Esiteri1

Vashiti yakwa iteka ryo kuba umwamikazi

1Ibi ni vyo vyabaye mu gihe ca Ahasuwerusi, uwo Ahasuwerusi akaba yari umwami w’ibihugu ijana na mirongo ibiri n’indwi uhereye mu Buhindi ukageza muri Etiyopiya.2Muri ico gihe umwami Ahasuwerusi yaganza ari ku ntebe yiwe y’ubwami, iyo ntebe ikaba yari ku mugwa w’i Suza,3maze mu mwaka ugira gatatu w’ingoma yiwe ategurira amazimano abaganwa n’abanyacubahiro biwe. Abakuru b’ingabo z’Abaperesi n’iz’Abamedi, abaganwa n’abishikira bo mu ntara zose ni ho bari bari.
4Imisi ijana na mirongo umunani yose yaheze ariko arerekana ubutunzi bwinshi, ugukayangana hamwe n’ubwiza vy’ubwo bwami bwiwe.5Iyo misi iheze, umwami arabazimana. Amazimano amara imisi indwi, bari ku kirimba iwe mu rugo rukikujwe n’uruzitiro. Kuva ku muntu mutoya ukageza ku mukuru, bose bari ngaho ku kirimba i Suza.6Urugo rwari rusharijwe n’ibitambara vy’amabara yera n’ayasa n’ubururu, biboshwe n’imigozi ikozwe mu mpuzu yera hamwe n’ibikoresho bisa n’agahama, bibohewe ku mizingi ikozwe mw’ifeza ku nkingi z’amabuye yo gushariza abajwe neza yitwa marubure. Intebe bicarako zari zikozwe mu nzahabu n’ifeza baziteretse ku musezero ukozwe muri porifiri na marubure n’ayandi mabuye y’agaciro kanini.7Umuvinyu watangwa mu bikombe vy’inzahabu, kimwe cose kidasa n’ikindi, kandi umuvinyu w’i bwami wari mwinshi cane, ku buryo umuntu wese yanywa uko ashatse kubera gutanga cane kw’umwami.8Umwami yari yavuze ko umuntu wese yatumiwe anywa uko ashaka, kuko umwami yari yategetse abatanga baha umuntu wese izo yipfuza.
9Umwamikazi Vashiti na we nyene yariko arazimanira abagore ku kirimba c’umwami Ahasuwerusi.
10Ku musi ugira indwi, umwami Ahasuwerusi amaze guhimba umuvinyu, atuma inkone ziwe indwi zamukorera; Mehumani, Bizita, Haribona, Bigita, Abagata, Zetari na Karukasi11ngo baje kuzana imbere yiwe umwamikazi Vashiti, yashajishije urugori rwiwe rw’ubwamikazi, kugira ngo abantu n’abaganwa barabe ubwiza bwiwe, kuko yari ateye igomwe.12Ariko za nkone zimubwiye ivyo umwami ategetse, umwamikazi Vashiti yanka kuza. Maze umwami araraka cane ishavu ryiwe rirurumba nk’umuriro.
13Nk’uko vyari bimenyerewe ko umwami asiguza abahinga mu vy’amategeko no guca imanza, avugana n’abanyabwenge batahura ibijanye n’ibihe14kandi bari begereye rwose umwami. Abo na bo ni Karushena, Shetari, Adumata, Tarushishi, Meresi, Marusena na Memukani, abaganwa indwi b’i Buperesi n’i Bumedi bari abishikira badasanzwe ku mwami kandi bari abashizwe hejuru muri ubwo bwami.
15Arababaza ati: “Amategeko, avuga iki, twokorera umwamikazi Vashiti? Ntiyumviye icagezwe c’umwami Ahasuwerusi yashikirijwe n’inkone.”
16Maze Memukani yishurira imbere y’umwami n’abaganwa, ati: “Umwamikazi Vashiti yakoze nabi, kandi ntiyabikoreye umwami gusa ariko kandi yabikoreye n’abaganwa n’abantu bose bo mu ntara zose z’umwami Ahasuwerusi.17Kubera ko iyo nyifato y’umwamikazi izomenyekana mu bagore bose, hanyuma bagakengera abagabo babo bavuga bati: ‘Umwami Ahasuwerusi yategetse umwamikazi Vashiti ngo arenguke imbere yiwe, ariko aranka kugenda.’18Uwo musi nyene abagore b’abaganwa b’i Buperesi n’i Bumedi bumvise inyifato y’umwamikazi bazokwishura abaganwa nk’uko nyene. Ako gakengerwe kazoca kabandanya.
19Nuko rero, nivyaba bihimbaye umwami, nasohore itegeko kandi ryandikwe mu vyagezwe vy’Abamedi n’Abaperesi, bidashobora guhinduka, ko Vashiti atazokwongera guseruka mu maso y’umwami Ahasuwerusi. Kandi ko umwami ahaye ico kibanza ciwe uwundi akibereye kumurusha.20Maze ico cagezwe c’umwami nicamamazwa mu bwami bwose, abagore bose bazokwubaha abagabo babo, uhereye ku muto ukageza ku mukuru.”
21Umwami n’abaganwa bashima iyo mpanuro, maze umwami akora nk’uko Memukani yari yamugiriye inama.22Arungika amakete mu bice vyose vy’ubwami, intara yose akayandikira mu nyandiko yabo n’ihanga ryose akaryandikira mu rurimi rwabo kugira ngo umugabo wese aganze mu rugo rwiwe kandi avuge iryo ashatse.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e