Abaheburayo3
Yesu aruta Mose
1Nuko rero bene Data, mwebwe mwahamagawe n’Imana, mwiyumvire cane kuri uwu Yesu, uwo twemera nk’intumwa n’Umuherezi Mukuru wacu.2Yabaye umwizigirwa imbere y’Imana yo yamujeje iki gikorwa, nk’uko Mose yakoze nk’umwizigirwa igihe Imana yamuzeza inzu yayo yose.3Ariko Yesu akwiye icubahiro kiruta ica Mose, nk’uko uwubatse inzu akwiye icubahiro kiruta ic’inzu yubatse.4Inzu yose irafise uwayubatse, ariko Imana ni yo yubatse vyose.5“Mose yabaye umwizigirwa mu nzu y’Imana nk’umukozi,” kugira ngo ashingire intahe ivyo Imana yari igiye kuvuga muri kazoza.6Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.Twirinde ukutizera
7Ni co gituma Mpwemu Yera avuga ati:“Uwu musi nimwumva ijwi ryiwe,8ntimukomantaze imitima yanyunk’uko Abisirayeli babikoze igihe bangararizabakangerageza mu bugaragwa.9Aho ba sogokuruza banyu bangerageza bakancaca,naho bari barabonye ivyo nabakoreye imyaka mirongo ine.10Ni co gituma nabashavuriye,ndavuga nti: ‘Imitima yabo yama izimira,kandi ntibamenye inzira zanje.’11Ni co catumye ndahirana uburake nti:‘Ntibazokwigera binjira aho kuruhukira nateguye.’ ”12Nuko rero bene Data, mwirinde kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe agira umutima mubi utizera ngo bitume ava ku Mana nzima.13Ahubwo, muhanurane imisi yose, tugishobora kuvuga “uwu musi”, kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe akomantazwa no guhendwa n’icaha.14Kuko twahindutse abafatanije na Kristo, nimba vy’ukuri tuzigamye, gushitsa kw’iherezo, ivyizigiro bishikamye nk’ivyo twatanguranye.15Mwibuke ico Ivyanditswe bivuga:“Uwu musi nimwumva ijwi ryayo,ntimukomantaze imitima yanyunk’uko Abisirayeli babikoze igihe bayigarariza.” 16Mbega ni ba nde bagararije Imana, kandi bari barumvise ijwi ryayo? Si bamwe bari bavuye muri Egiputa barongowe na Mose?17Mbega ni ba nde bashavuje Imana imyaka mirongo ine? Si bamwe bacumura maze imivyimba yabo ikagwa mu bugaragwa?18Mbe ni ba nde Imana yabarira igihe yarahira ko batazokwigera binjira aho kuruhukira yateguye? Si bamwe batayumvira?19Ico tubona ni uko, kubera ukutizera kwabo, batashoboye kwinjira aho kuruhukira Imana yateguye.Biblica, Inc.