Ezekiyeli23

Ba maraya bavukana

1Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti:2“Mwana w’umuntu, habaye abagore babiri bavukana.3Bompi baba ba maraya muri Egiputa, batangura ubwo bumaraya bakiri bato. Aho ni ho amabere yabo batanguriye kuyakorakora, amabere y’ubusugi bwabo agakandakandwa.4Mukuru yitwa Ohola, murumunawe yitwa Oholiba. Bose bari abanje, kandi baravyaye abahungu n’abakobwa. Ohola ni Samariya, Oholiba na we ni Yerusalemu.
5Ohola yagiye kuba maraya yari uwanje; ariko araheza agira abo yikundiye, ari bo banyentambara b’Abashuri.6Bari bambaye imyambaro isa n’ubururu, bari abatware n’abakuru b’ingabo, imisore iteye igomwe, bagendera ku mafarasi.7Nuko ahurumbira kuba maraya w’abahizi bo muri Ashuri, yihumanisha ibigirwamana vy’uwo wese yipfuje.8Ntiyigeze aheba ubumaraya bwiwe yatanguriye muri Egiputa, aho yahereye mu buto bwiwe asambana n’abagabo, bagakorakora ubusugi bwiwe, bakamwimarirako inyota yabo yose y’ubusambanyi.
9Ni co catumye ndamurekurira mu maboko y’abo yikundiye ari bo Bashuri, bari baramutwaye umutima.10Baramwambuye bamusiga amenya, bamutwara abana, maze bamwicisha inkota. Maze ahinduka agatwengo mu bandi bagore bose kubera igihano yahawe.
11Ivyo murumunawe Oholiba yarabibona, ariko we arushiriza kuba umusambanyi, ingeso ziwe zirononekara gusumba iza mukuruwe.12Na we nyene yakunze Abashuri: abatware, abakuru b’ingabo, abasoda bambaye neza, bagendera ku mafarasi, ndetse n’iyindi misore myiza yose.13Maze mbona ko na we yihumanije, ko yatwawe n’ingeso za mukuruwe.
14Ariko Oholiba wewe yararengeje urugero muri ubwo bumaraya bwiwe, kuko yabonye ku mpome ibishushanyo vy’abagabo b’Abakaludaya, basize ibara ritukura,15bakenyeje imikanda mu rukenyerero, n’ibitambara ku mitwe yabo; bose basa n’abakuru b’ingabo z’i Babiloni mu Bukaludaya bagendera ku mafarasi, imvukira z’i Babiloni.16Akibakubise ijisho, arabipfuza, aca abatumako intumwa mu Bukaludaya.17Maze Abanyababiloni baza aho ari, basambana na we, bamuhumanisha ubusambanyi bwabo. Ariko amaze guhumanywa na bo, arabazinukwa.18Igihe yakora ubwo bumaraya bwiwe ku mugaragaro, akagaragaza ubwambure bwiwe, naramuzinutswe nk’uko nari nazinutswe mukuruwe.19Ariko akomeza kugwiza ubusambanyi bwiwe, yibuka imyaka y’ubuto bwiwe, igihe yari maraya muri Egiputa.20Hariya yikurikiriye abamusambanya, bari bafise ibitsina nk’ivy’indogoba, bagashuha nk’ifarasi.21Ewe Oholiba, uko ni ko wiyibukije ubusambanyi bwo mu buto bwawe ukiri muri Egiputa, igihe igikiriza cawe bagikorakora, amabere yawe agakandakandwa.
22None rero ewe Oholiba, uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: ‘Ehe ngiye kukurekurirako barya wikundiye, hanyuma ukabazinukwa, bagutere baturutse impande zose.23Abanyababiloni hamwe n’Abakaludaya bose bazozanana, abagabo b’i Pekodi, i Showa n’i Kowa hamwe n’Abashuri bose bazozanana na bo, imisore myizamyiza, irimwo abatware, abakuru b’ingabo, abagendera ku mafarasi, hamwe n’abashizwe hejuru, bose baze ku mafarasi.24Bazogutera bitwaje ibigwanisho, imikogote, hamwe n’abasoda benshi. Bazogukikuza impande zose, bitwaje inkinzo nininini na ntonto, bambaye n’inkofero z’ivyuma. Nzokurekurira mu maboko yabo baguhane, kandi baguhane bakurikije amategeko yabo.25Nzokurekurirako ishari ryanje, maze na bo bazoguhanana uburake. Bazoguca izuru n’amatwi, kandi amasigarira azomarwa n’inkota. Abahungu n’abakobwa bawe bazotwarwa nk’inyagano, abazosigara na bo bazotongorwa n’umuriro.26Bazokwambura ivyambarwa vyawe, bagutware udusharizo twose.27Ukwo ni ko nzoshira iherezo ku bumaraya bwawe buteye isoni watanguriye muri Egiputa. Ivyo ntuzosubira kubiraba, canke ngo umutima wawe wipfuze kwibuka ivyo muri Egiputa.
