Hoseya4

Imana yagiriza Isirayeli

1Nimwumve Ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli,kuko Uhoraho afise urubanza aburanana mwebwe muba muri iki gihugu:“Nta bwizigirwa bukiriho, nta rukundo,nta kumenya Imana bikiri muri iki gihugu.2Hasigaye hari umuvumo, ukubesha n’ubwicanyi,ukwiba n’ugusambana;umuryano ukwiye hose,kandi ugusesa amaraso ni urutavanako.3Ni kubera ivyo igihugu cose kigandaye,kandi abakibamwo bose bakaba bariko barahona;mbere n’ibikoko vyo mw’ishamba, inyoni zo mu kireren’amafi yo mu kiyaga biriko birahona.
4Ariko ntihagire uwagiriza uwundi,ntihagire uwutuma urutoke uwundi,kuko abo kwagirizwani mwebwe abaherezi.5Mutsitara ku murango no mw’ijoro,kandi n’abavugishwa banyu b’ibinyoma batsitarana namwe.Ni co gituma nzokwica nyoko.6Abantu banje bishwe no kutamenya.Kuko mwebwe abaherezi mwanse kumenya,nanje nanse ko muba abaherezi banje;kandi kuko mwirengagije kumenya ivyagezwe vy’Imana yanyu,nanje nzokwirengagiza guhezagira abana banyu.7Uko abaherezi baba benshi,ni ko barushaho kuncumurako;bakavye ubwiza bw’Imana yabo babusubiriza ibiteye isoni vy’ibigirwamana.8Kuko abaherezi barya ibivuye mu vyaha vy’abantu banjenta kindi bipfuza atari kubona abantu banje bacumura!9Kandi ibikorwa n’abaherezi, ni vyo n’abantu basanzwe bakora.Nzohana abo bose kubera izo nzira zabondabasubirize mu nkoko ivyo bakoze.
10Bazorya, ariko ntibazohaga;bazoja mu busambanyi ariko nta co bazokwunguka,kuko bataye Uhorahobakiyegurira11ubusambanyi,no kunywa umuvinyu wa kera na mushasha,bigatwara ugutahura kwabo.12Abantu banjebasiguza ikigirwamana c’igitimaze bakiyumvira ko inkoni ishobora kubabwira ivya kazoza.Impwemu y’ubusambanyi irabazimiza;bagata ubwizigirwa bakava ku Mana yabo.13Batangira ibimazi ku dutwe tw’imisozibagaturirira ibimota neza ku dusozi,musi y’ibiti vy’imyeloni, n’imilebeni, n’imyelayo,kuko igitutu cavyo ari ciza.Ni co gituma abakobwa banyu baba abamaraya,abakazana banyu na bo bakiha ubusambanyi.
14Mbega ni kuki nohana abakobwa banyukubera ubumaraya bwabo,canke abakazana banyukubera ubusambanyi bwabo?Abagabo banyu ubwabo bihereranya abamarayakandi batangira ibimazi hamwe n’abamaraya.Abantu badatahura bazohona!
15Naho wewe Isirayeli uri maraya,ntutume Yuda na we yagirwa n’ico caha.Ntukaje i Gilugali gusenga ibigirwamana;canke ngo uje i Beti-Aveni,kandi ntukarahire mw’izina ryanje ngo:‘Ni ukuri nk’ukubaho kw’Uhoraho!’16Abisirayeli bakomantaje imitima,babaye nk’inka y’ikigaba.None Uhoraho yobaragira atenk’uwuragira imyagazi y’intama mu bwatsi bwiza?17Efurayimu yifatanije n’ibigirwamana;nimumureke!18N’igihe ibinyobwa vyabo biheze,bibandaniriza ubumaraya bwabo;abatware babo bakunda inzira z’ibiteterwe kurusha iz’icubahiro.19Agashururu kazobakubura;n’ibimazi vyabo baha ibigirwamana bizobamaramaza.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e