Gusubiramwo32
1“Umviriza mwa majuru mwe, ngira mvuge;umviriza wa si we, amajambo y’akanwa kanje.2Inyigisho zanje nizibagweko nk’imvura,n’ijambo ryanje rimanuke nk’ikime.Amajambo yanje abamanukire nk’imvura igwa ku vyatsi bitotahaye,canke ikime kigwa ku vyatsi.3Nzomenyekanisha izina ry’Uhoraho,nshimagize ubukuru bw’Imana yacu!4Ni urutare, ibikorwa vyiwe biratunganye,kandi inzira ziwe ziragororotse.Ni Imana yo kwizigirwa izira ikibi,iragororotse, ica izibereye.5Ariko ntibakiri abana bayo kuko bayihemukiye,ni urunganwe rw’abanyakibi, bagoramye.6Mbega mwa Bisirayeli b’ibipfu,ukwo ni ko musubirije mu nkoko Uhoraho?Mbega si sowanyu, Umuremyi wanyuyabaremye, yababumvye?7Kubitiza agatima ku misi ya kera,mwibuke urunganwe rwarenganye.Baza ba sogokuruza banyu bazobabwira,musiguze abakurambere banyu na bo bazobasigurira.8Igihe Iyisumbavyose yagaburira abantu ibihugu,igihe yagabura abantu ku moko yabo,yabashingiye akarimbiikurikije igitigiri c’abahungu ba Isirayeli.9Kuko Abisirayeli ari bo mugabane w’Uhoraho,Yakobo na we akaba ari we ragi ryiwe.10Yamusanze mu bugaragwa,mu gihugu cumye ata kibamwo.Yaramushigikiye yongera amwitaho,amubungabunga nk’imbonero y’ijisho ryiwe,11nka kurya inkona yigisha ivyana vyayo kuguruka,ikabundikira ivyana bikiri bito,igasanza amababa yayomu kubijana12Uhoraho wenyene ni we yamuja imbere,nta mana y’inyamahanga yari kumwe na we.13Yamucishije mu mitumba miremire,amugaburira ku vyamwa vyo mu mirima yaho.Yamugaburiye ku buki bwo mu gitandara,amuha no ku mavuta y’imyelayo yameze kw’isi y’urutare.14Yabahaye amata y’ikivuguto y’inka n’ay’intama,abagaburira n’ibinure vy’intama,abaha amapfizi y’intama n’impene y’i Bashani,hamwe n’ingano nziza.Mwanyoye ku mutobe uryoshe uganwe mu nzabibu.15Ariko Yeshuruni amaze kuvyibuha, antera akagere,amaze kurya agahaga, yaravyibushe, aratatagara.Maze ava ku Mana yamubumvye,akengera ca Gitandara c’agakiza kiwe.16Bayiteye kubagirira ishari mu gusenga imana z’inyamahangabayirakisha ibizira bakoze.17Bashikaniye ibimazi abadayimoni atari Imana,bashikanira imana batari bwigere babona,imana nshasha z’ivyaduka,izo ba sekuruza batigeze batinya.18Mwagararije ca Gitandara cabavyaye,mwibagira Imana yabavyaye.19Uhoraho yarabibonye, aca arabazinukwakuko yari ashavujwe n’abahungu n’abakobwa biwe.20Aravuga ati: ‘Nzobahisha mu nyonga hanje,maze ndabe amaherezo yabo;kuko ari urunganwe rwononekaye,abana atari abizigirwa.21Banteje ishari ibitari imana,uburake bwanje buraziriringa kubera ibigirwamana vyabo ata co bimaze.Nanje nzobateza kwipfuza ivy’abantu batari babereye no kwitwa ihanga,ndabateze kugirira ishari ihanga ritagira n’ugutahura.’22Kuko umuriro w’uburake bwanje wamaze kwaka,uturira gushitsa epfo i kuzimu.Uzotongora isi n’ibiyezeko,udomeke n’amatanguriro y’imisozi.23Nzobarundanyako ivyago,ndabamarireko imyampi yanje.24Nzobakonyesha inzara, inyonkon’izindi ngwara zica,nzobarekurira mu menyo y’ibikoko,ndabaterere no mu bumara bw’inzoka z’imvuvyi zikwega mu mukungugu.25Ku nzira, inkota izobamarira abana,i muhira, bose bazocika ivutu.Abagore n’abagabo bazotikira,co kimwe n’abana n’abatama.26Ndavuga nti nari nashatse kubashwiragiza,ngahanagura amazina yabo ntibazokwongere kwibukwa mu bantu,27ariko nanse agakekezo k’abansi babo,bari