Ezekiyeli7

Iherezo rirashitse

1Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti:2“Mwana w’umuntu, ibi ni vyo Uhoraho Nyeninganji abwiye igihugu ca Isirayeli:Umuhero! Umuhero urajeku mpande zine z’igihugu!3None ubu na ho ushitse kuri wewe,kandi nzokwimarirako ishavu.Nzogucira urubanza ku ngeso zawe,maze nguhanire ibizira vyose wakoze.4Sinzokugirira impuhwe,kandi nta we nzosigaza.Nta kabuza nzobahanira ingeso zanyu,n’ibizira vyakorewe muri mwebwe.Ni ho muzomenyera ko ndi Uhoraho.
5Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:Ibara ritari bwigere ribaho!Raba, riraje!6Umuhero urashitse!Umuhero urashitse!Uje kubamara!Ng’uwo urashitse!7Uguhona kuragushikiriye,kuragushitseko wa muntu we uba muri iki gihugu.Igihe kirashitse! Umusi uri hafi!Ni umusi w’agatengo, si uwo kunezerererwa ku misozi.8Ngira ndagusukeko uburake bwanje,ndakwimarireko ishavu;nzogucira urubanza ruhwanye n’ingeso zawe,nguhanire ibibi n’ibizira vyose wakoze.9Sinzokugirira impuhwe,kandi nta we nzosigaza,nzoguhemba ibikwiranye n’ingeso zawe,hamwe n’ibibi n’ibizira vyose biri muri wewe.Ni ho uzomenyera ko ari jewe Uhoraho ngukubise.10Raba, uwo musi!Raba, uraje!Uguhona kuradutse,inkoni yo kugukubita irashuritse,ubwibone bwawe na bwo busheshe amashurwe!11Umuryano ubaye mwinshi,ubaye nk’inkoni yo guhana ikibi.Nta n’umwe wo muri aba bantu atazoshikirwa,nta n’umwe wo muri iryo sinzi,canke ubutunzi bwabo,canke ibintu vy’agaciro bitazoshikirwa.12Igihe kirashitse,wa musi uraje.Umuguzi ntanezerwekandi n’uwugurisha ntababare,kuko uburake bwanje bubashitseko bose.13Umudandaza ntazokwongera kubonaibidandazwa yadandaje,naho we n’uwamuguriye bosigara ari bazima.Kuko ivyerekanywe vyerekeye abo bantu bose,ntibizohinduka.Kubera ivyaha vyabo, nta n’umwe muri boazokiza ubuzima bwiwe.
14Bamaze kuvuza inzamba,mbere ibintu vyose vyateguwe,ariko nta n’umwe azoja ku rugamba,kuko uburake bwanje buri kuri iryo koraniro.15Inyuma y’igisagara hari inkota,mu gisagara na ho hari akaranda n’inzara.Abari mu gihugubazokwicwa n’inkota;abari mu gisagarara na bobazomarwa n’inzara n’akaranda.16Abazocika kw’icumu bagahungabazokwirukira ku misozi.Kurya kw’inuma zo mu biyaya,bazoguguza baboroga,umwe wese arizwa n’ivyaha vyiwe.17Amaboko yose azocika inkokora avemwo inkomezi,amavi na yo aregarege acike nk’amazi.18Bazokwambara amagunira,bambikwe gucika ivutu.Mu maso habo hazokwuzura ibimaramare,kandi imitwe yabo izoharangurwa.
19Bazosanzaza ifeza zabo mw’ibarabara,kandi inzahabu zabo zizofatwa nk’ibintu bihumanye.Inzahabu n’ifeza vyabontibizoshobora kubakizaku musi w’uburake bw’Uhoraho.Ntibizobamara inzara,canke ngo vyuzuze inda zabo,kuko ari vyo vyatumye baja mu vyaha.20Ivyo bashazisha vy’igiciro vyabateye ubwibone,babikoramwo ibigirwamana vyankwa urunuka.Babikuyemwo amashusho ateye isoni,ni co gituma nzobihindura ibihumanye kuri bo.21Ubutunzi bwabo nzobugabira abanyamahanga babunyage,abanyakibi bo kw’isi babusahure,bongere babuhumanye.22Abantu nzobanyegeza mu nyonga hanje,abanyazi na bo baze bahumanye igihugu nakunze.Bazocinjirahanyuma bagihumanye.
23Nimutegure iminyororo!Kuko igihugu cuzuye ugusesa amaraso,n’igisagara kikaba cuzuye umuryano.24Nzozana ihanga rirusha ayandi kuba ribi,ryigarurire amazu yabo.Nzomara ubwibone bw’abahambaye,mpumanye insengero zabo.25Ibirandura umutima nivyaza,bazorondera amahoro batari buyaronke.26Icago kizokurwaho n’ikindi,igihuha kibisikanye n’ikindi.Bazobaza abavugishwa b’ibinyoma ivyo beretswe,inyigisho z’ivyagezwe z’abaherezi zizobura,co kimwe n’impanuro z’abakurambere.27Umwami azogandara,umuganwa yihebure, amaboko y’abanyagihugu adendebukirwe.Nzobahana nk’uko ingeso zabo ziri,ndabacire urubanza nkurikije amategeko yabo.Ni ho bazomenya ko ndi Uhoraho.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e