Gusubiramwo28
Imihezagiro ku bumvira
1Nimwubaha Uhoraho Imana yanyu, n’imitima yanyu yose, mugakurikiza amabwirizwa yiwe ndabahaye uwu musi, Uhoraho Imana yanyu azobashira hejuru y’ayandi mahanga yose.2Nimwubaha Uhoraho Imana yanyu, ng’iyi imihezagiro izobakurikira:3Muzogira imihezagiro mu bisagara no mu matongo.4Abana banyu, imirima yanyu n’ibitungwa vyanyu bizohezagirwa.5Ibiseke vyanyu n’amato yanyu mucumbiramwo bizohezagirwa.6Muzohezagirwa amaja n’amaza.7Uhoraho azobaha kunesha abansi bazobahagurukira ngo babatere. Bazobatera bazananye inzira imwe, basubire inyuma bajanye inzira indwi.8Uhoraho azohezagira ibigega vyanyu, n’ibikorwa vy’amaboko yanyu vyose. Uhoraho Imana yanyu azohezagira igihugu abahaye.9Uhoraho azobagira ihanga ryera nk’uko yabisezeranishije indahiro, nimwakurikiza amabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu, mukagendera mu nzira ziwe.10Ni ho ayandi mahanga yo kw’isi yose azomenya ko mwitirirwa Uhoraho, maze abatinye.11Uhoraho azobasesekariza ivyiza mu gihugu yarahiye ba sogokuruza ko azokibaha, abagwirize uruvyaro, ibitungwa n’ivyimburwa.12Uhoraho azobugururira ubutunzi bwiwe butangaje bwo mw’ijuru, abarungikire imvura igihe kibereye, ahezagire n’ibikorwa vy’amaboko yanyu. Amahanga azobasaba ingurane ariko mwebwe nta we muzosaba ingurane.13Uhoraho azobagira umutwe, ntazobagira umurizo. Nimwitondera amabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu ndabahaye uwu musi, mukayakurikiza neza yose, muzokwama muri hejuru y’abandi, ntimuzigera muja musi yabo.14Ntihaze hagire ibwirizwa na rimwe mwirengagiza mu yo ndabahaye uno musi, canke ngo muhengamire i buryo canke i bubamfu, canke ngo mukurikire izindi mana canke ngo muzikorere.Imivumo ku batumvira
15Ariko nimutubaha Uhoraho Imana yanyu, ntimukurikize amabwirizwa n’amategeko ndabahaye uwu musi, ng’iyi imivumo izobakurikira:16Muzovumwa mu bisagara no mu matongo.17Ibiseke n’amato yanyu muganiramwo bizovumwa.18Abana banyu bazovumwa, imirima yanyu izovumwa, n’ibitungwa vyanyu bizovumwa.19Muzovumwa mugenda, muvumwe mugaruka.20Uhoraho azobarungikira umuvumo, abatere kuzazanirwa, avume igikorwa cose muzokora kugeza murandurwe mugahera kubera ikibi muzoba mwakoze mu kumuvako.21Uhoraho azobarungikamwo icago c’ingwara gushika mutikiriye mu gihugu mugiye kwinjiramwo ngo mucegukire.22Uhoraho azobakubitisha ingwara yo kubora mu magufa, ibatere umururumbo n’ibiturika, mugende mwuma mu magara, uruzuba n’ubugaragwa, ururyi no kurumvya bizobahwikira kugeza muherengeteye.23Hejuru yanyu, ijuru rizobamerera nk’ubutare bwitwa umuringa, isi na yo musi y’ibirenge vyanyu ibamerere nk’icuma.24Uhoraho azorungika umusenyi n’umukungugu mu gishingo c’imvura, bizogwa gushika murandutse.25Uhoraho azotuma muneshwa n’abansi banyu. Muzobatera mujanye inzira imwe, mubahunge muciye mu nzira indwi. Muzoba muri ibicibwa imbere y’ubwami bwose bwo