Yesaya50

Icaha ca Isirayeli n’ukwumvira kw’umukozi

1Uku ni ko Uhoraho abaza:ati: “Mbega ikete ryo kwahukana na nyoko, riri heheiryo namuhaye ndamwirukanye?Canke uwo mfitiye umwenda ni ndenkaba naramubagurishijeko?Kubera ivyaha vyanyu mwaragurishijwe,kandi ibigabitanyo vyanyu ni vyo vyatumye nyoko yirukanwa!2Igihe naza, ni kubera iki ata n’umwe nahasanze?Kandi igihe nahamagara ni kubera iki ata n’umwe yanyitavye?Mbega ukuboko kwanje kwabaye kugufi, kunanirwa kubatabara?Mbega singira inkomezi zo kubacungura?Nkankamiye ikiyaga kiragaduka,ahatemba inzuzi ndahahindura ubugaragwa;amafi yaho akabora, kubera kubura amazi;akicwa n’inyota.3Ijuru ndaryambika umwijima,nkaripfuka amagunira.”
4Uhoraho Nyeninganji yampaye amajambo yiwe y’ubwenge,kugira ngo nshobore kuremesha abadendebukiwe.Yama anzindura imisi yose mu gitondo,amatwi yanje akayakangurira kwumviriza nk’umwigishwa.5Uhoraho Nyeninganji yanyuguruye amatwi,kandi sinamugararije,canke ngo nsubire inyuma.6Nategeye umugongo abankubita,abanshikura ubwanwa sinabima imisaya.Abamvuma n’abancokorasinabanyegeje mu maso hanje.7Kubera yuko Uhoraho Nyeninganji amfasha,sinzoteterwa.Ni co gituma mu maso hanje hakomera hakamera nk’ibuye ry’isare,kandi ndazi ko ntazomaramara.8Uwuncira urubanza rw’ukuri ari hafi.None ni nde azonyagiriza icaha?Naze duhangane!Ni nde afise ico anyagiriza?Nashike imbere yanje duhangane.9Uhoraho Nyeninganji ni we amfasha.Ni nde azoncira urubanza akavuga ko ntsinzwe?Bose bazosaza nk’impuzu;inyo zizobarya zibamare.
10Ni nde muri mwebwe yubaha Uhoraho,akumvira ijambo ry’umukozi wiwe?Uwugendera mu mwijima,atagira umuco,niyizigire izina ry’Uhoraho,kandi yishimikize Imana yiwe.11Yemwe abacana ibimuri mwese,mukironderera umuco wo kubamurikira,nimugendere mu muco w’umuriro wanyu,no mu bimuri mwadometse.Ivyo muzoronka mu kuboko kwanje ni ibi:muzoryamana umubabaro.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e