Hoseya12
1Efurayimu arya umuyaga;akurikira umuyaga uturutse mu buseruko rikarinda rirenga,akagwiza ibinyoma n’umuryano.Yagiriraniye amasezerano na Ashurikandi yarungitse amavuta ya elayo muri Egiputa.2Uhoraho arafise ivyo yagiriza Abayuda;azohana Yakobo ibihuye n’inzira ziwekandi azomwishura ibihwanye n’ibikorwa vyiwe.3Akiri mu nda yaniganye na mukuruwe amufashe igitsintsiri;amaze gukura naho anigana n’Imana.4Yaniganye n’umumarayika aratsinda;yararize asaba umuhezagiro.Aho i Beteli, yabonye Imana imbonankubonemaze Imana ivuganira na we aho hantu.5Uhoraho Imana Mushoboravyose,Uhoraho ni ryo zina ryiwe!6Nuko rero, ubu nimugaruke ku Manamugumye urukundo n’uguca imanza zibereye,maze mwame mwiteze Imana yanyu imisi yose.7Ariko si uko biri, umudandaza akoresha iminzane ibeshaagakunda inyungu mbi.8Efurayimu arishima ngo:Ndatunze cane; narironkeye ubutunzi.Nta woronka ico anyagiriza mu butunzi bwanje bwosenk’icaha canke kugabitanya.9Ariko, namye ndi Uhoraho Imana yawekuva ukiva muri Egiputa;nzotuma usubira kuba mu mahema kandi,nka kurya kwo mu misi mikuru yawe yashinzwe.10Navuganye n’abavugishwa banje ndabagutumako,ntuma berekwa vyinshindakubwira mu migani myinshi ncishije muri bo.11Mbega ab’i Gileyadi ni abanyakibi?Abantu baho nta co bamaze!Mbega bashikanira ibimazi vyabo i Gilugali?Ibicaniro vyabo bizoba nk’ibirundo vy’amabuyebiri mu busize.12Yakobo yahungiye mu gihugu ca Aramu,Isirayeli yarakoze ngo aronke umugore,kugira ngo amukwe yaragiye intama.13Uhoraho yakoresheje uwuvugishwa na we ngo adugane Isirayeli amukuye muri Egiputa,yakoresheje uwavugishwa na we ngo abe umwungere w’abantu biwe.14Ariko Efurayimu yamuteye uburake bw’inkazi;Umwami wiwe azomusubiza ku mutwe amaraso yasheshekandi azomusubiriza mu nkoko ivyaha vyiwe.
Biblica, Inc.