Matayo5

Yesu yigishiriza hejuru ku musozi

1Yesu abonye abantu baje ari benshi, aca aduga umusozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baramwegera,2aca atangura kubigisha. Abahirwe abo ari bo
Arababwira ati:
3“Hahiriwe abumva ko bakenye mu buryo bw’impwemu,kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.4Hahiriwe abarira,kuko ari bo bazohozwa.5Hahiriwe abaciye bugufi,kuko bazoragwa isi.6Hahiriwe abafise inzara n’inyota vyo kugororoka,kuko bazohazwa.7Hahiriwe abagira imbabazi,kuko na bo bazozigirirwa.8Hahiriwe abafise imitima itanduye,kuko bazobona Imana.9Hahiriwe abaharanira amahoro,kuko bazokwitwa abana b’Imana.10Hahiriwe abahamwa bahorwa ukugororoka,kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
11Namwe muzoba muhiriwe abantu nibabatuka, bakabahama, bakabavugako bababeshera ibibi vyinshi babampora.12Muze munezerwe kandi muhimbarwe kuko impera yanyu izoba ari nini mw’ijuru. Uko ni ko bahamye abavugishwa n’Imana babitangiye imbere.

Abizera ni umunyu n’umuco

13Muri umunyu mu bantu bo mw’isi. Ariko iyo umunyu utakaje uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? Nta co uba ukimaze atari ugutabwa hanze abantu bakawuhonyanga.
14Muri umuco mu bantu bo mw’isi. Igisagara kiri hejuru ku gasozi, ntigishobora kunyegezwa.15Ni ko bimeze no kw’itara, nta woridomeka ngo ace aryubikako igiseke. Ahubwo arishira ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abari mu nzu bose.16Uko ni ko mukwiye kureka umuco wanyu ukakira imbere y’abantu kugira ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, hanyuma bahimbaze So wo mw’ijuru.

Yesu avuga ibijanye n’Ivyagezwe

17Ntimwibaze ko nazanywe no gukuraho Ivyagezwe canke ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana. Oya sinazanywe no kubikuraho, ahubwo nazanywe no kubishitsa.18Ndababwire ukuri, igihe cose ijuru n’isi bizoba bikiriho, nta n’akadome na gatoya canke agakwabu ko mu Vyagezwe kazovako, kugeza ivyo vyagezwe bishikije intumbero yavyo.19Ni co gituma umuntu wese atazokurikiza ayo mabwirizwa naho ryoba ritoya ryo muri yo kandi akigisha abandi kutayakurikiza azoba uwa nyuma mu Bwami bw’ijuru. Ariko uwo wese azoyakurikiza akigisha n’abandi kuyakurikiza azoba mukuru mu Bwami bw’ijuru.20Ndababwire ukuri, ukugororoka kwanyu niyo kutaruta ukw’abigisha b’ivyagezwe n’ukw’Abafarisayo, ntimuzoruha mwinjira mu Bwami bw’ijuru.
21Mwarumvise ko ba sogokuruza bari barigishijwe ngo: ‘Ntukice, uwica wese azotsindwa n’urubanza’  ;22ariko jeho ndababwira ko umuntu wese ashavurira mwenewabo aba akwiye gucirwa urubanza kandi uwubwiye umuvukanyi ngo: Wa mburabwenge we, aba akwiye guhanwa n’abacamanza. Kandi uwubwiye umuntu ngo: Wa musazi we aba akwiye gutererwa mu muriro wa Gehinomu.
23Mu gihe rero uriko urashikanira Imana ikimazi ku gicaniro, ukibuka ko hariho ikintu upfa na mugenzawe,24siga ikimazi cawe ngaho imbere y’igicaniro, ubanze ugende wiyuzuze na mugenzawe hanyuma ugaruke utange ico kimazi.
25Nihagira umuntu aja kukwitwarira mu rubanza, wihutire kwiyuzuza na we mukiri mu nzira, kugira ngo ntagushikirize umucamanza hanyuma na we akagutanga ku mukuru w’ibohero, uwo na we akaguta mw’ibohero.26Ndakubwire ukuri, ntuzovayo utarishe n’igiceri ca nyuma umuheraniye.

