Yona2

1Nuko Yona asenga Uhoraho Imana yiwe ari mu nda y’urwo rufi.2Avuga ati:“Natakambiye Uhoraho ndi mu vyago bikomeye,na we aranyishura.Ndi mu kibanza c’abapfuye, naratakamvye ngo untabare,nawe wumvise ijwi ryanje.3Wantereye kure cane mu kuzimu,kure cane mu mutima w’ikiyaga;imikuba ikomeye yaranzungurutse,imipfunda n’ugusuriranya kw’amazi vyawevyarandengeye.4Ndavuga nti: ‘Noneho nkuweimbere y’amaso yawe.Ariko nzosubira nihwezeurusengero rwawe rwera.’5Amazi yarandengeye agomba kunyica,i bwina mu mazi haranzunguruka;ivyatsi vyo mu kiyaga binyizingira ku mutwe.6Naranyitse nshikira intango y’imisozi,aho isi yanyugaraniye ubutakivayo.Ariko wewe, Uhoraho Mana yanje,waduganye ubuzima bwanje ubukuye mu cobo.
7Igihe ubuzima bwanje bwariko burakabirana,nibutse wewe Uhoraho,ugusenga kwanje kuraduga kuragushikira,mu rusengero rwawe rwera.
8Abashira umutima ku bigirwamana bitagira ikimazi,batera umugongo urukundo Imana ibakunda.9Ariko jewe, nzogushikanira ikimazinshize hejuru ijwi ryo kugushimira.Kandi nzoshitsa ivyo nasezeranye,kuko agakiza kanje kava k’Uhoraho.”
10Maze Uhoraho ategeka urwo rufi, na rwo rudahwa Yona ku nkengera y’ikiyaga.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e