Abacamanza5
Indirimbo ya Debora
1Uwo musi Debora na Baraki mwene Abinowamu baca bariririmba indirimbo bavuga bati:2“Nimuhimbaze Uhoraho,kuko habonetse intwari zirongora Isirayeli,abantu bakitanga batagoberewe.3Nimwumve yemwe bami, mutege amatwi namwe batware!Ngira ndirimbire Uhoraho,ncurarangire Uhoraho, Imana ya Isirayeli.4Ewe Uhoraho, igihe wava i Seyiri,ukagendagenda uvuye mu ntara ya Edomu,isi yaratigise, ijuru rirajojota,ibicu bisesa amazi.5Imitumba yanyiganyigiye imbere y’Uhoraho, Imana y’i Sinayi,imbere y’Uhoraho Imana ya Isirayeli ni ho yatigitiye.6Mu gihe ca Shamugari mwene Anati, no mu gihe ca Yayeli,abantu ntibari bagica mu mabarabara,n’ingenzi zaca mu tuyira dutoduto duca kure.7Abo mu bisagara vya Isirayeli ntibashobora kugwana;gushika aho jewe Debora mpagurukiye,mpaguruka nk’umuvyeyi wa Isirayeli.8Igihe bihitiramwo izindi mana,intambara yinjiye mu marembo y’igisagara,nta nkinzo canke icumu ryaboneka mu Bisirayelimu bihumbi mirongo ine vy’ingabo.9Umutima wanje uri kumwe n’abarongozi ba Isirayeli,n’abitanze bo mu bwoko ngo baje mu ntambara.Uhoraho nashimwe!10Yemwe abagendera ku ndogoba z’igitare,na mwebwe mwiyicariye ku mikeka myiza,namwe mugendera mu mabarabara,nimutege amatwi11indirimbo z’abungere bari ku ngomero.Bavuga intsinzi ziva ku kugororoka kw’Uhoraho,hamwe n’intsinzi y’Abisirayeli.Maze abantu baca baramanuka,baja ku marembo y’ibisagara.12Kanguka, kanguka Debora!Kanguka, shirako uririmbe!Kanguka, yewe Baraki!Gira imbohe abanyagano bawe, yewe mwene Abinowamu!13Amasigarira y’abubahwa baramanutse,ubwoko bw’Uhoraho bwaje aho ndi ngo buhangane n’abanyenkomezi.14Bamwe baje bava mu ba Efurayimu, abatsinze Amaleki;Ababenyamini bari kumwe nawe bagukurikiye.Abakuru mu basoda bamanutse bava i Makiri,abatanga amategeko na bo bamanutse bava mu Bazebuloni.15Abaganwa ba Isakari na bo bari kumwe na Debora;ni ivy’ukuri aba Isakari bari kumwe na Baraki,barungikwa mu biyaya barongowe na we.Mu karere ka Reyubenivyaranse ko bafata ingingo baguma mu mpari.16Ni kuki mwigumiye mu mpongore z’intamango mwumvirize urwamo rw’imikuku?Mu bakomoka kuri ReyubeniVyaranse ko bafata ingingo.17Ab’i Gileyadi bigumiye hakurya ya Yorodani.Kandi ni kuki abakomoka kuri Dani, bigumiye mu mato yabo?Abakomoka kuri Asheri bagumye bicaye ku nkengera z’ikiyaga,bisigarira mu bivuko vyabo.18Abakomoka kuri Zebuloni bashize ubuzima bwabo mw’irinde;n’abakomoka kuri Nafutali na bo bahangana n’urugamba mu misozi.19Abami baraje baragwana,abami b’i Kanani baragwanye.I Tanaki, hafi y’amazi y’i Megido,nta feza bashoboye kunyaga.20Inyenyeri zo kw’ijuru zaragwanye,zajanye inzira zazo zigwanya Sisera.21Uruzi Kishoni rwarabatwaye bose,uruzi rwa kera cane, uruzi Kishoni!Komera, mushaha wanje, gira inkomezi!22Hanyuma humvikanye urwamo rw’ibinono vy’amafarasi,zigenda zirasimbagurika ku binono vyazo vy’inkomezi.23Umumarayika w’Uhoraho ati: ‘Vuma Merozi.N’abantu baho bavumwe bikomeye,kuko bataje gufasha Uhoraho,gufasha Uhoraho kugwanya abanyenkomezi.’24Yayeli aragahezagirwa kurusha abandi bagore bose,Yayeli umugore wa Heberi Umukayini,ahezagirwe kurusha abagore bose baba mu mahema.25Yamusavye amazi, ariko we amuha amata;igikombe kibereye abubahwa ni co yamuzaniyemwo urubu.26Hanyuma agorora ukuboko kwiwe afata urumambo rw’ihema;ukuboko kwiwe kw’i buryo gufata inyundo y’umwubatsi.Yahonze Sisera, amumena umutwe,yaramusabije agahanga aragatobekeranya.27Imbere y’ibirenge vyiwe Sisera arayama,aratemba, ararambarara.Imbere y’ibirenge vyiwe arayama, aratemba;aho yayamiye, ni ho yatemvye, aracikana.28Nyina wa Sisera yagumye arabira mw’idirisha;mu ntoboro zaryo agasemerera ati:‘Ni kuki umukogote wiwe utevye gushika?Ni kuki umurindi w’imigote yiwe utevye kwumvikana?’29Abagore b’incabwenge baramwishura;na we aguma yibwira ati:30‘Mbega ntibakiriko baratora bongera bagabura isahu:umugabo umwe wese afata umugore umwe canke babiri,impuzu z’amabara nk’isahu rya Sisera;impuzu z’amabara zisharijwe ku mpande,impuzu zisharijwe cane ku rundi ruhande,izo nzokwambara mw’izosi,izo zose zivuye mw’isahu.’31Uhoraho, abansi bawe bose baragahona!Ariko abagukunda bose barakamera nk’izubaiyo riserukanye inkomezi zaryo.”Nuko igihugu kimara imyaka mirongo ine kiri mu mahoro.Biblica, Inc.