Yesaya65
Urubanza n’agakiza
1“Nihishuriye abatariko baranandondera;mbonwa n’abatariko baranabaza ivyanje.Ihanga ritigeze ryambaza izina ryanjenaribwiye nti: ‘Ndi hano, ndi hano!’2Umusi wose niriwe nshanje amaboko,ndayategeye abantu b’intagondwa,bagendera mu ngeso mbi,bagakurikira ivyiyumviro vyabo bipfuye;3abantu bama bariko barakora ibikorwa vyo kumbabaza,babikorera imbere yanje,mu gutangira ibimazi mu matongo,no mu guturirira ibimota neza ku bicaniro vy’amatafari.4Mw’ijoro baja kwicara mu mva,bagahamagara imizimu,bakarya ingurubehamwe n’ibindi vyose bihumanye.5Ariko bakabarira abandi ngo: ‘Ntunyegere, wompumanya,kuko ndi uwera kugusumvya!’Abantu nk’abo bameze nk’umwotsi mu mazuru yanje,ni umuriro waka bukarinda bwira.6Ehe raba, ivyo biguma vyanditswe imbere yanje:sinzokomeza guhora, nzobasubiriza mu nkoko bikwiranye n’ivyo bakoze,ni vyo, nzobibishura,7mbahanire ivyaha vyabo n’ivya ba sekuruza babo,”ni ko Uhoraho avuze:“Baturirira imibavu ku misozi,bakantukira ku mitumba,nzobasubiriza mu nkokoibikwiranye n’ivyo bakoze.”8Uhoraho avuze ati:“Nk’uko ihando ry’inzabibu riboneka ko ririmwo umutobe,maze abantu bakavuga bati: ‘Ntimuwurandurekuko ugifise akamaro,’nanje ni ko nzogirira abasavyi banje,sinzobarandura bose.9Muri Yakobo nzohakura uruvyaro,no muri Yuda nzohakura abazokwegukira imisozi yanje;abantu banje batoranijwe ni bo bazoyitorana,kandi abasavyi banje ni yo bazobako.10Sharoni hazoba uburagiro bw’imikuku,ikiyaya ca Akori na co kibe icanya co kuvyagiramwo.Kubera abantu banje bandondera.11Ariko mwebwe mureka Uhoraho,mukibagira umusozi wanje wera,mugaterekera imeza ikigirwamana c’imigisha,mugasukira umuvinyu ikigirwamana ca kazoza12nanje ndabateguriye kwicwa n’inkotanamwe muzotega izosi imbere y’uwuritema,kuko nabahamagaye ntimwanyitaba,ndavuga ntimwanyumviriza.Mwakoreye ibibi imbere yanje,muhitamwo ibitampimbara.”13None rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:“Abasavyi banje bazorya,ariko mwebwe muzokwicwa n’inzara;abasavyi banje bazonywa,ariko mwebwe muzokwicwa n’inyota;abasavyi banje bazonezerwa,ariko mwebwe muzokwicwa n’isoni.14Abasavyi banje bazoririmbakubera umunezero wo mu mitima yabo,ariko mwebwe muzorirakubera agahinda ko mu mitima yanyu,muborogeshwe n’ukubabara kw’imitima yanyu.15Izina ryanyu muzorisigiraabo natoranije, ngo baze barikoreshe mu mivumo yabo.Uhoraho Nyeninganji azobarandura,ariko abasavyi biwe azobaha irindi zina.16Uwuzogomba umugisha mu gihuguazowusaba Imana y’ukuri;n’uwuzorahira mu gihuguazorahire Imana y’ukuri.Kuko nzokwibagira imibabaro yanyu ya kera,inyegezwe mu nyonga hanje.”Ijuru rishasha n’isi nshasha
17“Ehe raba ngiye kurema ijuru rishashan’isi nshasha.Ivya kera ntibizosubira kwibukwa,ntibizosubira no guca mu mitwe y’abantu.18Ariko nimuhimbarwe, munezerererwe ibihe vyoseivyo ngiye kurema,kuko ngira ndemere Yerusalemu kuba ibihimbaro,n’abantu baho kuba umunezero.19Nzonezererwa Yerusalemu,mpimbarwe n’abantu banje;urwamo rw’amarira n’amaborogontibizosubira kwumvikana.20Aho ntihazokwongera kubaabana bapfa bakiri inzoya,canke abatama bapfa batamaze imyaka yabo.Uwuzopfa afise imyaka ijanaazoba apfuye nk’uwukiri umwana;kandi uwutazoyishikanaazofatwa nk’uwavumwe.21Bazokwubaka amazu bayabemwo,barime imizabibu, barye ivyamwa vyayo.22Ntibazoba bacubaka amazuhanyuma ngo abandi baze bayabemwo,canke ngo barimeabandi baze bimbure.Kuko abantu banje bazomara imyaka nk’iy’ibiti,abo natoranije bazomara imyaka barya ivyo babiriye akuya.23Ntibazoruhira ubusa,canke ngo bavyare abagenewe amagorwa;kuko ari abantu bahezagiwe n’Uhoraho,kandi n’uruvyaro rwabo rwarahezagiwe.24Nzobitaba bataranampamagara,kandi bakivuga nzoba nabumvise.25Ibingira n’umwagazi w’intama bizosangira,intare izorisha ivyatsi nk’inka,kandi umukungugu ni wo uzoba indya y’inzoka.Nta kwonona canke ugusambura bizosubira gukorwa,ku musozi wanje wose wera,”ni ko Uhoraho avuze.Biblica, Inc.