Gusubiramwo2

Abibutsa ivyo kuyerera mu bugaragwa

1Ni ko guca dusubira inyuma tuja mu bugaragwa, duca mu nzira itumbereye ku Kiyaga Gitukura, nk’uko Uhoraho yari yabintegetse. Tumara igihe kirekire tuzunguruka mu misozi y’i Seyiri.
2Maze Uhoraho arambarira ati:3“Igihe mumaze muzunguruka muri ino misozi ni kirekire bikwiye; ubu nimuhindukire mugende mwerekeye mu buraruko.4Uhe abantu aya mategeko akurikira: ‘Mugiye guca mu gihugu ca benewanyu, abakomoka kuri Esawu, baba i Seyiri. Bazobatinya ariko namwe muze mubiyubare.5Ntimuze mubasomborotse ngo mugwane, kuko ata ntara n’imwe yabo nzobaha, sinzobaha n’ahangana n’aho umuntu yohonyoza ikirenge. Esawu namuhaye igihugu ca Seyiri ngo kibe umugabane wiwe.6Ivyokurya vyabo muzorya n’amazi yabo muzonywa, muze mubibagurire ifeza.’ ”
7Imana yanyu yarahezagiye ibikorwa vy’amaboko yanyu, yongera ibarinda mu rugendo rwanyu rwose. Inyonga zayo zagumye ku rugendo rwanyu igihe cose mwari muri ubu bugaragwa bunini. Mu myaka mirongo ine yose Uhoraho Imana yanyu yabanye namwe, nta kintu na kimwe mwigeze mukena.
8Nuko twarabandanije turengana benewacu ari bo ruvyaro rwa Esawu, baba i Seyiri. Turahindukira tuva mu nzira ica muri Araba iduga ivuye ahitwa Elati n’ahitwa Eziyoni Geberi, dufata inzira ica mu bugaragwa bw’i Mowabu.
9Uhoraho arambarira ati: “Ntimugire ico mupfa n’Abanyamowabu canke ngo mubatere mugwane, kuko ntazobaha n’agatongo na gatoya mu gihugu cabo. Ahantu hitwa Ari nahahaye uruvyaro rwa Loti ngo habe umugabane wabo.”
10Ubwoko bw’Abemiti ni bo bahora bahaba kera: bari abantu b’ibigatanya, kandi benshi cane, bari barebare nk’Abanaki.11Abo Bemiti co kimwe n’Abanaki, bose babita Abarefayimu, ariko Abanyamowabu bobo babita Abemiti.12Abahori ni bo bahora baba i Seyiri, ariko abo mu ruvyaro rwa Esawu barabirukanye. Barabatikije, bifatira igihugu cabo nk’uko Abisirayeli babikoze ku gihugu Uhoraho yabahaye ngo bacegukire.
13Uhoraho aravuga ati: “Nimuhaguruke mujabuke ikiyaya c’i Zeredi.” Natwe turahaguruka turakijabuka.
14Hari haheze imyaka mirongo itatu n’umunani kuva duhagurutse tuva i Kadeshi Baruneya gushika tujabuke ikiyaya c’i Zeredi. Ariko ico gihe, urunganwe rwose rw’abagabo bashobora kuja mu ntambara rwari rumaze guhonera mu bugaragwa nk’uko Uhoraho yari yarabibarahiye.15Ukuboko kw’Uhoraho kwagumye kubagwaniriza aho dushagaje kugeza kubamaze bose.
16Igihe uwa nyuma wo muri urwo runganwe rw’abashobora kuja mu ntambara yari amaze gupfa,17Uhoraho aca arambarira ati:18“Uwu musi mugiye guca muri Ari, mu ntara y’i Mowabu.19Nimwashikira Abamoni, ntimuze mubasomborotse canke ngo mubatere kugira ngo mugwane, kuko ntazobaha n’agatongo na gatoya mu gihugu c’Abamoni. Nagihaye uruvyaro rwa Loti ngo kibe inyegu yabo.”
20Ico na co nyene cari kizwi nk’igihugu c’Abarefayimu bahoze bakibamwo, ariko Abamoni babita Abazamuzumi.21Bari abantu b’inkomezi kandi benshi, barebare nk’Abanaki. Uhoraho abatikiriza imbere y’Abamoni, na bo baca barabirukana bifatira ico gihugu.22Uhoraho yari yabikoze gutyo ku bantu bo mu ruvyaro rwa Esawu bahoze baba i Seyiri, igihe yatikiriza Abahori imbere yabo. Barabirukanye baca baba mu gihugu cabo gushika n’uno musi.23Kandi ivyo vyarashitse no ku bantu bitwa Abawimu bahoze baba mu mihana ishika i Gaza, Abakafutori bakomotse kuri Kafutori barabaranduye, baca begukira igihugu cabo.