kw’isi.26Imivyimba yanyu izoba inyama z’ibisiga vyo mu kirere n’iz’ibikoko vyo kw’isi, kandi nta n’uwuzovyamira.27Uhoraho azobateza ibihute nk’ivyo yateje Egiputa, abatere ibivyimba, ibisebe n’urukushi bidakira.28Uhoraho azobababarisha ibisazi, ubuhumyi, n’ukuzazanirwa mu bwenge bwanyu.29Ku murango muzozimagirika nk’impumyi yama mu mwijima. Ivyo muzokora vyose nta na kimwe kizogenda neza, muzocinyizwa umusi ku wundi, musahurwe utwanyu ata gitabara.30Muzokwa abageni, ariko batwarwe n’abandi, babarongore ku nguvu. Muzokwubaka amazu, ariko ntimuzoyabamwo. Muzotera inzabibu, ariko ntimuzorya ivyamwa vyazo.31Inka zanyu zizobagirwa mu maso yanyu, ariko nta n’imwe muzoryako. Indogoba zanyu muzozakwa ku nguvu kandi ntimuzozisubizwa. Intama zanyu zizohabwa abansi banyu, kandi nta wuzobatabara.32Abahungu banyu n’abakobwa banyu bazotwarwa mu mahanga nk’abaja, kandi amaso yanyu azokoboka muriko mubiraba umusi ku wundi, ata co mushobora gukora.33Abantu mutigeze mumenya bazorya ivyimburwa mwabiriye akuya, kandi nta co muzohembwa atari agacinyizo katavugwa ukubaho kwanyu kwose.34Ivyo muzobonesha amaso yanyu bizobatera gusara.35Uhoraho azobateza ibihute bidakira ku mavi no ku maguru, bizova mu bworo bw’ikirenge bishike ku mutwe.36Uhoraho azobirukanana n’umwami mwiyimikiye, muje mu gihugu na ba sogokuruza banyu batigeze bamenya. Ni ho muzosengera imana zibajwe mu biti no mu mabuye.37Muzoba nk’ibicibwa, mucike umugani, mushinyagurizwe n’amahanga Uhoraho azoba yabashwiragirijemwo.38Muzobiba vyinshi mwimbure bike kuko inzige zizoba zabiriye.39Muzotera imizabibu muyibagarire ariko ntimuzonywa umuvinyu, nta n’inzabibu muzosoroma kuko inyo zizoba zaziriye.40Igihugu canyu kizoba cuzuye ibiti vy’imyelayo, ariko ntimuzigera mukoresha amavuta, kuko imyelayo izoba yarahungurutse.41Muzovyara abahungu n’abakobwa ariko ntimuzobarera, kuko bazoca batwarwa mu buja.42Inzige zizotikiza ibiti vyose vyo mu gihugu canyu.43Abanyamahanga baba muri mwebwe bazogenda bashirwa hejuru, namwe mugende mucishwa bugufi.44Bazobagurana, ariko mwebwe ntimuzobagurana. Bazoba umutwe, namwe mube umurizo.45Iyi mivumo yose izobashikako. Izobakurikirana ibafate, gushika muherengeteye, kuko muzoba mutubashe Uhoraho Imana yanyu, ntimukurikize amabwirizwa n’amategeko yabahaye.46Izoba ibitangaza n’utwumiza kuri mwebwe no ku ruvyaro rwanyu.47Kuko mutazoba mwakoreye Uhoraho Imana yanyu munezerewe n’imitima ibikunze mugifise umusesekara mu gihe c’iterambere,48ni co gituma muzokorera abansi Uhoraho azobarungikira kubagwanya mufise inzara, inyota, mwambaye ubusa, muri mu bukene butavugwa. Bazobashira mu buja kugeza babaranduye.49Uhoraho azobagomorerako ihanga ribatere rivuye kure, ku mpera y’isi, baze nk’inkukuma yirasa kw’isi gufata ico irya, ihanga rivuga ururimi mutazi,50ihanga riteye ubwoba, ritubaha uwushaje canke ngo rigirire impuhwe uwukiri muto.51Bazorya ibitungwa vyanyu