Kuvayo32
Abisirayeli bicurira imana
1Abantu babonye Mose atevye kuri uwo musozi, bakoranira aho Aroni ari, baramubwira bati: “N’uturonderere imana zo kutuja imbere, kuko umwe Mose yadukura muri Egiputa tutazi ivyamushikiye.”2Aroni arababwira ati: “Ambura ayo mahereni y’inzahabu, ayo abagore, abakobwa n’abahungu banyu bambaye ku matwi muyanzanire.”3Nuko abantu bose bambura amahereni yabo bayazanira Aroni.4Maze Aroni arayakira yose ayacuramwo ikigirwamana gifise ishusho y’ishuri akoresheje imikasi. Baca babwira abantu bati: “Yemwe Bisirayeli, izi ni zo mana zabakuye muri Egiputa.”5Aroni abibonye, aca yubakira igicaniro iyo shuri, aca atangariza abantu ati: “Ejo tuzogira umusi mukuru w’Uhoraho.”6Maze bukeye abantu bose bavyuka kare, bashikana ibimazi biturirwa n’umuriro hamwe n’ibimazi vy’amashimwe. Inyuma y’ivyo baca baricara bararya, baranywa, hanyuma barahaguruka batangura kuvyina.7Maze Uhoraho abarira Mose ati: “Manuka ugende kuko ba bantu bawe wakura muri Egiputa bononekaye.8Bamaze kuva mu vyo nabageze, bicuriye ikigirwamana gifise ishusho y’ishuri. Bacikubise imbere kandi banagishikaniye ibimazi, bongera bavuga bati ‘Yemwe Bisirayeli, izi ni zo mana zabakuye muri Egiputa.’ ”9Hanyuma Uhoraho abarira Mose ati: “Aba bantu nabihweje, ndabona ko ari ubwoko bw’intagondwa.10None rero ndeka ico nikorera, uburake bwanje bubaziriringire, ndabarandure. Hanyuma wewe nzoheza ndakugire ihanga rikomeye cane.”11Ariko Mose atakambira Uhoraho Imana yiwe avuga ati: “Uhoraho we, ni iki gitumye uburake bwawe buziriringira abantu bawe, abo wakuje muri Egiputa ukuboko kwawe kw’inkomezi?12Ugomba Abanyegiputa bazovuge ngo: ‘Imana yabo yabakijije ifise intumbero mbi yo kubahonereza mu misozi no kubazimanganya kw’isi?’ Hwamika uburake bwawe, wigarure ntuteze ivyago abantu bawe.13Ibuka abasavyi bawe Aburahamu, Isaka na Isirayeli abo wabwiye wewe nyene wirahiye uti: ‘Nzogwiza uruvyaro rwanyu rungane n’inyenyeri zo kw’ijuru, kandi nzoruha iki gihugu nabasezeraniye, ngo kibe inyegu yabo ibihe vyose.’ ”14Maze Uhoraho arigarura, ntiyateza ivyago abantu biwe nk’uko yari yabivuze.15Maze Mose ava kuri wa musozi aramanuka afise mu minwe vya bisate vy’amabuye bibiri biriko amabwirizwa. Vyari vyanditseko ku mpande zompi, imbere n’inyuma.16Ivyo bisate ni Imana yari yabitunganije, kandi amajambo yariko yari inyandiko y’Imana, ikorogoshowe kuri vya bisate.17Yosuwa yumvise urwamo rwinshi rw’abantu, abarira Mose ati: “Hari urwamo rw’intambara mu makambi yacu.”18Mose aramwishura ati:“Ahubwo si urwamo rw’intsinzi,si n’urw’abaneshejwe,jewe numva amajwi y’indirimbo.”19Mose ageze hafi y’ikambi babamwo aca abona ya shuri, abona n’ingene batamba, uburake bwiwe buraziriringa, aca ata vya bisate vy’amabuye hasi musi y’umusozi, biramenagurika bicika ubunywenywe.20Aca afata ya shuri bari bacuze, arayiturira, arayisya icika ifu, aca ayimijagira mu mazi, ayanywesha Abisirayeli.21Maze abwira Aroni ati: “Mbega aba bantu bakugize iki catumye ubakwegera mu caha kingana gutya?”22Aroni yishura ati: “Uburake bwawe ntibunziriringire mwami wanje. Urazi ingene aba bantu babaye nabi.23Bambariye bati: ‘Dukorere imana zizotugendera imbere, kuko umwe Mose yadukura muri Egiputa tutazi ivyamushikiye.’24Ni ko kubabwira nti: ‘Abafise amahereni y’inzahabu nibayambure.’ Nuko bampa izo nzahabu nanje ndazivugutira mu muriro, ndabakorera iyo shuri!”25Maze Mose abona ko abantu ata co birinda na kimwe, kandi ko Aroni yabaretse ngo bakore ivyo bishakiye; gutyo baba bahindutse agatwengo mu maso y’abansi babo.26Ni ko guhagarara mu rwinjiriro rw’aho bari bacumbitse, avuga ati: “Uwuri ku ruhande rw’Uhoraho aze aho ndi.” Maze Abalewi bose bakoranira aho ari.27Aca avuga ati: “Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli avuze: ‘Umugabo wese muri mwebwe afate inkota. Musubire mu nsago kuva ku ruhande rumwe gushika ku rundi. Mwice uwo musangayo wese, yaba mwenewanyu, umugenzi canke umubanyi wanyu.’ ”28Abalewi babigenza nk’uko Mose yabibabwiye, uwo musi hapfa abantu nk’ibihumbi bitatu.29Maze Mose avuga ati: “Uwu musi muritoranije mwebwe nyene kugira ngo mukorere Uhoraho, kuko mwumviye, mukica n’abana banyu na benewanyu. Uwu musi Uhoraho abahaye umugisha.”30Bukeye Mose abarira abantu ati: “Mwakoze icaha gihambaye. Ariko ngira nduge aho Uhoraho ari, hari aho yonyemerera nkabatangira impongano.”31Maze Mose asubira aho Uhoraho ari, aramubwira ati: “Uhoraho we, aba bantu bakoze icaha gikomeye. Bicuriye imana mu nzahabu.32Ariko noneho ndakwinginze ubaharire icaha cabo, atari uko na ho uhanagure izina ryanje mu gitabu wanditse.”33Uhoraho yishura Mose ati: “Oya, uwancumuyeko ni we nzohanagura izina ryiwe mu gitabu canje.34None rero manuka, ujane abantu hamwe nababwira, umumarayika wanje azobaja imbere. Ariko igihe co kubahana nicagera, nzobahanira icaha cabo.”35Uhoraho ateza icago abo bantu, kuko basenze iyo shuri Aroni yabacuriye.Biblica, Inc.