Gusubiramwo20
Ivyo kuja mu ntambara
1Nimwaja kugwana n’abansi banyu, mukabona bafise imikogote n’amafarasi hamwe n’ingabo zisumba izanyu, ntimuzobatinye. Uhoraho Imana yanyu yabakuye muri Egiputa, izoba iri kumwe namwe.2Nimwitegurira kuja mu ntambara, umuherezi azoze imbere y’ingabo azibwire ijambo.3Azobabarire ati: “Nimunyumvirize yemwe Bisirayeli! Uyu musi mugiye kugwanya abansi banyu. Ntimuranduke imitima canke ngo mutinye. Ntimuzohinde agashitsi imbere yabo.4Kuko Uhoraho Imana yanyu ari we azojana namwe kugwanya abo bansi banyu, akabaha intsinzi.”5Abatware bazobaze ingabo bati: “Mbega hari uwoba yari yubatse inzu ariko akaba atari bwayibemwo? Nabanze asubire inyuma kuko yohava agwa ku rugamba, uwundi akaba ari we ayinjira.6Mbega hari uwoba yari afise umurima w’uruzabibu ariko akaba atari bwatangure kururyako? Nasubire inyuma, kuko yohava agwa ku rugamba, uwundi akaba ari we agwirira.7Mbega hari uwoba yari yakoye umwigeme mugabo akaba atari bwamurongore? Nasubire inyuma arongore umugeni wiwe, kuko yohava agwa ku rugamba hanyuma uwo mugeni akarongorwa n’uwundi.”8Abo batware baze bongereko bati: “Mbega hari uwumva afise ubwoba canke asimbwa n’umutima? Nasubire i muhira kugira ngo ntatume bagenziwe basimbwa n’umutima.”9Abatware nibamara kubabwira ayo majambo bazoce bagena abakuru barongora imigwi y’ingabo.10Nimwegereza igisagara kanaka kugira ngo mugitere, muzobanze gusaba abakibamwo mugiranire isezerano ry’amahoro.11Nibavyemera mu mahoro bakabugururira imiryango y’ibisagara vyabo, abantu baho bose muzobagire abagurano banyu mubakoreshe ibikorwa biruhije.12Naho nibanka ko mugiriranira isezerano ry’amahoro, ico gisagara muzogitere, mugifate.13Uhoraho Imana yanyu niyagishira mu maboko yanyu, muzokwicishe inkota abagabo bo muri co bose.14Ariko abagore, abana, ibitungwa n’ibindi vyose muzosanga muri ico gisagara, muzobigire iminyago yanyu. Ivyo Uhoraho Imana yanyu azoba yabahaye nk’iminyago muzobikoreshe ico mushaka.15Ariko ivyo muzobigirire ibisagara vyose vya kure, ntimuzobikorere ibisagara vy’amahanga yo mu gihugu mugiye kwinjira.16Mu bisagara vyo mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye nk’iragi ryanyu, ntimuzosigaze igihumeka na kimwe.17Muzobatikize bose: Abaheti, Abamori, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi, nk’uko Uhoraho Imana yanyu yabibategetse.18Nimwabareka bakabaho, bazohava babigisha gukora ibizira vyose bakora iyo basenga imana zabo, gutyo mugacumura k’Uhoraho Imana yanyu.19Nimwatera igisagara mukacugariza igihe kirekire, ntimuzotikize ibiti vyama ivyamwa muvyiciza incabiti, kuko muzokenera kurya ivyamwa vyavyo. Ntimuzovyicire. Mbega bizoba bibaye abantu ngo muvyugarize?20Ariko ibiti bidatanga ivyamwa muzovyicire, mubikuremwo ibikoresho muzoba mukeneye vyo kwugariza igisagara c’abansi banyu, gushika mukinesheje.Biblica, Inc.