Mariko11

Yesu yinjira i Yerusalemu nk’Umwami

1Bariko baregereza i Yerusalemu, Yesu n’abigishwa biwe bashika ahitwa Betifage n’i Betaniya ku Musozi wa Elayono. Yesu atuma babiri mu bigishwa biwe,2arababwira ati: “Nimugende muri iriya mihana iri imbere yanyu; nimwashikayo, murahasanga inyana y’indogoba iziritse ata muntu n’umwe arayigenderako. Muce muyizitura muyizane hano.3Nihagira uwubabaza ati: ‘Ivyo mukora ni ibiki?’ Mumwishure muti: ‘Umwami arayikeneye’ kandi aca ayibasubiza adatevye.”
4Nuko baragenda basanga inyana y’indogoba ihagaze mu nzira, iziritse imbere y’irembo. Bariko barayizitura,5bamwe mu bantu bari bahagaze aho barababaza bati: “Ivyo mukora ni ibiki? Kuki muzitura iyo nyana y’indogoba?”6Na bo babishura nk’uko Yesu yababwiye, maze barabareka barayijana.7Nuko baca bayizanira Yesu, bayisasako impuzu zabo, na we ayicarako.8Maze abantu benshi basasa impuzu zabo mu nzira, abandi na bo basasa amashami y’ibiti baciye ku misozi.9Abari imbere ya Yesu n’abari inyuma yiwe bagenda barasemerera bavuga bati:“Hozana!” “Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!” 
10“Hahezagirwe ubwami bwa sogokuruza Dawidi buje!”“Hozana hejuru mw’ijuru!”
11Nuko Yesu ashitse mu gisagara i Yerusalemu, aja mu rusengero. Amaze kwihweza ivy’aho, aca arasohoka asubirana i Betaniya na bamwe cumi na babiri, kuko bwari bwije.

Yesu avuma igiti c’umusukoni

12Ku musi ukurikira, bariko baragenda bava i Betaniya, Yesu yumva arashonje.13Akiri kure abona igiti c’umusukoni gitotahaye, aca aja kuraba ko hari ivyamwa gifise. Agishikiriye ntiyagira icamwa agisangako, atari amababi kuko kitari igihe caco co kwama.14Maze abwira ico giti ati: “Ntugasubire kwama na rimwe!”Ivyo yabivuze abigishwa biwe bumva.
15Yesu ashitse i Yerusalemu, yinjira mu rusengero atangura kwirukana abadandaza n’abariko barabagurira. Ahenagura imeza z’abavunja amahera hamwe n’intebe z’abadandaza inuma,16ntiyemerera umuntu n’umwe kwinjiza ibidandazwa mu rusengero.17Nuko aca arabigisha ati: “Mbega Ivyanditswe ntibivuga ngo: ‘Inzu yanje izoba iyo gusengerwamwo n’amahanga yose’  ? Ariko mweho mwayihinduye ‘ubwihisho bw’ibisuma.’  ”
18Abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe bavyumvise baca batangura kurondera ingene bomwica. Ariko baramutinya kuko abantu bakunda cane inyigisho ziwe.
19Bugorovye, Yesu n’abigishwa biwe barasohoka bava mu gisagara.
20Bukeye mu gitondo, bariko baragenda, babona ca giti c’umusukoni Yesu yavuma cumye kuva mu mizi.21Petero aca aravyibuka maze abwira Yesu ati: “Mwigisha, ehe ca giti wavuma cumye!”
22Yesu aca ababwira ati: “Mukomere mu kwizera Imana.23Ndababwire ukuri, umuntu yobwira uwu musozi ati: ‘Shinguka, witerere mu kiyaga,’ avyizeye adakekeranya mu mutima wiwe ariko yizeye ko ivyo avuze biba, vyogenda nk’uko yabisavye.24Ni co gituma ndababwira ko ico muzosaba cose mu gusenga, mukwiye kwizera ko mwamaze kukironka, kandi Imana izokibaha.25Ariko imbere y’uko mutangura gusenga, mubanze muharire umuntu wese yabacumuyeko, kugira ngo So wo mw’ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu.[26Ariko nimutaharira abandi, na So wo mw’ijuru ntazobaharira ivyaha mwakoze.] ” 

Babaza Yesu aho ubushobozi bwiwe buva

27Nuko Yesu n’abigishwa biwe basubira i Yerusalemu. Yesu ariko aragendagenda mu rusengero, abaherezi bakurubakuru, abigisha b’ivyagezwe, n’abakuru b’Abayuda baza aho ari,28baramubaza bati: “Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?”
29Yesu arabishura ati: “Reka nanje ndababaze ikibazo kimwe; munyishure, nce ndababwira aho ububasha butuma nkora ibi buva.30Mbega umubatizo wa Yohana wavuye mw’ijuru ku Mana canke ku bantu? Nimunyishure.”
31Baravugana hagati yabo bati: “Nitwavuga tuti: ‘Wavuye mw’ijuru,’ ahava atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’32Kandi ntitwovuga tuti: ‘Wavuye ku bantu.’ ” Kuko baratinya isinzi ry’abantu bari aho, kuko abantu bose baremera ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.
33Ni ko kwishura Yesu bati: “Ntituzi aho wavuye.”
Na we aca ababwira ati: “Nanje sindababwira aho ububasha butuma nkora ibi buva.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e