Gusubiramwo30

Kwihana no kubabarirwa

1Iyi migisha n’iyi mivumo yose nshize imbere yanyu niyamara kubashikako muri mu bihugu Uhoraho Imana yanyu azoba yarabashwiragijemwo,2hanyuma mwe n’abana banyu mukagaruka k’Uhoraho Imana yanyu mukamwubahisha imitima yanyu n’imishaha yanyu yose mu gukora ivyo ndababwiye vyose uwu musi,3ico gihe Uhoraho Imana yanyu azokwongera abiyegereze, abagirire impuhwe abagarukane abakuye mu mahanga azoba yarabashwiragijemwo.4Naho muzoba mwarasabagiriye mu mahanga ya kure ku mpera z’isi, Uhoraho Imana yanyu azobegeranya abagarukane.5Azobasubiza mu gihugu ca ba sogokuruza, musubire mucegukire. Azobaha kwongera gutera imbere no kuba benshi kurusha ba sogokuruza banyu.6Uhoraho Imana yanyu azokeba imitima yanyu n’iy’uruvyaro rwanyu, kugira ngo mumukunde n’imitima yanyu yose, n’imishaha yanyu yose, mubone kubaho.7Uhoraho Imana yanyu azoshira iyi mivumo ku bansi banyu, babanka bakongera bakabahama.8Muzosubira kwubaha Uhoraho, mukurikize aya mabwirizwa ndabahaye uwu musi.9Maze Uhoraho Imana yanyu na we azoteza imbere ibikorwa vy’amaboko yanyu, agwize uruvyaro rwanyu, agwize ibitungwa vyanyu, agwize n’umwimbu wanyu. Uhoraho azosubira abateze imbere, abanezerererwe nk’uko yanezerererwa ba sogokuruza banyu,10nimwamwumvira mukagendera mu vyagezwe vyiwe, vyanditswe muri iki Gitabu c’Ivyagezwe, mukagaruka k’Uhoraho Imana yanyu n’imitima yanyu yose n’imishaha yanyu yose.

Uguhitamwo ubugingo canke urupfu

11Amabwirizwa ndabahaye uno musi ntagoye gutahura, kandi ntari aho mudashobora gushika.12Ntanyegejwe mw’ijuru aho mwovuga muti: ‘Ni nde yoduga mw’ijuru akaja kuyatuzanira no kuyatubwira hanyuma tukabona kuyakurikiza?’13Kandi ntabitswe hakurya y’ikiyaga, aho mwogira muti: ‘Ni nde yojabuka ikiyaga akaja kuyatuzanira no kuyatubwira hanyuma tukabona kuyakurikiza?’14Haba na mba, ijambo riri hafi yawe; riri mu kanwa kawe no ku mutima wawe kugira ngo ushobore kuryumvira.
15Ehe raba, uwu musi nshize imbere yanyu ubuzima n’imigisha, urupfu no kuranduka.16Uwu musi ndabahaye ibwirizwa ryo gukunda Uhoraho Imana yanyu, kugendera mu nzira zayo, no kuzigama amabwirizwa, amategeko n’ivyagezwe vyiwe; ni ho muzobaho, mukagwira, Uhoraho Imana yanyu akabahezagirira mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire.
17Ariko imitima yanyu niyava ku Mana ntimuyumvire, canke naho nimwahindukira mukunamira izindi mana mukazisenga,18uwu musi ndababwije ukuri ko muzorandurwa. Ntimuzorambira mu gihugu mugira mujabuke Yorodani ngo mucinjiremwo mugifate.
19Uwu musi ntoye ijuru n’isi nk’ivyabona, ko nshize imbere yanyu ubuzima n’imigisha, urupfu no kuranduka. Rero nimuhitemwo ubuzima kugira ngo mwe n’abana banyu mushobore kubaho,20mu gukunda Uhoraho Imana yanyu, mu kumwumvira, no mu kwifatanya na we. Kuko Uhoraho ari we buzima bwanyu, azobaha kurambira mu gihugu yarahiye ko azoha ba sogokuruza Aburahamu, Isaka na Yakobo.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e