Abacamanza8

Zeba na Zalimuna

1Abo mu muryango wa Efurayimu babaza Gidiyoni bati: “Mbega ni iki watugaye catumye udufata uko? Ni kubera iki utaduhamagaye ngo tujane igihe waja gutera Abamidiyani?” Baramwidodombera cane.
2Ariko arabishura ati: “Mbega jewe maze iki mungereranije na mwebwe? Mbega imizabibu mwebwe Abefurayimu musiga yo guhumba ntisumba umwimbu wose w’Abiyezeri?3Imana yarekuriye Orebu na Zeyebu, abarongozi b’Abamidiyani, mu maboko yanyu. Jewe ni igiki nakoze gihwanye n’ico mwakoze?” Ababwiye ivyo, imyidodombo yabo ica iragabanuka.
4Gidiyoni na bamwe amajana atatu bari kumwe bararuha, ariko baguma bakurikira umwansi wabo, bashika kuri Yorodani bararujabuka.5Gidiyoni abarira abantu b’i Sukoti ati: “Ndabasavye mumpere abasoda ivyokurya kuko bararushe. Ndiko nkurikira Zeba na Zalimuna, abami b’Abamidiyani.”
6Ariko abatware b’i Sukoti bamwishura bati: “Mbega aho tubaha ivyokurya, Zalimuna na Zeba mwabafashe? Abasoda bawe tubahera indya iki batarabafata?”
7Gidiyoni arabishura ati: “Ko munyishuye uko, Uhoraho niyamara kurekurira Zeba na Zalimuna mu maboko yanje, mwebwe nzobahindukirira imibiri yanyu ndayishishaguze amahwa yo mw’ishamba n’imibambangwe.”
8Bavuye aho baca baduga i Peniyeli, basaba ivyokurya gutyo nyene, ariko abantu baho babishura nk’ab’i Sukoti.9Gidiyoni aca abwira abantu b’i Peniyeli ati: “Ninagaruka nzanye intsinzi nzosambura uwu munara.”
10Zeba na Zalimuna bari i Karukori bari kumwe n’abasoda ibihumbi cumi na bitanu. Abo ni bo bari basigaye muri abo basoda bo mu buseruko bose bari bagiye hamwe, kuko abandi ibihumbi ijana na mirongo ibiri bari bamaze kugwa ku rugamba.11Nuko Gidiyoni afata ibarabara ryo mu buseruko bwa Noba na Yogibeha, ahasanga izo ngabo arazitera giturumbuka.12Zeba na Zalimuna, abami babiri b’Abamidiyani, barahunga, ariko aboma inyuma, arabafata, afata n’abasoda babo bose.
13Gidiyoni mwene Yowashi aragaruka avuye ku rugamba, aca mu nzira ya Heresi.14Afata umusore ava i Sukoti, uwo musore amwandikira amazina y’abatware mirongo indwi ba Sukoti, ari bo bakuru b’ico gisagara.15Maze Gidiyoni abwira abantu b’i Sukoti ati: “Ngaba Zeba na Zalimuna, abo mwanshinyaguriza, muvuga muti: ‘Mbega Zeba na Zalimuna mwabafashe? Ni kubera iki twoha ivyokurya abantu bawe barushe?’ ”16Gidiyoni aca afata ba batware b’igisagara, arabahana, abashishaguza amahwa yo mw’ishamba n’imibambangwe.17Yongera asenyura umunara w’i Peniyeli, yica n’abatware b’ico gisagara.
18Aca abaza Zeba na Zalimuna ati: “Abantu mwishe i Tabori bari bameze gute?”
Na bo barishura bati: “Bari abantu bameze nk’uko kwanyu, basa n’abana b’abami.”
19Gidiyoni ababwira ati: “Barya bari abavukanyi banje, abahungu bavuka kuri mama. Ndabarahiye Uhoraho, iyo muba mutabishe, nanje sinari kubica.”20Aca ahindukirira Yeteri umuhungu wiwe w’imfura, amubwira ati: “Bice!” Ariko Yeteri aratinya gufata inkota yiwe kuko yari akiri muto, ahinda agashitsi.
21Zeba na Zalimuna bavuga babwira Gidiyoni bati: “Twiyicire wewe nyene, ibigumye bikora abagabo.” Nuko Gidiyoni ava hasi arabica, aca yambura ingamiya zabo ibitako vy’inyambarabami ku mazosi yazo.

Efodi ya Gidiyoni

22Inyuma y’ivyo, Abisirayeli babwira Gidiyoni bati: “Nabe ari wewe udutwara! Abana bawe n’abuzukuru bawe bazobe abatware bacu kuko wadukuye mu maboko y’Abamidiyani.”
23Ariko Gidiyoni ababwira ati: “Sinzobatwara kandi n’abana banje ntibazobatwara. Uhoraho ni we azoguma abatwara.”24Yongera ababwira ati: “Ndafise ikintu kimwe ndabasaba: umwe wese muri mwebwe ampe ihereni rimwe ku yo mwanyaze.” (Wari umugenzo mu bo kwa Ishimayeli kwambara amahereni y’inzahabu.)
25Baramwishura bati: “Turemeye kuriguha ata kagobero.” Nuko basanza umutamana hasi, umuntu wese atererako ihereni rimwe mu yo yanyaze.26Amahereni y’inzahabu yaronse yapima shekeli igihumbi n’amajana indwi, ukuyemwo ibisharizo vy’inyambarabami vy’ingamiya, utugenegene two kwambara tw’inzahabu, n’impuzu z’agahama zambarwa n’abami b’Abamidiyani.27Izo nzahabu Gidiyoni azikoramwo efodi ayishira muri Ofura, mu gisagara ciwe. Ariko ubwo nyene Abisirayeli baca bakora ubusambanyi mu kuyisenga, ivyo bica biba umutego kuri Gidiyoni n’umuryango wiwe.

Urupfu rwa Gidiyoni

28Uko ni ko Abisirayeli banesheje Abamidiyani, barabaganza, ntibapfa basubiriye kubiganzura. Mu yindi myaka mirongo ine Gidiyoni yabayeho, Isirayeli yari mu mahoro.
29Yerubayali mwene Yowashi aca asubira i muhira iwe.30Yari afise abahungu mirongo indwi yivyariye, kuko yari afise abagore benshi.31Umugore wiwe yaba i Shekemu na we nyene yamuvyayeko umwana w’umuhungu, amwita Abimeleki.32Gidiyoni mwene Yowashi apfa ashaje cane, bamuhamba hamwe na se Yowashi muri Ofura, mu muryango w’Abiyezeri.
33Gidiyoni agipfa, Abisirayeli baciye basubira gusambana mu gusenga za Bayali, bahagarika Bayali-Beriti nk’imana yabo,34bibagira Uhoraho Imana yabo yabarokoye mu maboko y’abansi bari babakikuje.35Kandi ikigeretseko, ntibigeze bafata neza umuryango wa Yerubayali ari we Gidiyoni ku bw’ivyiza vyose yabakoreye.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e