Kuvayo12

Ivy’Isabato n’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro

1Uhoraho abarira Mose na Aroni bari muri Egiputa ati:2“Uku kwezi kuzobabera ukwa mbere mu yandi mezi; kuzobabera ukwa mbere mu mezi y’umwaka wanyu.3Barira Abisirayeli ko ku musi ugira icumi w’uku kwezi umuntu wese azoronderera umuryango wiwe umwagazi w’intama canke w’impene, umuryango wose uzorondere umwagazi umwe.4Umuryango ubaye muto aho utomara umwagazi, bazowusangire n’ababanyi bawegereye, bitewe n’igitigiri c’abari muri uwo muryango. Mutegekanye imyagazi ikwiranye n’uko abantu bangana.5Umwagazi muzotegura uzobe ishuri imaze umwaka, kandi ube uwutagira agasembwa.6Muzowubungabunge gushika ku musi ugira cumi na kane, maze abagize umuryango bazowukerere izuba rirenze.7Hanyuma muzofate amaraso yawo, muyasige ku bishimaryango vyompi no hejuru y’umuryango vy’amazu muzowuriramwo.8Inyama zawo muzozirye iryo joro nyene zokeje, muzikoze imboga zirura, n’imikate itarimwo umwambiro.9Ntimuzozirye mbisi canke zitetse, ahubwo muzozotse. Muzozirye zose: umutwe, ibinono n’izo mu nda.10Ntihazogire izo muraza. Nihagira izirara, mu gatondo muzoziturire.11Nguku uko muzozirya mumeze: muzozirye mukenyeye, mwambaye ibirato, mufise n’inkoni yo kwitwaza mu minwe. Muzozirye mwihuta. Iyo ni yo Pasika y’Uhoraho.
12Iryo joro nyene nzoca muri Egiputa, nice imfura zose, iz’abantu n’iz’ibikoko, nongere ncire urubanza imana zose za Egiputa. Ni jewe Uhoraho ndabivuze.13Amaraso azoba ikimenyetso ku nzu murimwo, kandi aho nzobona amaraso nzoharengana. Nta cago co gutikiza kizobakorako ninakubita Egiputa.
14Uwo musi muzohore muwibuka. Uko urunganwe rwanyu ruzogenda rukurikirana, muzohore muwuhimbaza nk’umusi mukuru w’Uhoraho.15Muzomare imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro. Ku musi wa mbere, muzokure umwambiro wose mu mazu yanyu, nayo uwuzorya ikintu na kimwe kirimwo umwambiro muri iyo misi indwi azocibwe mu Bisirayeli.16Ku musi wa mbere muzogire ikoraniro ryera, irindi muzorigire ku musi ugira indwi. Kandi ico kiringo cose muzokimare ata kindi gikorwa mukora, kiretse gutegura ivyo kurya. Ico ni co mwemerewe gukora conyene.
17Muzohimbaze umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro kuko ari kuri uwo musi nzoba narabakuriyeko muri Egiputa. Muzowuhimbaze nk’icagezwe kizokwamaho ibihe vyose uko urunganwe rwanyu ruzogenda rukurikirana.18Mu kwezi kwa mbere, muzorye imikate itarimwo umwambiro muhereye mw’ijoro ryo ku musi ugira icumi na kane gushika ku musi ugira mirongo ibiri na rimwe.19Muri iyo misi indwi, ntihazogire umwambiro urangwa mu mazu yanyu. Kandi uwuzorya ikintu na kimwe kirimwo umwambiro azocibwe mu muryango w’Abisirayeli, yaba kavantara canke uwavutse ari Umwisirayeli.20Ntihaze hagire ikintu na kimwe kirimwo umwambiro murya. Aho muzoba muba hose, muzorye imikate itarimwo umwambiro.”
21Maze Mose akoranya abakuru bose bo mu Bisirayeli arababwira ati: “Ihute mugende muronderere imiryango yanyu imyagazi y’intama, mubage umwagazi wa Pasika.22Mufate udushami twa ezobu, mudukoze mw’ibesani irimwo amaraso, muyasige ku bishimaryango hejuru no hirya no hino y’urwinjiriro. Ntihazogire uwusohoka hanze gushika bukeye.23Uhoraho niyaca mu gihugu ca Egiputa gutikiza Abanyegiputa hanyuma akabona amaraso ku bishimaryango azoca arengana, ntazokwemera ko umuranduzi yinjira mu nzu zanyu kubatikiza.
24Ibi mubikurikize nk’icagezwe kizokwamaho kuri mwebwe no ku bana banyu.25Nimwashika mu gihugu Uhoraho azobaha nk’uko yakibasezeraniye, muzokwame mwibuka kugira uwo musi mukuru.26Abana banyu nibababaza bati: ‘Mbega uwu musi mu vy’ukuri usigura iki?’27Muzobabwire muti: ‘Ni ikimazi ca Pasika dushikanira Uhoraho, kuko yarenganye amazu y’Abisirayeli muri Egiputa, arengana ingo zacu, atikiza Abanyegiputa.’ ” Mose ahejeje kubabwira ivyo, baca barunama barasenga.28Nuko Abisirayeli babikora nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose na Aroni.
29Ijoro rigeze hagati, Uhoraho atikiza imfura zose zo muri Egiputa, uhereye ku mfura ya Farawo yatwara Egiputa ugashitsa no ku mfura z’abagurano biwe bari mu mabohero. N’ibitungwa vyavutse ubwa mbere birapfa.30Farawo n’abatware biwe hamwe n’Abanyegiputa bikanguye mw’ijoro, haba induru n’amaborogo menshi muri Egiputa, kuko ata nzu n’imwe yasigaye itabuze umuntu.