n’ibiterwa vyanyu gushika muherengeteye. Nta ngano bazobasigira, nta muvinyu musha canke amavuta ya Elayo, nta nyana z’ibitungwa canke imyagazi y’imikuku yanyu gushika biherengeteye vyose.52Bazokwugariza ibisagara vyo mu gihugu canyu, gushika aho n’inzitiro zikomeye mwishimiye zihomvokera hasi. Bazokwugariza ibisagara vyose vyo mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye.53Kubera imibabaro abansi banyu bazobateza mu gihe co kwugarizwa, muzorya abana banyu, murye inyama z’abahungu n’abakobwa Uhoraho Imana yanyu azoba yarabahaye.54N’umugabo w’inyankamugayo wo muri mwebwe ntazogirira imbabazi mwenewabo canke umugore wiwe akunda, canke abana biwe,55ntazobahako na gatoya ku nyama z’abana biwe azoba ariko ararya. Nta kindi azoba asigaranye, kubera amagorwa abansi banyu bazoba babateye mu gihe bazoba bugarije ibisagara vyanyu vyose.56Umugore w’umutima kandi w’inyankamugayo rwose muri mwebwe, ku buryo yiyubara no gukandagira kw’isi azogunga umugabo yakunda n’umuhungu wiwe n’umukobwa wiwe57abime ku ngovyi y’abana avyaye, kuko azoba agomba kuyirya wenyene yinyegeje mu gihe muzoba muri mu mibabaro abansi banyu bazobateza mu kwugariza ibisagara vyanyu.58Nimutakurikiza amajambo yose y’ibi Vyagezwe, yanditswe muri iki gitabu, kandi ngo mwubahe iri zina ryiwe ryiza kandi rihambaye ari ryo Uhoraho Imana yanyu,59Uhoraho azorungika ivyago biteye ubwoba kuri mwebwe no ku ruvyaro rwanyu. Ivyo vyago bizoba bikomeye, mubure agahengekerezo, mugwaye ingwara zidakira.60Azobateza za ngwara zo muri Egiputa mwatinya, kandi zizobomako.61Uhoraho azobashitsako n’ingwara n’ivyago bindi bitanditswe muri iki Gitabu c’Ivyagezwe, gushika muherengeteye.62Naho mwagwiriye mukangana n’inyenyeri zo kw’ijuru, muzosigara muri inkehwa, kuko mwanse kwubaha Uhoraho Imana yanyu.63Nk’uko Uhoraho vyamuhimbara kubateza imbere no kubagwiza, ni ko bizomuhimbara kubakokora no kubarandura. Muzorandurwa mu gihugu mugiye kwinjiramwo ngo mucegukire.64Uhoraho azobasanzaza mu mahanga yose, uhereye ku mpera imwe y’isi ugashitsa ku yindi. Ni ho muzosenga imana zabajwe mu biti no mu mabuye, izo mwe na ba sogokuruza banyu mutigeze mubona.65Muri ayo mahanga ntimuzigera muronka akaruhuko, canke aho mushinga ikirenge mutekaniwe. Aho muzoba muri muri ayo mahanga, Uhoraho azobateza guhagarika imitima, amaso yanyu ajemwo uruhumyi, imitima yanyu idendebukirwe.66Ubuzima bwanyu buzomera nk’aho ata bwo mugira, mwame mwuzuye ubwoba bw’urupfu ku murango no mw’ijoro, mwumva ko ata cizere ca kazoza mufise.67Mu gatondo muzovuga muti: ‘Ese twobona burije!’ Mw’ijoro na ho muvuge muti: ‘Ese twobona burakeye!’ Kuko muzoterwa ubwoba n’ivyo amaso yanyu azobona.68Uhoraho azobasubiza muri Egiputa muri mu bwato, urugendo nabihanikirije nti ntimuzosubire kurufata. Ni ho muzokwidandaza mwebwe nyene ku bansi banyu nk’abagurano n’abaguranokazi, ariko nta n’umwe azobagura.”Biblica, Inc.