guhava babitahura ukundi,bakavuga bati: ‘Inkomezi zacu ni zo zabatsinze,si Uhoraho yabibagize.’28Ariko Isirayeli ni ihanga ata co ryiyumvira,nta bwenge bagira mu vyo bakora.29Iyo baba bafise ubwenge botahuye ibi,bakiyumvira kw’iherezo ryabo.30Mbega umuntu umwe yonesha abantu igihumbi,canke babiri bakirukana ibihumbi cumi?Ntivyoshoboka, kiretse ca Gitandara yabagurishije,Uhoraho yabarekuriye mu maboko yabo.31Kuko igitandara cabo kitameze nk’Igitandara cacu,n’abansi bacu baravyemeza.32Inzabibu zabo zakomotse ku muzabibu w’i Sodomuno mu mirima y’i Gomora.Inzabibu zabo zuzuye ubumara,amahando yazo ni umururazi.33Umuvinyu wabo ni ubumara bw’inzoka,ni ubumara bwica bw’inkoma.34Mbega ibi sinabishinguye mu bubiko,sinavyugaraniye ahabitse ubutunzi bwanje?35Uguhora ni ukwanje,ni jewe nzokwishura umuntu ibikwiranye n’ivyo yakoze.Igihe nicagera, ibirenge vyabo bizonyerera;umusi w’ivyago urabegereje,kandi ibitegerezwa kubashikako birabashitseko vuba.36Uhoraho azocira urubanza abantu biwe,kandi azogirira impuhwe abasavyi biwe,niyabona ko inkomezi zabo zose ziheze,ata n’umwe agisigaye,naho yoba umugurano canke uwidegemvya.37Azobaza ati: ‘Mbega imana zabo ziri hehe?Ca gitandara bahungirako kiri he?38Mbega izo mana ziri hehe,zimwe zarya ibinure vy’ibimazi vyabo,zikanywa n’imivinyu n’ibindi binyobwa bazishikanira?Nizihaguruke zibafashe,nizibahe ubuhungiro.’39None rero nimumenye ko jewe nyene ari jewe Mana.Nta yindi mana atari jewe.Ni jewe nica ngakiza,ni jewe nkomeretsa nkongera nkavura,kandi nta wushobora kugira ico arokora mu kuboko kwanje.40Ndugije ukuboko kwanje ndakurabisha kw’ijuru mvuga nti:Ndahiye ukubaho kwanje kw’ibihe vyose.41Ninakarisha inkota yanje ica ibibatsi,ukuboko kwanje kukayifata ngatangura guca imanza,nzokwihora abansi banje,nsubirize mu nkoko abanyanse.42Imyampi yanje nzoyiboreza amaraso,inkota yanje ndayigaburire imisoso:amaraso y’abishwe n’ay’abafashwe mpiri,ihekenye imitwe y’abatware b’abansi.43Yemwe banyamahanga, nimunezeranwe n’abantu bayo,kuko azohora amaraso y’abasavyi bayo;azokwihora abansi biwe,atange impongano ku gihugu c’ubwoko bwiwe.”44Mose azanana na Yosuwa mwene Nuni, avuga ayo majambo yose y’iyo ndirimbo abantu bose bamwumviriza.45Mose ahejeje gusubiriramwo ayo majambo Abisirayeli bose,46arababwira ati: “Mushire ku muzirikanyi amajambo yose ndababwiriye ku mugaragaro uwu musi, kugira ngo muzotegeke abana banyu gukurikiza neza amajambo y’ibi Vyagezwe.47Ayo majambo si ayasanzwe, ariko ni ubuzima bwanyu. Ni yo azobaha kurambira mu gihugu mugiye kwinjiramwo hakurya ya Yorodani ngo mucegukire.”
Mose apfira ku musozi Nebo
48Uwo musi nyene Uhoraho abarira Mose ati:49“Haguruka uduge mu misozi ya Abarimu, ushike i Nebo muri Mowabu, ahahereranye na Yeriko, wihweze Kanani, igihugu mpaye Abisirayeli nk’iragi ryabo.50Uwo musozi uza kudugako ni wo uza gupfirako, uhamvye ab’i wanyu bakwitangiye, nk’uko mwenewanyu Aroni yapfiriye ku musozi Hori, agasanga abamwitangiye imbere.51Ivyo ndabigize kuko mwempi mwampemukiye imbere y’Abisirayeli ku mazi y’i Meriba i Kadeshi mu bugaragwa bw’i Zini, kandi kuko muterekanye ukwera kwanje mu Bisirayeli.52Ni co gituma ico gihugu uzokirabira kure, ariko ntuzokwinjira mu gihugu mpaye ubwoko bwa Isirayeli.”Biblica, Inc.