Abacamanza11
1Hari umugabo yitwa Yefuta yari Umunyagileyadi, yari umugwanyi akomeye cane. Se yitwa Gileyadi, nyina akaba maraya.2Umugore wa Gileyadi yari yaravyaye n’abandi bahungu, bamaze gukura birukana Yefuta, bamubwira bati: “Nta ragi na ritoya uzoronka muri uwu muryango, kuko wavutse kuri maraya.”3Yefuta aca ahunga benewabo, aja kuba mu ntara ya Tobu, aho yasanze umugwi w’abantu b’inyererezi b’inkozi z’ibibi, baramukurikira.4Haheze igihe, Abamoni bateye Isirayeli,5abatware b’i Gileyadi batumako Yefuta mu ntara ya Tobu.6Bamubwira bati: “Ingo utubere umugabisha w’ingabo, kugira ngo dushobore kugwanya Abamoni.”7Yefuta arabishura ati: “Mbega ntimwanyanse, mukanyirukana mu nzu ya data? Ubu rero muraje kundondera ko muri mu magorwa!”8Abatware b’i Gileyadi baramubwira bati: “Ni wewe duhanze amaso! Niwaturongora muri iyi ntambara, tukagwanya Abamoni tukabatsinda, tuzokugira uwutwara ababa i Gileyadi bose.”9Yefuta arabishura ati: “Hinge twumvikane neza. Hamwe nje kugwanya Abamoni, hanyuma Uhoraho akabarekurira mu maboko yanje, muremera neza ko nzoca mba umutware wanyu?”10Ba batware bamwishura bati: “Uhoraho ni we cabona cacu. Turemeye ko tuzobikora uko nyene ubivuze.”11Nuko Yefuta ajana n’abo batware b’i Gileyadi, bamugira umugabisha w’ingabo zose. Ageze i Misipa imbere y’Uhoraho Yefuta asubiramwo ya majambo yose yavugana n’abatware.12Yefuta arungikira intuma umwami w’Abamoni, amubaza ati: “Mbega uturonderako iki ko uteye igihugu cacu?”13Umwami w’Abamoni na we yishura intumwa ya Yefuta ati: “Igihe Isirayeli yaduga iva muri Egiputa, banyaze intara yanje kuva ku ruzi Arunoni gushika kuri Yaboki, ukabandanya no gushika kuri Yorodani. None rero nimuhansubize mu mahoro n’umutekano.”14Yefuta asubira kurungika intumwa ku mwami w’Abamoni15avuga ati:
“Uku ni ko Yefuta avuze: Isirayeli ntiyanyaze intara ya Mowabu canke y’Abamoni.16Ariko igihe bava muri Egiputa, Abisirayeli baciye mu bugaragwa baja ku Kiyaga Gitukura barabandanya bashika i Kadeshi.17Hanyuma barungikira intumwa umwami wa Edomu bamubwira bati: ‘Twemerere duce mu gihugu cawe.’ Ariko umwami wa Edomu ntiyatwemerera. Bongera barungika intumwa ku mwami wa Mowabu, na we nyene aranka. Abisirayeli baca baguma i Kadeshi.18Bavuye aho baciye baca mu bugaragwa, bazunguruka intara za Edomu na Mowabu, baca baja mu buseruko bw’igihugu ca Mowabu, bashinga amahema yabo i ruhande y’uruzi Arunoni. Ntibigeze binjira mu ntara ya Mowabu kuko Arunoni ni rwo rwari urubibe rwaho.19Nuko Abisirayeli barungika intumwa kuri Sihoni umwami w’Abamori yaba i Heshiboni, zimubwira ziti: ‘Twemerere duce mu guhugu cawe kugira ngo dushike mu gihugu cacu.’20Ariko Sihoni ntiyizera ivyo Abisirayeli bavuze, ababuza guca mu guhugu ciwe. Aca akoranya ingabo ziwe zose zija i Yahiza kugwanya Abisirayeli.21Maze Uhoraho Imana ya Isirayeli arekurira Sihoni n’ingabo ziwe mu maboko y’Abisirayeli, barabanesha. Abisirayeli baca bafata intara yose y’Abamori baba muri ico gihugu,22bagifata bahereye kuri Arunoni gushika kuri Yaboki, no kuva mu bugaragwa gushika kuri Yorodani.23Urabona rero ko ari Uhoraho Imana ya Isirayeli yafashe iyo ntara y’Abamori iyiha Isirayeli. None ni iki cotuma tuyibasubiza?24Mbega mweho ntimugumya ico Kemoshi imana yanyu yabahaye? Natwe ico Uhoraho Imana yacu yaduhaye cose turakigumya.25Mbega usumba Balaki mwene Zipori, umwami w’i Mowabu? Yarigeze atongana n’Abisirayeli canke ngo abagwanye?26Haheze imyaka amajana atatu Abisirayeli baba i Heshiboni, muri Aroweri no mu micungararo yaho, hamwe no mu bisagara biri ku nkengera ya Arunoni. None ubu ni ho uje kubibohoza?27Nta kibi nabakoreye, ariko ni wewe ugize nabi kuza kuntera. Uhoraho we mucamanza, abe ari we acira urubanza Abisirayeli n’Abamoni.”28Ariko umwami wa Amoni ntiyitaho ubwo butumwa Yefuta yamurungikiye.29Ico gihe Mpwemu w’Uhoraho aza kuri Yefuta, ajabuka Gileyadi na Manase, aca i Misipehi h’i Gileyadi, avuye aho aca ayobora abasoda baja gutera Abamoni.30Yefuta asezeranira Uhoraho ati: “Niwampa intsinzi ku Bamoni,31ikija gusohoka kunsanganira ntahanye intsinzi ku Bamoni kizoba ari ic’Uhoraho, nza kugishikana nk’ishikanwa rituriwe.”32Nuko Yefuta aja kugwanya Abamoni, Uhoraho amuha intsinzi kuri bo.33Asambura ibisagara mirongo ibiri kuva Aroweri gushika mu bisagara vya Miniti no muri Abeli-Keramimu. Maze Abisirayeli banesha Abamoni.34Yefuta agarutse i muhira i Misipa, ntihagira uwundi aza kumusanganira atari umukobwa wiwe, aza atambatamba ku gashako k’ingoma. Ni we mwana yari afise wenyene; nta wundi muhungu canke umukobwa yari afise.35Amubonye yitaburirako impuzu, asemerera ati: “Ewe mwana wanje urakankoreye! Urankwegeye amahano! Kuko nasezeraniye Uhoraho kandi sinisubirako.”36Na we amwishura ati: “Data, nimba hari ico wasezeraniye Uhoraho, ngira uko wasezeranye kuko Uhoraho aguhaye intsinzi nini ku bansi bawe, ari bo Bamoni.37Ariko unyemerere iki kimwe gusa: umpe amezi abiri, nduge mu mitumba nje kurirana n’abagenzi banje kuko nzopfa ntarongowe.”38Yefuta aramubwira ati: “Nugende.” Aramureka aragenda amarayo amezi abiri. We na bagenzi biwe baduga mu mitumba bararira kuko azopfa atarongowe.39Amezi abiri aheze, aca agaruka kwa se, na we amugira nk’uko yari yarasezeranye. Yapfuye ari inkumi.
Vyahavuye biba umugenzo mu Bisirayeli40igihe cose uko umwaka utashe, inkumi z’Abisirayeli zarava mu gisagara zikamara imisi ine zibuka umukobwa wa Yefuta, Umunyagileyadi.

Biblica, Inc.