Matayo25

Umugani w’inkumi cumi

1Yesu abandanya avuga ati: “Ico gihe Ubwami bw’ijuru buzoba bugereranywa n’inkumi cumi zateguye amatara yazo ngo zije gusanganira umukwe.2Batanu muri bo bari abanyabwenge buke abandi batanu bari abanyabwenge.3Abo batanu b’abanyabwengebuke batwaye amatara yabo, ariko ntibajana amavuta.4Bamwe batanu b’abanyabwenge bobo batwaye amatara yabo, hamwe n’ayandi mavuta mu macupa.5Umukwe agitevye, bose bararambirwa, batangura gusinzira.
6Ijoro ryitereye, humvikana ijwi risemerera ngo: ‘Ng’uwo umukwe araje nimumusanganire.’
7Za nkumi zose ziravyuka zitunganya amatara yazo.8Ba banyabwengebuke babwira abanyabwenge bati: ‘Nimuduhe ku mavuta yanyu kuko amatara yacu agira azime.’
9Na bo barabishura bati: ‘Ntibishoboka kuko twohava tudakwirwa twese, ahubwo nimugende ku bayagurisha mwigurire.’
10Maze bagiye kugura ayo mavuta, umukwe aca arashika, abari biteguye binjirana na we mu musi mukuru w’ubukwe, hanyuma umuryango urugarwa.
11Mu nyuma, za nkumi z’abanyabwenge buke zigarutse, zihagarara hanze, zirahamagara ziti: ‘Nyakwubahwa, nyakwubahwa twugururire!’
12Na we arabishura ati: ‘Ndababwire ukuri, sindabazi!’
13Nuko rero mube maso, kuko mutazi umusi n’isaha.

Umugani w’ababikijwe ubutunzi

14Ubwami bw’ijuru bugereranywa kandi n’umuntu yafashe urugendo rwa kure. Imbere yo kugenda, ahamagara abakozi biwe abasigarana ubutunzi yari afise.15Uwa mbere amuha italanto zitanu, uwa kabiri amuha zibiri, uwa gatatu amuha imwe,  umwe wese amuha akurikije uko ashoboye gucuruza. Hanyuma afata urugendo.16Wa mukozi yaronka italanto zitanu, aragenda arazicururisha yunguka izindi zitanu.17N’uwahawe zibiri aragenda abigira gutyo nyene, yunguka izindi zibiri.18Ariko umwe yahabwa italanto imwe, aragenda yimba ikinogo mw’ivu, anyegezamwo ya talanto ya shebuja.
19Haheze igihe kirekire, shebuja aragaruka, ahamagara ba bakozi kugira ngo bamubwire ingene bakoresheje amahera yiwe.20Umwe yahabwa italanto zitanu azana izindi zitanu, avuga ati: ‘Databuja, wari wansigaranye italanto zitanu, none raba nungutse izindi zitanu.’
21Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’
22Uwari yasigaranywe italanto zibiri na we araza, avuga ati: ‘Databuja, wari wansigaranye italanto zibiri; none raba, nungutse izindi zibiri.’
23Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’
24Hanyuma umwe yasigaranwa italanto imwe na we araza, avuga ati: ‘Databuja, nari nzi ko uri umuntu agoye, wimbura aho utateye kandi wegeranya umwimbu aho utabivye imbuto.25Rero, naratinye nca ndagenda mpamba italanto yawe mw’ivu, none akira ivyawe.’
26Shebuja aramwishura ati: ‘Wa mukozi mubi kandi w’ikinebwe! Ko wari uzi ko nimbura aho ntateye kandi negeranya umwimbu aho ntabivye imbuto,27ni kuki utajanye amahera yanje ku bayadandarisha, kugira ngo ngarutse ndonke umutahe wanje n’inyugu yawo?’
28Ubwo nyene aca atanga itegeko ati: ‘Nimumwake n’iyo talanto yari afise, muyihe uwufise icumi.29Kuko uwufise azokwongererezwa asesekarizwe, ariko uwudafise azokwakwa n’ivyo yari afise.30Uwo mukozi w’imburakimazi na we nimumute hanze mu mwijima ahazoba amarira no gushinga amenyo ku yandi kubera umubabaro.’

Umugani w’impene n’intama

31Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji.32Amahanga yose azokoranira imbere yiwe, hanyuma arobanure abantu, nk’uko umwungere arobanura intama mu mpene.33Azoshira intama i buryo bwiwe, impene na zo azishire i bubamfu.
34Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa.35Kuko nari nshonje murangaburira, nari nyotewe mumpa ico kunywa, nari ingenzi mumpa indaro,36nagenda gusa muranyambika, nari ngwaye muza kunsuhuza, nari mw’ibohero muza kundaba.’
37Maze abagororotsi bazomwishura bati: ‘Mwami, twakubonye ryari ushonje turakugaburira, canke unyotewe tuguha ico kunywa?38Ni ryari twakubonye uri ingenzi tuguha indaro, canke ugenda gusa turakwambika?39Twakubonye ryari ugwaye canke uri mw’ibohero tuza kukuraba?’
40Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.’
41Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe.42Kuko nari nshonje ariko ntimwampa ivyokurya, nari nyotewe ntimwampa ico kunywa,43nari ingenzi ntimwampa indaro, nagenda gusa ntimwanyambika, naragwaye nja no mw’ibohero ntimwaza kundaba.’
44Na bo bazomwishura bati: ‘Mwami, ni ryari twakubonye ushonje, canke unyotewe, canke uri ingenzi, canke ugenda gusa, canke ugwaye, canke uri mw’ibohero ntitwagufasha?’
45Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mutabikoreye umwe muri aba bato, ni jewe mutabikoreye.’
46Hanyuma bazoca baja mu gihano c’ibihe bidashira, ariko abagororotsi bo bazoja mu bugingo budashira.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e