Ezekiyeli41

1Hanyuma wa muntu anjana mu cumba gikuru c’Ingoro, apima impome zari ku mpande zompi z’inzira yaja muri ico cumba: zapima ingero z’igice c’ukuboko zitandatu z’ubwaguke,2n’ingero z’igice c’ukuboko cumi z’uburebure bw’amakika, hamwe n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu kuva ku ruhome rumwe gushika ku rundi. Iyo Ngoro yari ifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo ine z’uburebure bw’amakika, n’ubwaguke bw’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri .
3Maze yinjira mu cumba co haruguru, apima inkingi z’umuryango; imwimwe yose yari ifise ingero z’igice c’ukuboko zibiri z’ubwaguke, n’ingero z’igice c’ukuboko zitandatu z’uburebure bw’amakika, kandi uburebure bwo kuva ku muryango gushika ku zindi mpome bwari ingero z’igice c’ukuboko indwi .4Apima ubwaguke bw’ico cumba c’imbere, asanga kingana n’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri ku ruhande rwose kandi impande zose zarangana. Maze aca ambarira ati: “Aha ni Ahera Cane.”
5Yongera apima uruhome rw’Ingoro, asanga rupima ingero z’igice c’ukuboko zitandatu z’ubwaguke, utwumba tw’ububiko twari dufise ingero z’igice c’ukuboko zine z’ubwaguke, dukikuje urusengero impande zose.6Kandi utwo twumba two ku ruhande twari tugerekeranye ku buryo tuba amagorofa atatu, umurongo wose uriko utwumba mirongo itatu. Impome zatwo zari zegeranye n’uruhome rw’inyuma rw’Ingoro ariko zikikuje impande zose z’Ingoro, kugira ngo ntitwegamire kuri rwo.7Utwo twumba twari dukikuje Ingoro, uko twari tugerekeranye ni ko twarutana. Inyubako ikikuje urusengero yari yubatswe mu buryo igenda iraduga, ku buryo utwo twumba twagenda twaguka uko umuntu aduga. Hariho ingazi iyo uriko uraduga ujana igenda iduga kandi izunguruka ikikuje urusengero, mu kuja mu twumba two hejuru ugaca mu two hagati.
8Hanyuma mbona ko iyo ngoro ifise urufatiro rurenze gatoya ku ruhome, rukaba n’urufatiro rwo ku ruhande rw’utwo twumba. Uburebure bw’igihagararo bw’urwo rufatiro rwari ingero z’igice c’ukuboko zitandatu .9Ubwaguke bw’urwo ruhome rw’inyuma rwariko utwo twumba bwari ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’ubwaguke. Umwanya wasigara hagati y’utwo twumba two ku ruhande10n’utwumba tw’abaherezi wari ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri z’ubwaguke uzungurutse urusengero.11Imiryango y’utwo twumba yari iraba ku mbuga, umuryango umwe uraba mu buraruko, uwundi uraba mu bumanuko. Ahari hatubatse hagati y’amazu hari ingero z’igice c’ukuboko zitanu z’ubwaguke.
12Inzu yari imbere y’ahatubatse haherereye mu burengero bw’urusengero, yari ifise ingero z’igice c’ukuboko indwi z’ubwaguke. Impome zayo zari zifise intimba ingana y’ingero z’igice c’ukuboko zitanu , uburebure bw’iyo nzu na bwo bwangana n’ingero z’igice c’ukuboko mirongo icenda .
13Maze apima urusengero; rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko ijana z’uburebure bw’amakika, kandi kuva kuri rwo ugaca ku mbuga yari irukikuje harimwo n’impome z’uruzitiro, hari ingero z’igice c’ukuboko ijana z’uburebure.14Imbuga yo ku ruhande rwo mu buseruko bw’urusengero ifatanye n’imbere y’urusengero hari hafise ubwaguke bw’ingero z’igice c’ukuboko ijana .
15Maze apima uburebure bw’inyubakwa irabana n’imbuga y’imbere y’urusengero, harimwo n’amabaraza yarwo ku mpande zose; yari ifise ingero z’igice c’ukuboko ijana .
Mu rusengero, ahanini habera amakoraniro, n’ibaraza vyose vyaraba kuri iyo mbuga,
16hamwe rero n’urugi n’amadirisha vyari imbere mu rusengero, no mu mabaraza akikuje ku mazu agerekeranye atatu atatu, no mu muryango hose, igisenge caho cari gikozwe mu mbaho, kandi uhereye hasi, ukaduga ku mpome gushika ku madirisha no hejuru yayo hari hapfukishije imbaho.17Inyuma n’imbere mu Ngoro, kuva mu rwinjiriro gushika ku cumba c’inyuma, impome zari zishushanijweko ibisharizo.18Vyari bishushanijweko abakerubi, n’ibigazi. Ikigazi cose cakurikirana n’umukerubi, kandi umukerubi wese yari afise mu maso habiri.19Mu maso hamwe hari hameze nk’ah’umuntu, hakaraba ku kigazi co ku ruhande rumwe, ahandi hari hameze nk’ah’intare hakaraba ku kindi kigazi co ku rundi ruhande. Vyari bishushanije ku mpande zose z’Ingoro.20Kuva hasi gushika hejuru y’umuryango hari hashushanije abakerubi n’ibigazi. Uko ni ko impome zose z’Ingoro zari zishushanijweko.
21Ibishimaryango vy’umuryango w’Ingoro vyari bifise impande zingana, kandi n’ivy’urugi ruja Ahera Cane vyangana n’ivyo.22Hariho igicaniro cabajwe mu giti, cari gifise ingero z’igice c’ukuboko zitatu z’uburebure, n’ingero z’igice c’ukuboko zibiri z’ubwaguke, kandi impande zose zarangana: imfuruka zaco, aho giterekwa hamwe n’impande zaco vyari bikozwe mu mbaho. Uwo muntu arambarira ati: “Iyi ni imeza iri imbere y’Uhoraho.”23Kandi Ingoro hamwe n’Ahera Cane vyari bifise inzugi zibiri.24Urugi rumwerumwe rwose rwari rugabuwemwo zibiri zugururwa zija ku mpande zose.25Inzugi zo ku Ngoro zari zishushanijeko abakerubi n’ibigazi nka bimwe bishushanije ku mpome, kandi imbere y’umuryango hari ubwicaro bukozwe mu mbaho.26Kandi ku mpande zose z’umuryango hari amadirisha matomato akingiwe n’ivyuma, hamwe n’ibigazi bishushanije.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e