Mika5

Umutware yasezeranywe azova i Betelehemu

1Egeranya ingabo zawe, yewe wa gisagara c’ingabo,kuko umwansi akwugarije.Bazokubita umutware wa Isirayeli,bazomukubita inkoni kw’itama.
2“Ariko wewe Betelehemu Efurata,naho uri muto mu bisagara vy’umuryango wa Yuda,muri wewe hazomviramwouwuzoganza Abisirayeli,kandi amamuko yiwe ni aya kera,yamyeho uhereye mu bihe vya kera.”
3Nuko rero Abisirayeli bazoba akahebwekugeza igihe umugore ari ku bise azovyarira umuhungu,n’abasigaye mu bavukanyi biwe bakagarukabakifatanya n’Abisirayeli.
4Azohaguruka aragire umukuku wiweari mu nkomezi z’Uhoraho,mu cubahiro c’izina ry’Uhoraho Imana yiwe.Maze bazokwibera amahoro, kuko muri ico gihe ubukuru bwiwebuzoshika no ku mpera z’isi.
5Kandi ni we azoba amahoro yacuaho Abashuri bazoterera igihugu cacubakagendagenda mu nzitiro zacu.Tuzohagurutsa abungere indwi bo kubagwanya,mbere ni abagabisha umunani,6bazoganzisha inkota igihugu c’i Ashuri,igihugu ca Nimurodi bakiganzishe inkota isokoye.Azodukiza Abashuriaho bazoterera igihugu cacubakajabuka imbibe zaco.
7Amasigarira y’aba Yakobo azobahagati mu mahanga menshink’urume ruvuye k’Uhoraho,nk’imvura iguye ku vyatsi,itarinda kurindira umuntu n’umwecanke ngo igire umuntu ayitegeka.8Amasigarira y’aba Yakobo azoba mu moko menshi,hagati mu mahanga menshi,nk’intambwe mu bikoko vyo mw’ishamba,nk’umugunza w’intambwe mu mikuku y’intama,iyo irenganye itabagura yongera isiribanga,ata muntu wo gutabara.9Ukuboko kwawe kuzoshirwa hejuru ngo kuneshe abansi bawe,kandi abakugwanya bazoherengetera.
10“Kuri uwo musi,” ni ko Uhoraho avuze,“Nzoherengeteza amafarasi hagati muri mwebwensambure imikogote yawe.11Nzosambura ibisagara vyo mu gihugu cawensenyurire hasi inzitiro zawe.12Nzoherengeteza ubupfumu bwawekandi ntuzosubira kuragura.13Nzoherengeteza ibigirwamana vyawen’inkingi z’amabuye zawe nzozikura muri wewe.Ntuzoba ucikubita imberey’ibikorwa vy’intoke zawe.14Nzorandura muri wewe inkingi za Asheraaho nzosamburira ibisagara vyawe.15Nzokwihorana uburake n’ubushangashirweamahanga atanyumviye.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e