Yesaya32

Ubwami bugororotse

1Ehe raba, hagiye kwima umwami agororotse,kandi abatware biwe bazoganzanya ubugororotsi.2Umwumwe wese muri bo azomera nk’ahantu ho kwikinga umuyagacanke aho guhungira igihuhusi,yongere abe nk’imbizi y’amazi mu bugaragwa,canke nk’igitutu kiva ku gitandara kinini mu gihugu kigadutse.
3Maze amaso y’ababona ntazosubira guhumiriza,nayo amatwi y’abumva azokwumviriza.4Imitima ihuha izogira ubwenge n’ugutahura,n’indimi z’abagigimiza zizovuga zirongorotse.5Abantu b’ibipfu ntibazoba bacitwa intwari,n’indyarya ntizizohabwa icubahiro.6Kuko ibipfu bivuga ivy’ubupfu,imitima yavyo yagondamiye ku bibi.Bagendera mu kutubaha Imana,bagakwiragiza ibinyoma k’Uhoraho;bima indya uwushonje,uwunyotewe bakamwima amazi.7Inzira z’indyadya ziragoramanze,barementaniriza ibinyoma umukenekugira ngo bamuranduze ibinyoma,naho umukene yoba avuga ibitunganye.8Ariko inyankamugayo zigira imigabo myiza,kandi mu bikorwa vyabo vy’inyankamugayo barashikama.

Abagore b’i Yerusalemu

9Mwa bagore mwe mwidibamiye,nimuve hasi munyumvirize,namwe bakobwa mwumva mutekaniwe,nimwumve ivyo mvuga,10Mu gihe kirenga gatoya umwaka,mwebwe mwumva ko mukingiwe muzojugumira.Inzabibu zanyu ntizizokwama,iyimbura ryazo ntirizokwigera ribaho.11Nimuhinde agashitsi, yemwe bagore mwidibamiye,muhagarike imitima namwe bakobwa mwumva mutekaniwe!Nimwambure imyambaro yanyu nziza,mukenyere amagunira.12Nimwikubite mu gikiriza, ku bw’imirima mwakunda,n’inzabibu zahora zama cane,13mubabazwe n’igihugu c’abantu banje,camezemwo amahwa n’imikere.Muborogere amazu meza ahimbaye,hamwe n’ibisagara vy’umunezero.14Kuko ikirimba c’umwami n’igisagara bizotabwa,igisagara cuzuyemwo urwamo gihebwe.Ahari agasozi n’umunara w’inderetsi hazotabwa ibihe vyose,hahinduke ikirimbiro ry’indogoba n’uburagiro bw’ibitungwa,15gushika aho Mpwemu azodusukwako avuye mw’ijuru.Ni ho ubugaragwa buzocika isi imera,umurima umera na wo ukamera nk’ishamba.16Ubutungane bw’Uhoraho buzoba mu bugaragwa,ubugororotsi na bwo bube kw’isi imera.17Inkurikizi y’ubwo bugororotsi izoba amahoro,bizotuma haba ugutekana n’ukwizerana ibihe vyose.18Abantu banje bazoba ahantu hari amahoro,mu mazu y’umutekano,aho ata kizobakokoma baruhutse.19Naho urubura rwohonya ishamba,igisagara kigasenyukira hasi cose,20Uhoraho azohezagira ubwoko bwiwe.Bazobiba bimbure umusesekara,ibitungwa vyanyu bizorisha ahatotahaye.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e