Mariko15

Yesu imbere ya Pilato

1Hakiri kare mu gatondo, abaherezi bakurubakuru hamwe n’abatware, n’abigisha b’ivyagezwe, ari bo bari bagize inama nkuru y’idini ry’Abayuda barakorana, bagira inama. Nuko baboha Yesu, bamujana kwa Pilato.
2Pilato aramubaza ati: “Woba uri umwami w’Abayuda?”
Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi we.”
3Maze abaherezi bakurubakuru bamurega ibirego vyinshi.4Pilato aramubaza ati: “Mbega nta co wishura? Mbega ntiwumva ivyo bakurega?”
5Ariko Yesu ntiyagira ico yishura, bituma Pilato atangara.
6Igihe cose mu misi mikuru ya Pasika, hari umugenzo wo kurekura imbohe abantu bisabiye.7Hariho umugabo yitwa Baraba yari mw’ibohero kuko we na bagenziwe bagirizwa ubwicanyi mu migumuko.8Nuko abantu baraza basaba Pilato kubarekurira imbohe nk’uko yari asanzwe abikora.
9Pilato arababaza ati: “Mushaka ko ndabarekurira Umwami w’Abayuda?”10Yari azi neza ko abaherezi bakurubakuru bamuzaniye Yesu kubera ishari.11Abaherezi bakurubakuru batangura kugumura abantu ngo basabe Pilato abarekurire Baraba mu kibanza ca Yesu.
12Pilato arababaza ati: “None uwo mwita umwami w’Abayuda ndamugire nte?”
13Barasemerera bati: “Nabambwe!”
14Pilato arababaza ati: “Kubera iki? Ni ikihe caha yakoze?”
Ariko barushiriza gusemerera bati: “Nabambwe!”
15Mu ntumbero yo kunezereza abantu benshi bari aho, Pilato arekura Baraba. Atanga itegeko ko bashishagura Yesu, hanyuma aramutanga kugira ngo bamubambe.

Abasoda bacokora Yesu

16Nuko abasoda bajana Yesu mu rugo rw’imbere; ni ukuvuga aho umutware w’Umuroma yakorera, bahamagara abandi basoda bagize umugwi wabo,17bamwambika ikanzu itukura, bajisha urugori rw’amahwa, barumwambika mu mutwe.18Nuko batangura kumucokora bati: “Turagize bwakeye, mwami w’Abayuda!”19Baguma bamukubita irenga mu mutwe, bamucirako amate. Bapfukama imbere yiwe bamushinyagurira ngo baramwubashe.20Bahejeje kumushinyagurira, bamwambura ya kanzu itukura basubira kumwambika impuzu ziwe, hanyuma bamujana kumubamba.

Babamba Yesu

21Bakiri mu nzira bagenda, bahura n’umugabo yitwa Simoni yari avuye mu mirima, bamutegeka gutwaza umusaraba Yesu. Simoni yava i Kurene kandi yari se wa Alegizandere na Rufu.22Nuko bashikana Yesu ahantu hitwa Gologota (bisigura “Ahantu h’Agahanga”).23Bagerageza kumuha umuvinyu w’inkarisha, ariko yanka kuwunywa.24Nuko baramubamba, bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo kugira ngo barabe iyo umwumwe wese yotwara.
25Igihe bamubamba hari nk’isaha zitatu z’igitondo.26Icandiko c’ibirego vyatumye abambwa cavuga ngo:
Umwami w’Abayuda.
27Ba basoda bongera babamba ibisuma bibiri i ruhande ya Yesu, kimwe i buryo, ikindi i bubamfu bwiwe. [28Uko ni ko Ivyanditswe vyashitse kuko vyavuga ngo: “Yaharuwe mu gitigiri c’inkozi z’ikibi.”] 29Abarengana bagenda baramutuka bamuzunguriza imitwe, bakamubwira bati: “Wewe wavuze ngo wosambura urusengero ukarwubaka mu misi itatu!30Ikize rero, wikure kuri uwo musaraba!”31N’abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe na bo bakamucokora, bavuga bati: “Yakijije abandi, ariko we ntashobora kwikiza!32Kristo, umwami w’Abisirayeli niyikure ku musaraba kugira ngo tubibone hanyuma tumwizere.” Na vya bisuma vyari bibambanywe na we na vyo biramutuka.

Urupfu rwa Yesu

33Kuva isaha zitandatu z’umurango, igihugu cose gitwikirwa n’umwijima gushika isaha icenda.34Isaha y’icenda ishitse, Yesu arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Eloyi, Eloyi, lema sabakitani?” bisobanurwa ngo: “Mana yanje, Mana yanje, ni kuki wampevye?” 
35Bamwe mu bari bahagaze aho baravuga bati: “Mwumvise? Ariko ahamagara Eliya!”
36Umwe ariruka afata sipongo ayijobeka mu nkarisha, ayishira kw’irenga, aca arariduza ku munwa wa Yesu kugira ngo amunyweshe, aravuga ati: “Reka turabe ko Eliya aza kumumanura, amukure ku musaraba.”
37Nuko Yesu araboroga, aca aracikana.
38Igitambara co mu rusengero gica gitabukamwo kubiri kuva hejuru gushika hasi.39Intwazangabo y’Umuroma yari ahagaze imbere ya Yesu, abonye ingene apfuye, aravuga ati: “Ni ivy’ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”
40Ico gihe hariho abagore babirabira kure. Muri bo harimwo Mariya Magadalena, Mariya nyina wa Yakobo mutoya na Yose, hamwe na Salome.41Abo bagore bagendana na Yesu igihe yari i Galilaya bakamushigikira. Hari n’abandi bagore benshi bari bazananye na we i Yerusalemu bari ngaho.

Bahamba Yesu

42Uwo musi wari uwo kwitegurira Isabato, ni ukuvuga buca haba Isabato. Nuko hageze ku mugoroba,43Yosefu w’i Arimataya, arahaguruka n’ubutwari bwinshi, aja kwa Pilato amusaba ikiziga ca Yesu. Uwo Yosefu yari umwubahwa mu bagize inama nkuru y’ubwoko bw’Abayuda kandi yari yiteze ukuza kw’Ubwami bw’Imana.44Pilato aca aratangara yumvise ko Yesu yamaze gucikana. Nuko ahamagara ya ntwazangabo y’Umuroma amubaza ko Yesu yamaze gupfa.45Na we amubwira ko ari vyo. Pilato aca aha uruhusha Yosefu rwo gutora ikiziga ca Yesu.46Maze Yosefu aca agura igitambara cera, akura ikiziga ca Yesu ku musaraba, akizingira muri ico gitambara cera, agishira mu mva yimbwe mu gitandara; aca atembagariza ikibuye kinini ku muryango wa ya mva arayugara.47Kandi ico gihe Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yose bariko bararaba aho bashize ikiziga ca Yesu.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e