Wopfuma utakaza igihimba kimwe c’umubiri hako ubura ijuru

27Mwarumvise ko vyavuzwe ngo: ‘Ntugasambane.’ 28Ariko jeho ndababwira nti umuntu wese araba umugore akipfuza gusambana na we aba yamaze gukora ico caha mu mutima.29Ijisho ryawe ry’i buryo niryatuma wipfuza, ukagwa mu caha, urikureyo urite kure yawe, kuko vyokubera vyiza kubura igihimba kimwe c’umubiri wawe hako umubiri wawe wose utabwa muri Gehinomu.30Ukuboko kwawe kw’i buryo nikwatuma ucumura, uguce ugute kure yawe, kuko vyokubera vyiza, kubura igihimba kimwe c’umubiri hako umubiri wawe wose utabwa muri Gehinomu.

Kwahukana ntikwemewe

31Vyaravuzwe mu vyagezwe ngo: ‘Umuntu niyirukana umugore wiwe, ategerezwa kumuha urwandiko rwemeza ko bahukanye.’ 32Ariko jeho ndababwira yuko umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi, aba amutumye gusambana kandi uwurongoye umugore yahukanye, na we aba asambanye.

Ntukarahire

33Kandi, mwarumvise ko ba sogokuruza babwiwe ngo: ‘Ntukivuguruze ku vyo warahiye, ariko ushitse ivyo wemereye Uhoraho.’34Ariko jeho ndababwiye nti, ntimukarahire na rimwe: ntimukarahire ijuru kuko ari yo ntebe y’Imana; kandi35ntimukarahire isi kuko ari yo ntebe y’ibirenge vyayo; ntimukarahire Yerusalemu kuko ari co gisagara c’Imana, Umwami asumba bose.36Kandi ntukarahire umutwe wawe kuko udashobora gutuma n’agashatsi na kamwe kawo kera canke kirabura.37Muvuge ngo ‘ego’ iyo ari ego canke ‘oya’ iyo ari oya, ibindi vyose wongerako biba bivuye kuri wa mubi.

Ntukihore abakugirira nabi

38Mwarumvise ko vyavuzwe mu vyagezwe ngo: ‘Ijisho rihorwe irindi, n’iryinyo rihorwe irindi.’ 39Ariko jeho ndababwiye nti: ntimukihore ababagirira nabi. Umuntu niyagukubita ikofe mu musaya w’i buryo, umuhindukirize n’uw’i bubamfu.40Kandi umuntu niyagomba kukuburanya kugira ngo akunyage ishati yawe, umuhebere n’ikoti na yo.41Umuntu niyagutegeka kugenda ikilometero n’amaguru umutwaje ibintu, ugende ibilometero bibiri.42Umuntu niyagusaba ikintu ukimuhe, kandi uwugomba ko umugurana ntumwirengagize.

Gukunda abansi

43Mwarumvise ko vyavuzwe mu vyagezwe ngo: ‘Ukunde mugenzawe ariko wanke umwansi wawe.’ 44Jeho ndababwiye nti: mukunde abansi banyu kandi musengere ababagirira nabi,45kugira ngo mumere nk’abana ba Data wo mw’ijuru, kuko atuma izuba ryiwe ryakira ababi n’abeza akagwishiriza imvura abagororotse n’abatagororotse.46Nimwakunda ababakunda gusa, n’igiki cotuma muhabwa impera n’Imana? Mbega abatozakori bo si uko babigenza?47Nimwaramutsa incuti zanyu gusa, ni igiki muzoba murushije abandi? Mbega abatizera Imana bo ntibabigenza batyo?48Nuko rero nimube intungane, nk’uko So wo mw’ijuru na we ari intungane!

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e