Ezekiyeli9

Urubanza ku basenga ibigirwamana

1Maze numva Uhoraho ahamagara n’ijwi rirenga, avuga ati: “Nzanira hano abagabo bateguwe ngo bahane ico gisagara, bazanane n’ibigwanisho vyabo mu minwe.”2Nuko nca mbona abagabo batandatu bazananye mw’irembo ryo haruguru rirabana no mu buraruko, umwe wese afise ikigwanisho cica mu minwe. Muri bo harimwo umugabo yari yambaye impuzu zera derere, afise mu rukenyerero ibikoresho vyo kwandika. Baraza bahagarara i ruhande ya ca gicaniro c’umwakaka.
3Maze ubwiza bw’Uhoraho Imana ya Isirayeli buraduga buvuye ku bakerubi aho bwari buri, buja mu rwinjiriro rw’Ingoro. Uhoraho ahamagara wa mugabo yari yambaye impuzu zera derere, yari afise mu rukenyerero ibikoresho vyo kwandika,4amubwira ati: “Nyuragira hagati mu gisagara ca Yerusalemu, ushire ikimenyetso mu ruhanga rw’abo bose bababara, bagacura intimba kubera ibizira bikorerwa muri iki gisagara.”
5Nkiriko ndumviriza, numva abwiye abandi ati: “Nimumukurikire mu gisagara, mwice ata mbabazi n’impuhwe uwo wese musanga atariko ikimenyetso.6Mwice abatama, imisore, inkumi, abagore n’abana. Ariko ntimukore ku muntu n’umwe ariko ikimenyetso. Muhere mu Ngoro yanje.” Nuko baca bahera ku batama bari imbere y’Ingoro.
7Yongera ababwira ati: “Nimuhumanye Ingoro, urugo rwayo murwuzuze imivyimba. Nimugende!” Nuko barasohoka baca mu gisagara bagenda barica nk’uko bari babwiwe.8Bariko barica, nari nsigaye ndi jenyene, nca nikubita hasi nubamye, ndatakamba n’ijwi rirenga nti: “Ewe Uhoraho Nyeninganji, mbega ugira utikize amasigarira ya Isirayeli, mu gusuka uburake bwawe kuri Yerusalemu?”
9Aranyishura ati: “Ivyaha vy’inzu ya Isirayeli n’ivya Yuda vyabaye umurengera; igihugu cuzuye amaraso, umugwa na wo wuzuye akarenganyo. Bibwira bati: ‘Uhoraho yarataye kino gihugu; Uhoraho ntatubona.’10None rero sinzobarabisha ijisho ry’impuhwe, kandi nta n’umwe nzosigaza, ahubwo nzomanurira ku mitwe yabo ivyo bakoze vyose.”
11Maze wa muntu yari yambaye impuzu zera derere afise mu rukenyerero ibikoresho vyo kwandika agaruka kuvuga inkuru ati: “Nakoze ivyo wantumye.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e