Yosuwa16
Intara zahawe Efurayimu na Manase
1Itongo ryahawe uruvyaro rwa Yosefu ryava kuri Yorodani, mu buseruko bw’amariba y’i Yeriko, rugaca mu bugaragwa mu ntara irimwo imisozi miremire ya Beteli.2Ruvuye i Beteli ari ho i Luzi, rwaca rujabuka rukaja mu ntara y’Abaruki muri Ataroti,3rukamanuka ruja mu burengero mu ntara y’Abafuleti rugashika mu ntara ya Beti-Horoni mu bumanuko, rukabandanya n’i Gezeri, rugashika ku Kiyaga Mediterane.4Iryo ni ryo tongo ryahawe imiryango y’abahungu ba Yosefu, ari bo Manase na Efurayimu.5Aha ni ho Efurayimu yahawe, ukurikije abakuru b’inzu zigize uwo muryango: Urubibe rw’umugabane bahawe rwava muri Ataroti Adari mu buseruko kuduga kugeza ruguru i Beti-Horoni,6rukabandanya kugeza ku Kiyaga Mediterane. Ruvuye i Mikimetati mu buraruko, rwaca ruhindukira rukaja mu buseruko ahitwa Tanati Shilo, ruciye mu buseruko bwa Yanowa.7Hanyuma rwaca rumanuka ruva i Yanowa ruja i Ataroti n’i Nayara, rugaca i Yeriko rugashika kuri Yorodani.8Ruvuye i Tapuwa, rwaca ruja mu burengero kw’isumo ry’i Kana rugashika ku Kiyaga Mediterane. Iryo ni ryo ragi umuryango w’Abefurayimu wahawe ukurikije abakuru b’inzu zigize uwo muryango.9Bari bahawe kandi n’ibisagara vyose n’imihana yari ibikikuje vyari vyabikiwe Abefurayimu mu mugabane w’abo kwa Manase.10Ntibirukanye Abanyakanani baba i Gezeri, gushika n’ubu Abanyakanani baracabana n’Abefurayimu, ariko babakorera nk’abaja.Biblica, Inc.