Ezira8
Urutonde rw’abakuru b’imiryango bagarukanye na Ezira
1Aba ni bo bakuru b’imiryango hamwe n’abo bandikanywe, twaduganye tuvuye i Babiloni ku ngoma y’umwami Ahasuwerusi.2Mu bakomoka kuri Finehasi ni Gerishomu. Mu bakomoka kuri Itamari ni Daniyeli. Mu bakomoka kuri Dawidi ni Hatushi3yakomotse kuri Shekaniya; mu bakomoka kuri Paroshi ni Zakariya n’abagabo ijana na mirongo itanu bari banditswe hamwe na we.4Mu bakomoka kuri Pahati-Mowabu ni Eliyehowenayi mwene Zerahiya, yari kumwe n’abagabo amajana abiri.5Mu bakomoka kuri Zatu ni Shekaniya mwene Yahaziyeli, n’abagabo amajana atatu bari kumwe na we.6Mu bakomoka kuri Adini ni Ebedi mwene Yonatani, n’abagabo mirongo itanu bari kumwe na we.7Mu bakomoka kuri Elamu ni Yeshaya mwene Ataliya, n’abagabo mirongo indwi bari kumwe na we.8Mu bakomoka kuri Shefatiya ni Zebadiya mwene Mikayeli, n’abagabo mirongo umunani bari kumwe na we.9Mu bakomotse kuri Yowabu ni Obadiya mwene Yehiyeli, n’abagabo amajana abiri na cumi n’umunani bari kumwe na we.10Mu bakomoka kuri Bani ni Shelomiti mwene Yosifiya, n’abagabo ijana na mirongo itandatu bari kumwe na we.11Mu bakomoka kuri Bebayi ni Zakariya mwene Bebayi, n’abagabo mirongo ibiri n’umunani bari kumwe na we.12Mu bakomoka kuri Azigadi ni Yohanani mwene Hakatani, n’abagabo ijana na cumi bari kumwe na we.13Mu bakomoka kuri Adonikamu ni abanyuma muri uwo muryango; amazina yabo akaba yari Elifeleti, Yeweli na Shemaya, n’abagabo mirongo itandatu bari kumwe na bo.14Mu bakomoka kuri Bigivayi ni Utayi na Zakuri, n’abagabo mirongo indwi bari kumwe na bo.Gusubira i Yerusalemu
15Ndabakoraniriza ku mugezi utemba uja Ahava, aho hantu tuhamara imisi itatu. Maze kuraba neza mu bantu no mu baherezi, nsanga nta Mulewi n’umwe arimwo.16Nuko ntoranya Eliyezeri, Ariyeli, Shemaya, Elunatani, Yaribu, Elunatani, Natani, Zakariya na Meshulamu, bari abarongozi, na Yoyaribu na Elunatani, bari abantu b’incabwenge,17maze ndabarungika kwa Ido, umutware w’i Kasifiya. Ndababwira ivyo baza kubwira Ido na benewabo, abakozi bo mu Ngoro bari i Kasifiya, kugira ngo baturungikire abakozi bo kudufasha igikorwa co mu Ngoro y’Imana yacu.18Kubera ukuboko kw’ubuntu bw’Imana yacu kwari kumwe natwe, baturungikira Sherebiya, umuntu afise ugutahura, wo mu bakomotse kuri Mahuli mwene Lewi, Lewi mwene Isirayeli, n’abahungu n’abavukanyi ba Sherebiya, abagabo icumi n’umunani;19na Hashabiya, hamwe na Yeshaya wo mu bakomotse kuri Merari, n’abavukanyi biwe n’abahungwabo, abagabo mirongo ibiri.20Bazana n’abandi amajana abiri na mirongo ibiri b’abakozi bo mu Ngoro, urwego Dawidi n’abaganwa biwe bari barashizeho ngo bafashe Abalewi. Bose barandikwa amazina.21Aho nyene ku nkombe z’umugezi uja muri Ahava, menyesha