Yosuwa12

Abami batsinzwe bo mu buseruko bwa Yorodani

1Aba ni bo bami b’ibihugu Abisirayeli banesheje bagafata ibihugu vyabo biri mu buseruko bwa Yorodani, uvuye ku kagezi k’uruzi Arunoni ugashika ku musozi Herumoni, harimwo igice c’amaja mu buseruko bw’ikiyaya Araba.
2Sihoni umwami w’Abamori yaba i Heshiboni. Yaganza kuva i Aroweri ku nkengera y’akagezi k’uruzi Arunoni ugashika ku ruzi Yaboki, ari na rwo rwari urubibe rw’Abamoni. Aho harimwo n’igice c’intara ya Gileyadi.3Yatwara kandi no mu buseruko bw’ikiyaya Araba uhereye ku Kiyaga c’i Galilaya gushika ku kiyaga ca Araba, ari co kiyaga kitagiramwo ibinyabuzima, n’i Beti-Yeshimoti, n’amaja mu bumanuko musi y’imisozi y’i Pisiga.4Umwami Ogi wa Bashani, umwe mu masigarira y’Abarefayimu, yatwara ahitwa Ashitaroti no muri Edireyi.5Yatwara intara iva ku musozi Herumoni, Saleka, na Bashani yose mu buseruko, n’amaja mu burengero ku mbibe z’abantu b’i Geshuri n’i Mayaka, n’igice ca Gileyadi ugashika ku rubibe rwa Sihoni umwami w’i Heshiboni.
6Aho, Mose umusavyi w’Uhoraho ni we yahafashe ari kumwe n’Abisirayeli. Maze Mose umusavyi w’Imana ahagaburira imiryango ya Reyubeni n’iya Gadi, hamwe n’igice c’umuryango wa Manase ngo habe intara zabo.
7Aba ni bo bami n’ibice vy’igihugu abo bami batwara aho Yosuwa n’Abisirayeli bafashe, mu burengero bwa Yorodani, kuva i Bayali-Gadi mu kiyaya ca Libani, gushika ku musozi Halaki, uduga utumbereye i Seyiri, Yosuwa yagaburiye ico gihugu imiryango y’Abisirayeli ngo kibe icabo bazokwamana.8Muri ico gihugu, hariho ahari imisozi miremire, ahari imisozi migufimigufi yo mu burengero, hakaba ikiyaya Araba, imimanuko y’imisozi, ubugaragwa bw’i Negebu, hamwe n’ibihugu vy’Abaheti, Abamori, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi.
Abami baneshejwe bari:
9Umwami w’i Yeriko Umwami w’i Hayi hafi y’i Beteli10Umwami w’i Yerusalemu Umwami w’i Heburoni11Umwami w’i Yarimuti Umwami w’i Lakishi12Umwami w’i Eguloni Umwami w’i Gezeri13Umwami w’i Debiri Umwami w’i Beti-Gaderi14Umwami w’i Horuma Umwami w’i Aradi15Umwami w’i Libuna Umwami w’i Adulamu16Umwami w’i Makeda Umwami w’i Beteli17Umwami w’i Tapuwa Umwami w’i Heferi18Umwami w’i Afeki Umwami w’i Lasharoni19Umwami w’i Madoni Umwami w’i Hazori20Umwami w’i Shimuroni Meroni Umwami w’i Akishafu21Umwami w’i Tanaki Umwami w’i Megido22Umwami w’i Kedeshi Umwami w’i Yokineyamu i Karumeli23Umwami w’i Dori mu gisagara ca Nafoti Dori Umwami w’i Goyimu i Gilugali24Umwami w’i Tiriza.
Bose hamwe bari abami mirongo itatu n’umwe.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e