Luka16
Umugani w’umunyabigega asesagura
1Inyuma y’aho Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Habaye umutunzi yari afise umunyabigega asesagura.2Umusi umwe aramuhamagara, amubaza ati: ‘Ivyo ndakwumvako ni ibiki? Harura ivyo nakujeje ubinsubize, kuko ntukibereye kuzezwa ubutunzi bwanje.’3Wa munyabigega aca aribaza ati: ‘Mbega ndabigenza gute ko databuja agira ankure mu kazi? Nta nkomezi mfise zo kurima, kandi gusega vyontera isoni.4Ndatoye ico ngiye gukora, kugira ngo ninava muri aka kazi, abantu bazompe indaro.’5Maze ahamagara abo yahaye amadeni bose. Uwa mbere amubaza ati: ‘Databuja umuheraniye ibingana gute?’6Na we yishura ati: ‘Utugunguru ijana tw’amavuta ya elayo.’Wa munyabigega aca amubwira ati: ‘Akira urupapuro wandike utugunguru mirongo itanu.’7Abaza uwa kabiri na we ati: ‘Databuja umuheraniye ibingana gute?’
Na we yishura ati: ‘Ingero ijana z’ingano.’
Aca amubwira ati: ‘Akira urupapuro wandike mirongo umunani.’8Maze shebuja ashima urwenge uwo munyabigega asesagura yakoresheje. Ni ko n’abana b’iyi si bazi ubwenge bwo kwitunganiriza ivy’ubuzima kurusha abana b’umuco.9Umve ndababwire: Ubutunzi bwanyu bwo mw’isi nimubukoreshe mu kwironderera abagenzi, kugira ngo nibwahera muzokwakirwe mu mazu y’ibihe bidashira.10Uwubaye umwizigirwa muri bike azozezwa vyinshi, kandi uwuzotakaza ubwizigirwa muri bike azobutakaza no muri vyinshi.11None mutabaye abizigirwa mu vy’ubutunzi bwa hano kw’isi, ni nde yobazeza ivy’ubutunzi nyakuri?12Kandi mutabaye abizigirwa mu gutunganya ivy’ubutunzi bw’abandi, ni nde azobaha ubutunzi mwiganzira?13Nta mukozi n’umwe yoshobora gushimisha abakoresha babiri: agerageje kunezereza umwe, yosanga yababaje uwundi; kandi agerageje kuba umwizigirwa kuri umwe, yosanga yahemukiye uwundi. Ntimushobora gukoreshwa n’Imana ngo mwongere mukoreshwe n’amahera.”14Abafarisayo, kubera ko bakunda amahera cane, bumvise ivyo vyose baca baramutwenga.15Na we arababwira ati: “Mwebwe mwigira abagororotsi mu maso y’abantu, ariko Imana irazi imitima yanyu. Kuko ivyo abantu baha agaciro kanini ari ibisesema imbere y’Imana.
Izindi nyigisho
16Igihe c’ivyagezwe n’abavugishwa cagarukiye kuri Yohana. Kuva ico gihe, Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami bw’Imana buravugwa, kandi umuntu wese agerageza kugwana ngo abwinjiremwo.17Ariko biroroshe cane ko ijuru n’isi bikurwaho, hako agakwabu ko mu vyagezwe kokurwaho.18Umugabo yirukanye umugore wiwe hanyuma akarongora uwundi mugore aba asambanye, kandi umugabo arongoye umugore yahukanye, na we aba asambanye.Umugani w’umutunzi n’umworo yitwa Lazaro
19Habaye umutunzi yama yambaye mpuzu nziza z’igiciro kinini, kandi mu buzima bwiwe bwa misi yose yibera mu misi mikuru.20Kw’irembo ryiwe hama haryamye umukene yitwa Lazaro, asega.21Umubiri wiwe wari wuzuye ibikomere, akama yipfuza utwo kurya dukorotse tuva ku meza y’uwo mutunzi, mbere n’imbwa zama ziza kurigata ivyo bikomere vyiwe.22Igihe carageze uwo mworo arapfa, maze abamarayika baraza bamudugana mu gikiriza ca Aburahamu. Mu nyuma, wa mutunzi na we nyene arapfa, arahambwa,23Ariko arababarizwa i kuzimu, yunamura amaso abona Aburahamu ari kure cane, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.24Wa mutunzi arasemerera ati: ‘Data Aburahamu, ngirira ikigongwe, urungike Lazaro, akoze isonga ry’urutoke rwiwe mu mazi, ampfuvye ku rurimi kuko ndiko ndababarizwa cane muri uno muriro.’25Ariko Aburahamu aramwishura ati: ‘Mwana wanje, ibuka ingene mu buzima bwawe kw’isi waronse ivyo wipfuza vyose, Lazaro na we aba mu magorwa menshi. Ubu, ariko arahozwa amarira, na we uri mu mibabaro.26Kandi uretse n’ivyo, hagati yacu na wewe hari imanga nini ku buryo ata wushobora kuva ino ngo aze iyo, kandi ata n’uwushobora kuva hiyo ngo aze ino.’27Wa mutunzi arishura ati: ‘Ndakwinginze data Aburahamu, rungika Lazaro agende mu muryango kwa data.28Ndafise abo tuvukana batanu, nshaka ko agenda kubaburira kugira ngo na bo ntibazoze hano hantu ho kubabarizwa.’29Aburahamu aramwishura ati: ‘Bafise ivyagezwe vya Mose n’ivyanditswe n’abavugishwa; nibabikurikize.’30Wa mutunzi na we ati: ‘Oya data Aburahamu, ivyo ntibikwiye. Kumbure hagize uwugenda avuye mu bapfuye bokwihana.’31Ariko Aburahamu aramwishura ati: ‘Batumviye Mose n’abavugishwa n’Imana, nta wundi bokwumvira, n’aho yoba azutse mu bapfuye.’ ”Biblica, Inc.