Yesaya48

Ukugarariza kwa Isirayeli

1Umviriza, mwebwe abakomoka ku nzu ya Yakobo,mwebwe mwitirirwa izina rya Isirayeli,mukava mu muryango wa Yuda,mwebwe murahira mw’izina ry’Uhoraho,mukambaza Imana ya Isirayeli,ariko ntimubikore mu kuri mu bugororotsi,2mwiyita abo mu gisagara cera,mukavuga ko mwisunga Imana ya Isirayeli,Uhoraho Mushoboravyose ni ryo zina ryiwe.3Ivyabayeho kera, nabivuze imbere y’igihe,akanwa kanje karabitangaza, ndabimenyekanisha,ndabikora ako kanya, birashika.4Nari nzi ko udakurwa kw’ijambo;izosi ryawe rikomeye nk’icuma,uruhanga rwawe na rwo rukomeye nk’umwakaka.5Ni co gituma nababwiye ivyo bintu kuva kera cane,ndabibatangariza bitaraba,kugira ngo ntimuzovuge muti:‘Ibigirwamana vyanje ni vyo vyabikoze;ibishushanyo nabaje mu biti hamwe n’imana nacuze,ni vyo vyabitegetse biraba.’6Ivyo mwaravyumvise, nimuvyihweze vyose.Mbega ntimuvyemera?Uhereye ubu ngira ndababwire ibintu bishasha,canke ibihishijwe mutigeze mumenya.7Biremwe ubu nyene, si ivya kera;ntimwigeze muvyumva imbere y’uwu musi.Kugira ngo ntimuvuge ngo:‘Ni vyo, nabimenye kuva kera!’8Nta vyo mwigeze mwumva kandi nta vyo mwigeze mutahura;kuko uhereye kera amatwi yanyu atari bwazibuke.Nari nzi neza ingene muri abanyabinyoma,mwiswe abagarariji kuva mukivuka.9Ku bw’izina ryanje narabangiriye kubasukako uburake bwanje,kandi ku bw’ishimwe ryanje narabihanganiye,ndeka kubakuraho rwose.10Ehe raba, narakuvugutiye, naho atari kurya kw’ifeza,nagupimiye mw’itanure ry’ukugeragezwa.11Ku bw’izina ryanje, kandi ku bw’izina ryanje nyene, ndabikoze.Mbega nokwemera gucokorwa?Icubahiro canje sinzogiha uwundi muntu n’umwe.

Ukwidegemvya kwa Isirayeli

12Nyumviriza, ewe Yakobo,nawe Isirayeli, uwo nahamagaye:ndi we;ndi uwa mbere nkaba n’uwa nyuma.13Amaboko yanje ni yo yashizeho amatanguriro y’isikandi ukuboko kwanje kw’i buryo ni kwo kwagaranzuye ijuru;iyo ndabihamagaye, biritaba,bikazira icarimwe.
14Mwese nimutororokane mwumve,mbega hari ikigirwamana cigeze kibabwira ibi bitaraba?Uwo Uhoraho yihitiyemwo ngoazoshitsa umugambi wiwe kuri Babiloni;ukuboko kwiwe kuzogwanya Abanyababiloni.15Jewe, jewe nyene ubwanje naravuze,ni vyo, naramuhamagaye.Kandi nzomuzana,azoshitsa neza igikorwa namutumye.
16Nimunyegere mwumve!Kuva ku vyo natanguriyeko kuvuga,nta na rimwe nigeze mvuga nyegeje,kandi igihe vyaba vyose, nari ngaha.”None ehe raba Uhoraho Nyeninganji yantumye,andungikanye Mpwemu wiwe.
17Uku ni ko Uhoraho avuze,umucunguzi wanyu, Uwera wa Isirayeli:“Ndi Uhoraho Imana yawe,akwigisha ibibereye,akakurongorera mu nzira ukwiye gucamwo.18Iyo wumvira amabwirizwa yanje,amahoro yawe yotemvye nk’uruzi,n’ukugororoka kwawe kwonganye n’imipfunda y’ikiyaga.19Uruvyaro rwawe rwonganye n’umusenyi,abana bawe bakangana n’amahonda mu kigega;izina ryabo ntiryokwibagiranywe,kandi ntiryozimanganye imbere yanje.”
20Nimusohoke muve i Babiloni,muhunge Abakaludaya.Nimusemerere mubivugane umunezero,mubimenyekanishe hose,muvyamamaze gushika ku mpera z’isi,muvuga muti: “Uhoraho yacunguye, Yakobo umusavyi wiwe.”21Igihe yabarongorera mu bugaragwa ntibishwe n’inyota,yabatembeshereje amazi ava mu gitandara.Yasatuye ikibuye,amazi aradudubiza.
22“Ariko nta mahoro ku munyavyaha,” ni ko Uhoraho avuze.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e