Yesaya38
Ingwara ya Hezekiya
1Muri iyo misi, Hezekiya aragwara, ashika ku mpfiro. Umuvugishwa Yesaya mwene Amozi aja kumuraba, amubwira ati: “Uhoraho avuze ngo: ‘Tunganya ivyo mu rugo rwawe, kuko ugiye gupfa, ntuzokira.’ ”2Maze Hezekiya aca ahindukiriza amaso ku ruhome, asenga Uhoraho,3avuga ati: “Uhoraho we, ibuka ingene nagendeye imbere yawe mu bwizigirwa nkagukorera nguhaye umutima wanje wose, ngakora ivyo ubona ko ari vyiza mu nyonga zawe.” Hezekiya ararira cane.4Maze ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yesaya,5riti: “Genda ubwire Hezekiya uti: uku ni ko Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi avuze: ‘Numvise ugusenga kwawe, kandi nabonye n’amarira yawe; ndakwongeye iyindi myaka cumi n’itanu yo kubaho.6Kandi iki gisagara nzogikura mu maboko y’umwami w’i Ashuri. Iki gisagara nzokigwanira.7Iki ni co kimenyetso cemeza ko Uhoraho azoshitsa ivyo asezeranye:8Nzosubiza inyuma amatambwe cumi; igitutu cazanywe n’izuba, mpereye ku ngazi ya Ahazi.’ ” Ca gitutu gisubira inyuma amatambwe cumi.9Aya ni yo majambo Hezekiya, umwami w’i Buyuda yanditse, amaze gukira ingwara yari agwaye.10Naravuze nti: “Nari ngeze hagati mu myaka y’ukubaho kwanje,none ngiye kwinjira mu marembo y’urupfu!Imyaka nari nsigaje kubaho ndayinyazwe.”11Naravuze nti: “Sinzosubira kubona Uhorahonkiri kw’isi y’abazima,sinzosubira kubonana n’abantu,canke ngo mbane n’ababa muri iyi si.12Ubuzima bwanje bunkuweko,nk’ihema ry’umwungere rigururwa n’umuyaga.Ubuzima bwanje ndabuzinze nk’uko umujishi azinga impuzu,agira acacurire ku kijishiro.Imbere y’uko bwira, uzoba wancacuye.13Narindiriye nihanganye gushika mu bucagucagu,ariko uvunagura amagufa yanje yose nk’intare;imbere y’uko bwira, uzoba wandangije.14Mvuza induru ingana n’iy’intamba,mboroga nk’inuma.Amaso yanje aruhishwa no kurangamiza mw’ijuru ndagutakira.Ewe Mana, ntabara unkize.”15Mvuge iki kindi?Yavuganye nanje, kandi ni yo nyene yakoze ibi.Nzogenda niyoroheje imyaka yanje yose,ku bw’umubabaro uri mu mutima wanje.16Ewe Mana, ibi ni vyo bibeshaho abantu,kandi impwemu yanje ni ho ironkera ubugingo.Wansubije amagara,unyemerera kubaho.17Koko, vyari bibereye ko nca muri iyo mibabaro.Mu rukundo rwawe,ntiwemeye ko nja mu rwobo rwo kurandurwa,ivyaha vyanje vyose,wabisize inyuma yawe.18Kuko abari mu mva badashobora kugutazira,kandi abapfuye badashobora kukuririmbira ishimwe;abamanuka epfo i kuzimuntibaba bacizera ubwizigirwa bwawe.19Abazima bonyene ni bo bashobora kugutazirank’uko ndiko ndabikora uwu musi.Abavyeyi biganira abana baboivy’ubwizigirwa bwawe.20Uhoraho, ni wewe uzonkiza,nanje nzokuririmbira ishimwe,ngucurarangire inanga ibihe vyose,ndi mu Ngoro y’Uhoraho.21Yesaya yari yavuze ati: “Nimutegure akarobe kabumvye mu nsukoni, mugatembagaze ku kivyimba, aca akira.”22Hezekiya abaza ati: “Ni ikihe kimenyetso cemeza ko nzosubira kuduga mu Ngoro y’Uhoraho?”Biblica, Inc.