Mika1

1Iri ni ijambo Uhoraho yatumye kuri Mika w’i Moresheti ku ngoma ya Yotamu n’iya Ahazi hamwe n’iya Hezekiya, abami b’i Buyuda, ngo avuge ivyo yeretswe kuri Samariya na Yerusalemu.
2Nimwumve, yemwe mahanga, nimwumve mwese;umviriza, ewe wa si we hamwe na mwebwe mwese abayibako,Uhoraho Nyeninganji ariko arabagiriza,Uhoraho avuga ari mu rusengero rwiwe rwera.

Urubanza ruciriwe Samariya na Yerusalemu

3Raba, Uhoraho ariko araza ava iwe;aramanutse aza kandi agendagenda ku dutwe tw’isi.4Imisozi ishongera musi y’ibirenge vyiwen’ibiyaya birasadaguritse,nk’ishashara ihuye n’umuriro,nk’amazi atemba ahamanuka.5Ivyo vyose ni kubera ukugabitanya kwa Yakobo,kubera ivyaha vy’ab’inzu y’Abisirayeli.Icaha ca Yakobo ni ikihe?Mbega si Samariya?Ikibanza co gusengeramwo ibigirwamana co ku mpinga z’umusozi ca Yuda ni ikihe?Mbega si Yerusalemu?
6“Nuko rero nzohindura Samariya habe ikigunguzi c’umusaka,ahantu ho kurima imizabibu.Nzotembagariza amabuye yaho mu mwongaamatanguriro yaho ndayasige agaragara.7Ibigirwamana vyaho vyose bizomenagurwa;amashikanwa y’ingoro zaho azotongorwa n’umuriro;nzosambura ibishushanyo vyaho vyose.Kuko vyavuye mu mashikanwa y’ingero z’abamaraya,bizokwongera gukoreshwa kandi nk’ingero z’abamaraya.”

Kurira no Kugandara

8Kubera ivyo nzorira mboroge;ngende gusa kandi ata birato nambaye.Nzobweja nk’imbwebwekandi nzokwabira nk’inyanana.9Kuko igikomere ca Samariya kidakira;carandagase gishika n’i Buyuda.Cashitse no kw’irembo ry’abantu banje,mbere n’i Yerusalemu ubwaho.10Ntimubibwire abansi b’i Gati;ntimurire na gatoya.Yemwe bantu b’i Beti-Leyafura,nimwikumbagaze mu mukungugu.11Nimurengane muri ubusa mumaramaye,yemwe ababa i Shafiri.Ababa i Zananintibazosohoka.Beti-Ezeli bari mu kigandaro;ntihakigukingira.12Ababa i Maroti bari mu gatengo,barindiriye ugutezurirwa,kuko ikiza cavuye k’Uhoraho,kigashika no kw’irembo ry’i Yerusalemu.13Yemwe ababa i Lakishi,nimubohere amafarasi anyaruka ku mikogote.Ni mwebwe mwatumye,umukobwa w’i Siyoni acumurakuko ibigabitanyo vya Isirayeli vyabonetse muri wewe.14Nuko rero muzosezeraMoresheti-Gati.Igisagara c’i Akizibu kizoba ivyizigiro vy’uruhendoku bami ba Isirayeli.15Nzozana uwuzobigarurirayemwe ababa i Maresha.Abanyacubahiro bo muri Isirayelibazohungira muri Adulamu.16Nimwimoshe inkomvorera mugandarekuko abana munezerererwa bafashwe;imitwe yanyu imere nk’iy’ikinyamwanira,kuko bazovanwa muri mwebwe bajanwe ari inyagano.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e