Yesaya34

Urubanza ku mahanga

1Yemwe mwa mahanga mwe, nimwegere mwumvirize;nimutege amatwi mwa bantu mwe!Isi n’ibiri muri yo vyose nivyumve,isi yose n’ibiyivamwo vyose.2Uhoraho arakiye amahanga yose,uburake bwiwe buri ku ngabo z’ayo mahanga.Azobatikiza abaherengeteze,azobarekurira ku babasogota.3Imivyimba yabo izokwandagara,umunuko w’ibiziga uzokwira igihugu cose;imisozi izotemba amaraso yabo.4Inyenyeri zizozima,ijuru ryizinge nk’umuzingo.Ivyaka vyo mu kirerebizokoragurika nk’amababi y’umuzabibu yumye,canke nk’insukoni zihunguruka ziva ku giti.
5Inkota yanje imaze kunywa ikaborerwa mu majuru,izoshunguruka igwe kuri Edomu,ubwoko naciriye urwo kuranduka.6Inkota y’Uhoraho yoze mu maraso,yuzuye ibinure:amaraso y’intama n’impene,hamwe n’ibinure vyo mu mafyigo y’amapfizi y’intama.Kuko Uhoraho yatanze ibimazi i Bozira,akongera akica benshi muri Edomu.7Imbogo zitembana na bo,hamwe n’ibimasa n’amapfizi.Igihugu cabo kizoborerwa amaraso,umukungugu waho na wo umirwe n’ibinure.
8Kuko Uhoraho afise umusi w’ukwihora,n’umwaka wo kwishuza, ivyo Siyoni hakorewe.9Imigezi ya Edomu izohinduka nk’ikaburimbi,umukungugu waho uhinduke nk’ibizuku vyaka.Igihugu cose kizoba nk’ikaburimbi yaka!10Kizokwaka ku murango no mw’ijoro;umwotsi waco uzopfunduka ibihe vyose.Igihugu kizocika ubugaragwa imyaka n’iyindi;nta n’uwuzosubira kugicamwo.11Ibihuna n’ibigendabunyovu ni vyo bizohiganzira.Ibihuna bininibinini n’ibikona ni vyo bizoharika.Imana izopimisha Edomuumugozi w’imivurungano,na karisho ari ko gatikizo.12Abubahwa baho ntibazoba bacitwa ko bafise ubwami,abaganwa baho bazoba bacitse ubusa.13Ibirimba vyaho bizomeramwo ivyatsi,inzitiro zaho zimereko ibisuru n’ibitovu.Hazohinduka ihuriro ry’imbwebwe,aho ibisiga vyitwa imbuni vyibera.14Inyamaswa zo mu bugaragwa zizohahurira n’imfyisi,n’impene zo mw’ishamba zizohagira ihuriro.Ibihuna bizoja kuharuhukira,biharonke inzu zo kwiberamwo.15Aho ni ho ibihuna bizokwarika bihate amagi,bibundikire amagi avemwo imiswi, hanyuma biyitehoico gihe izoba iri mu gitutu c’amababa yavyo.Aho kandi ni ho ibinyakabaka bizokoranira,kimwekimwe na kigenzi caco.
16Nimusesangure mu gitabu c’Uhoraho, musome ivyanditsemwo:Nta na kimwe muri ivyo bikoko n’ivyo bisiga kizohara,nta na kimwe kizobura kigenzi caco,kuko akanwa k’Uhoraho ari ko kabitegetse,Mpwemu wiwe na we akaba ari we avyegeranya.17Yakoresheje ubupfindo mu kugena ah’umwe wese,ukuboko kwiwe kuhabagaburira ku rugero.Bazohegukira ibihe vyose,uko urunganwe ruzogenda rukurikirana n’urundi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e