Ingene umwami Sihoni w’i Heshiboni yatsinzwe

24Maze Uhoraho arambwira ati: “Haguruka mujabuke akagezi Arunoni. Ehe nshize mu maboko yanyu Sihoni Umwamori, umwami wa Heshiboni, n’igihugu ciwe. Nimumutere mutangure gufata ico gihugu.25Uyu musi nyene ngira ntangure guteza igihumura n’ubwoba amahanga yose ari musi y’izuba. Bazokwumva inkuru zanyu bahinde agashitsi bahagarike imitima kubera mwebwe.”
26Tukiri mu bugaragwa bw’i Kedemoti, narungitse intumwa kuri Sihoni umwami w’i Heshiboni, ndamusaba ko tugiriranira amahoro, ndamubwira nti:27“Nimutureke duce mu gihugu canyu. Tuzoguma mu nzira itumbereye ducamwo turengana, ntituzokikama ngo tuje i buryo canke i bubamfu.28Muze mutugurisheko ivyokurya tuzorya n’amazi tuzonywa, tuzobigura amahera. Ico tubasavye ni uko mwotureka tugaca mu gihugu canyu gusa;29nk’uko abo mu ruvyaro rwa Esawu baba i Seyiri co kimwe n’Abanyamowabu baba muri Ari baturetse turarengana; kugeza tujabutse uruzi Yorodani, tugashika mu gihugu Uhoraho Imana yacu aduhaye.”30Ariko Sihoni umwami w’i Heshiboni aratwankira ko tuhaca, kuko Uhoraho Imana yanyu yari yamukomantaje umutima ntiyumvira, kugira ngo imutange mu maboko yanyu, nk’uko mubibona uwu musi.
31Uhoraho arambarira ati: “Murabona ko natanguye kubaha Sihoni n’igihugu ciwe. Nuko rero nimucinjire, mucegukire.”
32Igihe Sihoni n’ingabo ziwe baza kudutegerera i Yahazi ngo batugwanye,33Uhoraho Imana yacu amutanga mu maboko yanyu, muramwica, mumwicana n’abahungu biwe n’ingabo ziwe zose.34Ico gihe twateye ibisagara vyiwe vyose turabisangangura: abagabo, abagore, abana, ntihasigara n’uwo kubara inkuru.35Ariko ibitungwa n’ibindi vyose twanyaze mu bisagara twafashe, twarabigumije biba ivyacu.36Kandi Uhoraho Imana yacu yadufashije gufata Aroweri, igisagara kiri ku nkengera y’umwonga Arunoni no gushika kure i Gileyadi, nta gisagara na kimwe catunaniye. Uhoraho Imana yacu yabiduhaye vyose.37Kandi dukurikije ivyo Uhoraho Imana yacu yatubwiye, nta kintu na kimwe twatwaye mu ntara y’Abamoni, canke mu ntara iri ku nkengera z’uruzi Yaboki, canke mu ntara yegereye ibisagara biri mu misozi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e