abantu ko bisonzesha, kugira ngo twicishe bugufi imbere y’Imana yacu duheze tuyisabe iduhe kugira urugendo rwiza twebwe n’abana bacu, n’ivyo dutunze vyose.22Kuko vyaranteye isoni gusaba umwami ingabo n’abagendera ku mafarasi bo kudukingira abansi bodutegera mu nzira, kandi twari twarabwiye umwami ko ukuboko kw’ubuntu bw’Imana yacu kuri kumwe n’umuntu wese amuhanze amaso, ariko ko uburake bwiwe buri ku bamutera ibitugu.23Nuko turisonzesha twinginga Imana yacu ku bw’ivyo, na yo yishura ugusenga kwacu.24Maze ntoranya abaherezi icumi na babiri bo kuturongora, bari kumwe na Sherebiya, Hashabiya n’abandi icumi bo muri benewabo,25ndabapimira za feza n’inzahabu zo gushikana na vya bikoresho umwami, abahanuzi biwe, abatware biwe n’Abisirayeli bose bari ngaho bari batangiye Ingoro y’Imana yacu.26Ndabapimira italanto amajana atandatu na mirongo itanu z’ifeza, ibikoresho bikozwe mw’ifeza bingana n’italanto ijana , n’izindi ijana z’inzahabu,27ibikombe mirongo ibiri vy’inzahabu vy’agaciro kangana n’ingero dariki igihumbi , n’ibikoresho bikozwe mu mwakaka usenye neza bifise agaciro nk’inzahabu.28Ndababwira nti: “Mwebwe n’ibi bikoresho mwejerejwe Uhoraho. Ifeza n’inzahabu ni ishikanwa ryahawe Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza n’umutima ubikunze.29Mubizigame neza kugeza mubipimye mugeze mu vyumba vy’Ingoro y’Uhoraho i Yerusalemu imbere y’abakuru b’abaherezi n’Abalewi n’abakuru b’imiryango y’Abisirayeli.”30Nuko abaherezi n’Abalewi bakira izo feza n’inzahabu n’ivyo bikoresho vyejejwe vyari vyateguriwe kujanwa mu Ngoro y’Imana yacu i Yerusalemu.31Ku musi ugira icumi na kabiri w’ukwezi kwa mbere tuva kuri wa mugezi uja muri Ahava tuja i Yerusalemu. Ukuboko kw’Imana yacu kwari kuri twebwe, maze iratuzigama iturinda abansi n’abambuzi mu rugendo rwose.32Maze dushika i Yerusalemu, tuharuhukira imisi itatu.33Ku musi ugira kane, mu Ngoro y’Imana yacu, dupima za feza n’inzahabu na vya bikoresho vyejejwe tubiha Meremoti mwene Uriya, umuherezi. Eliyazeri mwene Finehasi yari kumwe na we, hamwe n’Abalewi Yozabadi mwene Yesuwa na Nowadiya mwene Binuwi.34Vyose vyarapimwe biraharurwa, maze ibipimo vyose birandikwa muri ico gihe.35Maze abagarutse bavuye mu kinyago bashikanira Imana y’Abisirayeli ibimazi vyo guturirwa n’umuriro: amashuri y’inka icumi n’abiri kubw’Abisirayeli bose, impfizi z’intama mirongo icenda na zitandatu, imyagazi y’intama mirongo indwi n’indwi n’amasuguru y’impene cumi n’abiri y’ikimazi c’ivyaha. Ivyo vyose vyari ibimazi vyo guturirwa n’umuriro bishikaniwe Uhoraho.36Kandi bashikiriza ya mategeko y’umwami abishikira b’umwami n’abakuru b’intara bo hakurya y’uruzi Efurate, na bo baca bafasha abantu baterera n’Ingoro y’Imana.Biblica, Inc.