Gusubiramwo23
Abatemerewe kuba mw’ikoraniro
1Umugabo yamenetse amagara canke yaciwe igitsina ntazoje mw’ikoraniro ry’Uhoraho.2Umuntu yavyawe mu buryo butemewe n’ijambo ry’Imana ntiyemerewe kuja mw’ikoraniro ry’Uhoraho hamwe n’abamukomokako bose, kugeza ku runganwe rugira icumi.3Nta muntu wo mu Bamoni canke Umunyamowabu, n’uruvyaro rwabo gushika ku runganwe rw’icumi yemerewe kuba mw’ikoraniro ry’Uhoraho.4Abo bantu ntibabakirije ivyokurya n’amazi igihe mwariko murava muri Egiputa, ariko basavye Balamu mwene Beyori w’i Petori muri Mezopotamiya, ari ho hitwa Aramu-Naharayimu, ngo abavume.5Ariko Uhoraho Imana yanyu ntiyumviye Balamu, umuvumo wiwe awuhindura umuhezagiro wanyu, kuko Uhoraho Imana yanyu abakunda.6Ntimuzorondere kugirirana amahoro na bo imisi yose yo kubaho kwanyu.7Abanyedomu n’Abanyegiputa ntimuzobafate nk’ikizira, kuko Abanyedomu ari incuti zanyu, kandi mukaba mwarabanye n’Abanyegiputa muri abanyamahanga.8Abo mu runganwe rugira gatatu rwabo bazokwinjire mw’ikoraniro ry’Uhoraho.Kwirinda ubuhumane mw’ikambi
9Igihe muzoba muriko muritegurira kuja ku rugamba kugira ngo mutere abansi banyu, muzokure igihumanye cose muri mwebwe.10Umugabo niyahumana biciye mu gusesa imbuto mw’ijoro asinziriye, azoje inyuma y’ikambi amareyo umusi wose.11Bugira buce aze yoge hanyuma izuba rirenze agaruke mw’ikambi.12Muzotegure inyuma y’ikambi ikibanza co kwitumamwo.13Mu bikoresho muzohora mugendana, muzokwibangikanye ikimito. Mugiye kwituma, muzokwimbe akanogo, hanyuma muhejeje mufurire uwo mwanda wanyu.14Kuko Uhoraho Imana yanyu agendagenda mu nsago zanyu kugira ngo abakingire yongere arekurire abansi banyu mu maboko yanyu, amakambi yanyu akwiye kuba yejejwe, kugira ngo ntazosangeho ikintu na kimwe giteye isoni, hanyuma akisubirira inyuma.Ayandi mategeko
15Umugurano niyaguhungirako avuye mu kindi gihugu kugira ngo umukingire, ntuze umutange kuri shebuja.16Muzobareke babe muri mwebwe, aho bashatse hose no mu gisagara cose bahisemwo. Ntimuzomutwaze umukazo.17Ntihaze hagire Umwisirayeli, yaba umugore canke umugabo, aba maraya mu bibanza basengeramwo ibigirwamana.18Ntimuze mwakire mu nzu y’Uhoraho Imana yanyu amashikanwa yo gushitsa isezerano ashikanywe na maraya, yaba umugore canke umugabo, kuko ayo mashikanwa n’abayashikana vyose ari ibisesema k’Uhoraho.19Mwenewanyu w’Umwisirayeli, ntimuze mumwake inyungu haba ku mahera canke ku vyokurya canke ku bindi bintu vyose vyari gushobora kubazanira inyungu.20Muzokwake inyungu abanyamahanga, ariko Umwisirayeli ntimuzoyimwake, kugira ngo Uhoraho Imana yanyu azohezagire ibikorwa vy’amaboko yanyu mu gihugu mugiye kwinjira mukacegukira.21Nihagira ico musezeranira Uhoraho Imana yanyu, ntimuzotevye kugishitsa, kuko mwobiharurwako nk’icaha.22Ariko nimutagira ico musezerana, ntimuzobiharurwako nk’icaha.23Ico muzosezeranisha akanwa kanyu, muzogishitse, kuko mwagisezeraniye Uhoraho Imana yanyu ata wubagobereye.24Nimwinjira mu ruzabibu rwa bagenzi banyu, muzorye inzabibu mushaka zose ariko ntihagire izo muzokwamurira mu giseke ngo muzitahane.25Nimwinjira mu mirima y’ingano y’ababanyi banyu, muzoce izo mushaka zose muhekenye, ariko ntimuzogenyeshe urukero izihagaze.Biblica, Inc.