28Kuko uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Ngira ndakurekurire mu minwe y’abo wanka, abo wazinutswe.29Bazoguhanana urwanko rwinshi, bagutware ivyo wabiriye akuya. Bazokwambura bagusige uri gusa, n’isoni z’ubumaraya bwawe zizoshirwa ahabona. Ubusambanyi bwawe buteye isoni30ni bwo bugukwegeye ivyo, kuko wasambanye n’ayandi mahanga, wihumanisha ibigirwamana vyayo.31Wagendeye mu ngeso za mukurwawe, none nzoguhanisha ivyago vyamuranduye.
32Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze:Uzonywera ku gikombe ca mukurwawe,igikombe cagutse kandi kinini;nzotuma bagucokora kandi bagutwenga,kuko igikombe cawe cuzuye.33Uzokwuzura akaborerwe n’imibabaro,igikombe c’ukurandurwa n’ukuba akahebwe,ni co gikombe ca mukurwawe Samariya.34Uzokinywa uciranguze;uzokimenagura ugihekenya,hanyuma witabagure igikiriza kubera umubabaro.Ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.
35Ni co gituma Uhoraho Nyeninganji avuga ati: Ko wanyibagiye ukampa umugongo, utegerezwa kwemera ingaruka z’ubusambanyi bwawe buteye isoni.’ ”
36Uhoraho yongera arambwira ati: “Mwana w’umuntu, cira urubanza Ohola na Oholiba. Bamenyeshe ibizira bakora,37kuko babaye abasambanyi, kandi bakaba bafise amaraso ku maboko yabo. Basambanye n’ibigirwamana vyabo; babishikanira ibimazi vy’abana babo, abo bari bamvyariye, babahindura ivyokurya vyabo.38Ikindi bankoreye ni iki: bahumanije Ingoro yanje, amasabato yanje ntibayaziririza.39Umusi batanga ibimazi vy’abana babo ni ho binjira mu Ngoro yanje gusenga. Ng’uko uko bahumanije Ingoro yanje.
40Batumyeko n’abagabo ba kure cane, na bo baraza. Bababonye baca bariyuhagira, barituganya mu maso, barashaza.41Baca bicara ku buriri bwiza cane, batunganya n’imeza imbere yabo, babatega ibiturirwa bikamota neza n’amavuta ya elayo, kandi vyari ivyanje.
42Inzu zabo zamamwo urwamo rw’abagabo benshi, imborerwa, abo batumyeko bakava mu bice bitandukanye vy’ubugaragwa, bambitse ibikomo abo bagore ku maboko babambika n’ingori nziza cane ku mitwe.43Maze ndavuga ivy’uwo yabaye akaheze kubera ubusambanyi nti: ‘Nibamukoreshe ubumaraya kuko asanzwe ari we.44Nuko basambana na we. Nk’uko abagabo basambana na ba maraya, ni ko basambanye n’abo bagore babiri, Ohola na Oholiba.45Ariko abagabo b’abagororotsi bazobacira urubanza, bahane abo bagore basambana bagasesa amaraso, kuko ni abasambanyi, kandi ibiganza vyabo vyuzuyeko amaraso.
46None rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Nimuhagurutse igitero kuri bo, bacike ivutu, kandi mubasahure ivyabo.47Ico gitero kibatere amabuye, congere kibatemaguze inkota; baze bice abahungu n’abakobwa babo, baturire n’amazu yabo.
48Uko ni ko nzoherengeteza ibiterasoni vyo muri iki gihugu, kugira ngo mburire abandi bagore bose ntihagire uwuzokwigana ingeso zanyu.49Muzosubirizwa mu nkoko ibikwiranye n’ivyaha vy’ugusenga ibigirwamana mwakoze. Ni ho muzomenyera ko ndi Uhoraho Nyeninganji.’ ”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e