Kuvayo25

Amashikanwa y’Isandugu y’Isezerano

1Uhoraho abarira Mose ati:2“Barira Abisirayeli banshikanire ibimazi. Uze wakire ibimazi vyose umuntu azotanga bivuye ku mutima.3Uze wakire ibimazi bikurikira:
inzahabu, ifeza, umwakaka;
4inyuzi zisa n’ubururu, izitukura, n’izitukura cane hamwe n’izera derere; n’ubwoya bw’impene;5insato z’intama n’iz’impene zisize irangi ritukura; n’imbaho z’ibiti vy’ikasiya;6amavuta ya elayo; ibirungo bivangwa n’amavuta n’ibindi bimota neza iyo bituriwe;7utubuye tw’agaciro twitwa onigisi hamwe n’utundi two gushariza efodi n’impuzu yo mu gikiriza y’umuherezi mukuru.
8Wongere ubabwire banyubakire aho kuba, nanje nzoheza ngerere hagati muri bo.9Muzonkorere isandugu muyishireko ibikenewe vyose nk’uko ngiye kubikwereka.

Uko isandugu izoba imeze

10Ubabwire bankorere isandugu mu giti c’ikasiya, ifise ingero z’igice c’ukuboko zibiri n’igice z’uburebure, ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’ubwaguke, hamwe n’ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’igihagararo.11Bazoyisige inzahabu itavanze imbere n’inyuma, kandi bazoyikorere urubiga rw’inzahabu ruyikikuje.12Bazoyicurire ibigombo bine mu nzahabu babimadike ku mfuruka zine zayo; bibiri ku ruhande rumwe, ibindi bibiri ku rundi.13Bategure n’imyamba ibiri miremire igororotse mu giti c’ikasiya, bayomekeko inzahabu.14Bazokwinjize iyo myamba muri ivyo bigombo bine biri ku mpande zibiri za ya sandugu kugira ngo ibe iyo kurerura iyo sandugu.15Iyo myamba ibiri ize yame muri ivyo bigombo ntize yigere ivamwo.16Muri iyo sandugu uzoshiremwo vya bisate vy’amabuye biriko amabwirizwa nzoguha.
17Bazoyicurire umupfundikizo wo guhongerako mu nzahabu itavanze, ufise ingero z’igice c’ukuboko zibiri n’igice z’uburebure n’ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice y’ubwaguke.18Baze bacure abakerubi babiri mu nzahabu ihondaguye n’inyundo, bazobatere ku mpera zibiri z’uwo mupfundikizo.19Umukerubi umwe azoje ku mutwe umwe w’umupfundikizo, uwundi aje ku wundi mutwe, hanyuma vyose bizofatanywe bigirwe nk’ikintu kimwe.20Abakerubi bazobe bashanje amababa yabo araba hejuru, bayapfutse wa mupfundikizo wose. Bazobe barabana, bunamye baraba ku mupfundikizo w’isandugu.21Uwo mupfundikizo uzoshirwe kuri ya sandugu, muri iyo sandugu na ho muzoshireyo vya bisate vy’amabuye biriko amabwirizwa nzoguha.22Aho ni ho tuzobonanira, nkabavugisha ndi hejuru y’uwo mupfundikizo, hagati y’abakerubi babiri bacuzwe mu nzahabu, bapfutse Isandugu y’Isezerano. Aho ni ho tuzobonanira hanyuma ndabahe ivyagezwe Abisirayeli bazokurikiza.

Uko imeza izoba imeze

23Muze mukore imeza mu giti c’ikasiya, ifise uburebure bw’ingero z’igice c’ukuboko zibiri , ubwaguke bw’ingero y’igice c’ukuboko imwe , n’igihagararo c’ingero y’igice c’ukuboko imwe n’igice .24Muzoyisige inzahabu itavanze, bazoyikikuze n’urubiga rw’inzahabu.25Impande zine zayo zizokikuzwe imbiga z’inzahabu z’ubwaguke bungana n’ikiganza c’umuntu. 26Muze mucure ibigombo bine mu nzahabu mubitere ku mfuruka zine, ahaherereye amaguru y’iyo meza.27Ivyo bigombo bizoterwe hafi y’imbiga kugira ngo vyinjizwemwo imyamba yo kurerura iyo meza.28Imyamba ize ibazwe mu giti c’ikasiya, bazoyomekeko inzahabu, izobe ari yo ikoreshwa mu kurerura iyo meza.29Muzoyicurire amasahani, udukombe, utubesani n’udukarabo mu nzahabu itavanze, vyo gusukisha amashikanwa y’umuvinyu n’amavuta ku gicaniro.30Muzokwame mushira ku meza imikate izokwama imbere yanje ibihe vyose.

Uko ibiterekwako amatara bizoba bimeze

31Muze mucure igiterekwako amatara mu nzahabu itavanze kandi bahondaguje inyundo. Ibikigize vyose bizobe bifatanijwe, bigizwe ikintu kimwe hamwe n’ibigisharije: intebe yaco, umutumba waco, n’ibikombe vy’amatara bimeze nk’amashurwe apfunditse n’ayasambuye.32Bazogishireko amashami atandatu afashe ku mutumba waco, atatu ku ruhande rumwe n’ayandi atatu ku rundi.33Ishami ryose rize rigire ibikombe bitatu bimeze nk’amashurwe y’igiti citwa shakedi, apfunditse n’ayasambuye. Kw’ishami rikurikira bizobe uko, kandi ni ko bizomera no kuri ayo mashami atandatu yose ari ku giterekwako amatara.34Kuri co hazobeko ibikombe bine bimeze nk’amashurwe y’igiti citwa shakedi, apfunditse n’ayasambuye.35Musi y’amashami abiri ya mbere hazobe ishurwe ripfunditse riva ku mutumba waco, irya kabiri ribe musi y’ayandi abiri akurikira, irya gatatu musi y’amashami ya gatatu, gutyo gutyo gushika kuri atandantu yose hamwe.36Amapfundo y’amashurwe hamwe n’amashami bizobe bifatanijwe, bigizwe ikintu kimwe n’umutumba w’igiterekwako amatara, vyose bicuzwe mu nzahabu itavanze.
37Maze muheze mugikorere amatara indwi, muyagishireko kugira ngo aboneshe imbere yaco.38Utundi dukoresho twose nk’imikasi n’udusahani bijanye bizobe bicuzwe mu nzahabu itavanze.39Mu gucura ico giterekwako amatara hamwe n’ibijanye na co vyose hazokoreshwe italanto y’inzahabu itavanze.40Uze urabe neza ko bikorwa nk’uko wavyerekewe kuri uwu musozi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e