Yesaya43

Umukiza wa Isirayeli

1Ariko noneho, uku ni ko Uhoraho avuze.Uwakuremye, ewe Yakobo,akakubumba, yewe Isirayeli,aravuze ati: “Ntutinye kuko nakurokoye;naguhamagaye mw’izina; uri uwanje.2Niwaca mu mazi menshi,nzoba ndi kumwe nawe;niwaca mu nzuzi,ntizizokurengera.Niwaca mu muriro,ntuzosha,imbeya ntizizogutongora.3Kuko ndi Uhoraho Imana yawe,Uwera wa Isirayeli, Umukiza wawe.Natanze Egiputa nk’incungu yawe,Etiyopiya na Seba ndahatanga mu gishingo cawe.4Kuko uri uw’agaciro, ukaba umwubahwa mu nyonga zanje;kandi kubera ko nagukunze,nzotanga abantu ku bwawe,n’amahanga ku bw’ubuzima bwawe.5Ntutinye kuko ndi kumwe nawe;nzokoranya abana bawe ndabakuye mu buseruko,ndabegeranye bavuye mu burengero.6Nzobwira uburaruko nti: ‘Barekure!’Ubumanuko na bwo ndabubwire nti: ‘Ntubafate.’Nzanira abahungu banje bavuye kure,n’abakobwa banje bavuye ku mpera z’isi;7munzanire uwo wese yitirirwa izina ryanje,uwo naremye mu bwiza bwanje,uwo nibumbiye, nkamurema.”
8Sohora abafise amaso ariko batabona,bakagira amatwi ariko ntibumve.9Amahanga yose nakoranywe,n’abantu bose bahurire hamwe.Ni ikihe mu bigirwamana vyabo cari carabivuze,kikatumenyesha ivyabayeho?Nibazane ivyabona vyerekana ko bari mu kuri,kugira ngo abandi nibavyumviriza bavuge bati: “Ni ivy’ukuri.”10“Ni mwebwe vyabona vyanje, ni ko Uhoraho avuze,mukaba n’abasavyi banje natoranije,kugira ngo mumenye mwongere munyizere,mwongere mutahure ko ndi Imana.Imbere yanje nta mana yigeze ibaho,kandi inyuma yanje nta yindi izohaba.11Ni jewe Uhoraho jenyene;kandi uretse jewe, nta wundi mukiza ariho.12Ni jewe nabahishuriye ivy’agakiza, ndabakiza ndongera ndabitangaza,ni jewe, si imana z’inyamahanga ziri muri mwebwe.Ni mwebwe vyabona vyanje ko ndi Imana,” ni ko Uhoraho avuze.13“Uhereye ibihe vyose, ndi Imana.Nta wushobora kunkura mu kuboko ico mfashe.Ngize ico nkoze, ni nde yogihindura?”

Imana igirira ubuntu Isirayeli

14Uku ni ko Uhoraho avuze,Umucunguzi wanyu, Uwera wa Isirayeli:“Ku bwanyu nzotuma intumwa i Babiloni,Abanyababiloni bose ndabamanure ari impunzi,bahunge bakoresheje arya mato bishimira.15Ni jewe Uhoraho, Uwera wanyu,umuremyi wa Isirayeli, Umwami wanyu.”
16Uku ni ko Uhoraho avuze,we yaciye inzira mu kiyaga,agaca inzira mu mazi menshi,17agasohora imikogote n’amafarasi,ingabo n’abagwanyi b’abahizi bagakorana,maze bakagwa hamwe, ntibongere kuvyuka,bakazima nk’uko urumuri ruzima:18“Nimwibagire ivyabaye,ntimwumire kuri kahise.19Ehe ngiye gukora ikintu gishasha!Raba kimaze no kugaragara; mbega nta co mubona?Ngiye guca inzira mu bugaragwa,ntembeshe inzuzi ahagadutse.20Ibikoko vyo mw’ishamba biranyubaha,imbwebwe n’ibihuna,bizonyubaha,kuko nzobiha amazi mu bugaragwa,kugira ngo mpe abantu banje ico banywa,abo natoranije,21abantu niremeye ubwanje,kugira ngo bavuge ishimwe ryanje.
22Ariko ntiwigeze umpamagara, yewe Yakobo,ahubwo waranzinutswe, wewe Isirayeli!23Ntiwanshikaniye intama zawe nk’amashikanwa yo guturira,canke ngo unyubahishe ibimazi vyawe.Sinakuremereje kunzanira amashikanwa y’ifu,canke ngo nkurambire nkwaka ibimota neza iyo bituriwe.24Nta bimota neza wigeze unzanira,canke ngo umpaze ibinure vy’ibimazi vyawe.Ariko wewe wandemereje ivyaha vyawe,umvunisha ibicumuro vyawe.
25Ariko jewe nyene, ni jewe mpanagura ibicumuro vyawe,ku bw’izina ryanje,kandi sinzosubira kuvyibuka.26Nyibutsa ivya kera, maze tuburane.Shinga urubanza rwawemaze wiregure.27Umuvyeyi wawe wa mbere yakoze icaha,abarongozi bawe na bo barangararije.28Ni co gituma nanje nzotuma abaherezi bawe bakengerwa,Yakobo nkamurekurirako ukurandurwa,Isirayeli nkamuhindura ikimaramare.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e