Abisirayeli bava muri Egiputa

31Mw’ijoro, Farawo ahamagaza Mose na Aroni arababwira ati: “Nimugende! Nimumvire mu bantu mwe n’Abisirayeli! Nimugende musenge Uhoraho nk’uko mwabisavye.32Nimujane ibitungwa vyanyu nk’uko mwabisavye, mugende, kandi mugende munsabiye umugisha.”
33Abanyegiputa binginga Abisirayeli ngo bihute bave muri ico gihugu, kuko biyumvira bati: “Batagiye vuba, twese turapfa!”34Nuko Abisirayeli bafata ibikandu bitarimwo umwambiro, babishira mu twato bacumbamwo, babitwara ku bitugu bitekeye mu mitamana.35Abisirayeli bagenza uko Mose yababwiye, basaba Abanyegiputa ibikoresho bikozwe mu nzahabu no mw’ifeza hamwe n’ivyambarwa.36Uhoraho atuma Abanyegiputa baraba ryiza Abisirayeli, babaha ivyo babasavye, gutyo baba baranyaze Abanyegiputa.
37Abisirayeli bafata urugendo bava i Ramusesi baja i Sukoti. Bari abagabo bashika nk’ibihumbi amajana atandatu, abagore n’abana batarimwo.38Hari n’isinzi ry’abandi batari Abisirayeli bajanye na bo, kandi bari kumwe n’ibitungwa vyinshi cane.39Mu mitsima y’ibikandu bakuye muri Egiputa, baciye bakora imikate itarimwo umwambiro. Icatumye ivyo bikandu bitabamwo umwambiro n’uko bavuye muri Egiputa bihuta; nta mwanya baronse wo gutegura iyindi mpamba.
40Igihe Abisirayeli bamaze muri Egiputa ni imyaka amajana ane na mirongo itatu.41Ku musi wa nyuma w’iyo myaka amajana ane na mirongo itatu ni ho ingabo z’Uhoraho zava muri Egiputa.42Kubera yuko Uhoraho yabereye maso Abisirayeli iryo joro ryose kugira ngo abakure muri Egiputa, Abisirayeli na bo bategerezwa kwama barirarako bari maso, kugira ngo baheshe Imana icubahiro uko urunganwe rwabo ruzogenda rukurikirana.

Ibijanye n’umusi wa Pasika

43Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: “Ibi ni vyo muzokurikiza mu kurya ivya Pasika:
Ntihaze hagire umunyamahanga azobiryako.
44Ariko nihaba hari umugurano mwaguze, azobiryeko nimba yarakebwe.45Ariko uwuzoba abana namwe igihe gito canke umucangero ntaze abiryeko.
46Umwagazi w’intama wa Pasika muzowurire mu nzu, ntihaze hagire inyama muzosohokana hanze, kandi ntihaze hagire igufa na rimwe muzovuna.47Imiryango ya Isirayeli yose izohimbaze umusi mukuru wa Pasika.
48Abanyamahanga baba muri mwebwe bagomba guhimbaza Pasika y’Uhoraho, abagabo bo muri bo bose bazobanze bakebwe, babone gusangira n’abavutse ari Abisirayeli. Ariko ntihaze hagire uwutakebwe arya ku vya Pasika.49Iri tegeko rigenga bose, baba abavutse ari Abisirayeli canke abanyamahanga bazoba baba muri mwebwe.”
50Abisirayeli bose babigenza uko Uhoraho yabitegetse Mose na Aroni.51Uwo musi nyene, Uhoraho akura Abisirayeli muri Egiputa nk’uko imice y’ingabo zabo yari iri.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e