Abalewi, baba mu bisagara vyose vy’i Buyuda, umwe wese mw’itongo rya ba sekuruza.
21Abakozi bo mu Ngoro baba ku musozi wa Ofeli, kandi Ziha na Gishupa ni bo bari babarongoye.
22Umukuru w’Abalewi i Yerusalemu yari Uzi mwene Bani, Bani mwene Hashabiya, Hashabiya mwene Mataniya, Mataniya mwene Mika. Uzi yari umwe mu bakomotse kuri Asafu, bari abaririmvyi bajejwe igikorwa co mu Ngoro y’Imana.23Abaririmvyi bategekwa n’umwami, ni we yagena ivyo bakora ku musi ku musi.
24Petahiya mwene Meshezabeli, umwe mu bakomotse kuri Zera mwene Yuda, yari umukozi w’umwami mu bikorwa vyose vyerekeye kurongora abantu.
25Ku bijanye n’ibigwati n’imirima yavyo, bamwe mu bantu b’i Buyuda baba i Kiriyati-Araba no mu bigwati bihakikije, i Diboni no mu bigwati vyaho, i Yekabuzeyeli no mu bigwati vyaho,26i Yesuwa, i Molada, i Beti-Peleti,27i Hazari-Shuwali, i Berisheba no mu bigwati vyaho,28i Zikulagi, i Mekona no mu bigwati vyaho,29i Eni-Rimoni, i Zora, i Yarimuti,30i Zanowa, muri Adulamu no mu bigwati vyaho, i Lakishi no mu mirima yaho, n’i Azeka no mu bigwati vyaho. Nuko baba ngaho uhereye i Berisheba gushika mu kiyaya ca Hinomu.
31Abakomoka ku Babenyamini kuva i Geba baba i Mikimashi, Ayiya, Beteli n’ibigwati vyaho,32i Anatoti, Nobu n’i Ananiya,33i Hazori, i Rama n’i Gitayimu,34i Hadidi, i Zeboyimu n’i Nebalati,35i Lodi n’i Ono, no mu kiyaya c’abanyamyuga.
36Imwe mu mice y’Abalewi b’i Buyuda baba i Bubenyamini.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e