Daniyeli5

Igikonjo candika ku ruhome

1Hashize imyaka myinshi, umwami Belushaza agirira umusi mukuru abantu igihumbi bo mu baganwa n’abatware biwe, basangira umuvinyu.2Igihe Belushaza yariko aranywa uwo muvinyu, aca atanga itegeko ngo bazane ibikombe bikozwe mu nzahabu no mw’ifeza, ivyo se Nebukadineza yari yaranyaze mu rusengero i Yerusalemu, kugira ngo we, abaganwa n’abatware biwe, hamwe n’abagore n’incoreke ziwe babinyweshe.3Nuko, bazana ivyo bikombe bikozwe mu nzahabu no mw’ifeza vyanyazwe mu rusengero rw’Imana i Yerusalemu, umwami, abaganwa n’abatware biwe, abagore biwe n’incoreke barabinywesha.4Bariko baranywa, bahimbaza ibigirwamana vyabo bikozwe mu nzahabu, mw’ifeza, mu mwakaka, mu vyuma, mu biti no mu mabuye.
5Ubwo nyene, umwami aja abona igikonjo kiriko kirandika ibintu ku gihome cera kiri impande y’igiterekwako amatara.6Akibonye, afatwa n’ubwoba bwinshi, mu maso harahinduka. Amavi yiwe arakomangana kubera kudegezwa, kandi amaguru yiwe acika intege.
7Umwami aca arasemerera ngo bamuzanire abapfumu, abaragurisha kuraba inyenyeri n’abahamagara imizimu. Maze aca abwira abo banyabwenge b’i Babiloni ati: “Umuntu wese ansomera birya vyandiko akambwira n’ico bisigura, azoca yambikwa impuzu y’inyambarabami, yambikwe n’umugufu w’inzahabu mw’izosi. Azoca ahabwa ikibanza ca gatatu mu banyacubahiro bo hejuru muri ubu bwami.”
8Abanyabwenge bose baraza, ariko nta n’umwe muri bo yashoboye gusoma iyo nyandiko canke kuvuga ico isobanura.9Umwami akomeza kumererwa nabi, mbere no mu maso hiwe akomeza kwiraburanirwa, kandi abanyacubahiro biwe babura ico bari bukore.
10Nyina w’umwami, yumvise ijwi ry’umwami n’amajwi y’abanyacubahiro biwe, aca yihutira kuja mu cumba c’amazimano. Maze abwira umwami ati: “Umwami arakaramba! Ntugire ubwoba ngo ucike intege, kandi ntiwiraburanirwe.11Mu bwami bwawe, hariho umuntu afise impwemu y’imana zitagira agasembwa. Ku ngoma y’umwami, so, uwo mugabo yarerekanye ko afise ubumenyi n’ubwenge busa n’ubw’imana. Ni co catumye umwami so amuha kugaba abanyamareba, abapfumu, n’abaragurisha kuraba inyenyeri, n’abahamagara imizimu.12Uwo mugabo Daniyeli, uwo umwami yataziriye Beluteshaza, vyarabonetse ko afise ubushobozi budasanzwe, kandi yuzuye ukumenya no gutahura, kandi agashobora no gusobanura indoto, kumenya ibihishijwe no gutora inyishu z’ibibazo bigoye. Tumako Daniyeli, arakubwira ico iyo nyandiko ivuga.”
13Nuko Daniyeli ashikanwa imbere y’umwami. Umwami aramubaza ati: “Ni wewe Daniyeli, umwe wo mu nyagano data yazanye akuye i Buyuda?14Bambwiye ko impwemu z’imana ziba muri wewe kandi ko ufise kumenya, gutahura hamwe n’ubwenge.15Abanyabwenge n’abaraguzi babazanye baragerageza kunsomera amajambo yanditswe ku gihome ariko ntibabishoboye.16Numvise rero ko wewe woshobora kunsobanurira iyo nyandiko kandi ko ushobora no gutora inyishu y’ibibazo bigoye. Hamwe woshobora kunsomera iyo nyandiko no kumbwira ico isobanura, uzokwambikwa impuzu y’icubahiro y’i bwami, wambikwe n’umugufu w’inzahabu mw’izosi, uhabwe ikibanza ca gatatu mu banyacubahiro bo hejuru muri ubu bwami.”
17Daniyeli yishura umwami ati: “Ndagusomera iyo nyandiko, ndakubwire n’uko isobanurwa. Ariko ingabire zawe zigumirize canke uzihe uwundi.”
18Nyeningoma, Iyisumbavyose yahaye so Nebukadineza ubushobozi, icubahiro, no kuba uwuhambaye,19Icubahiro yamuhaye catumye abantu bo mu moko yose, n’amahanga yose, n’indimi zose bajugumira imbere yiwe. Yarica abo ashatse kwica, agakiza abo agomba gukiza, kandi agaha icubahiro abo ashatse kugiha, agacisha bugufi uwo ashatse gucisha bugufi.20Ariko, igihe agiriye ubwibone mu mutima wiwe no mu vyiyumviro vyiwe, yacishijwe bugufi, yakwa ingoma yiwe n’ubwiza bw’icubahiro ciwe.21Yakuwe mu bantu, ahabwa ivyiyumviro vy’igikoko, abana n’indogoba zo mw’ishamba kandi arisha ubwatsi nk’inka; umubiri wiwe utondwako n’urume, kugeza umusi yatahuriye ko Iyisumbavyose ari yo itegeka ubwami bwose bwo kw’isi kandi ko ari yo ishira ku ngoma uwo ishatse.
22“Kandi nawe Belushaza umuhungu wiwe, naho wari uzi ivyo vyose, ntiwicishije bugufi.23Ahubwo wishize hejuru imbere y’Imana yo mw’ijuru. Wategetse ko bazana ibikombe vyo mu Ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abanyacubahiro bawe, abagore bawe n’incoreke zawe, babinyweshe umuvinyu. Uhimbaza ibigirwamana bikozwe mu nzahabu, mw’ifeza, mu mwakaka, mu vyuma, mu biti no mu mabuye, bidashobora kubona, kwumva canke gutahura. Ariko ntiwahaye icubahiro Imana kandi ari yo ifise ubugingo bwawe mu kiganza cayo, ikanamenya kazoza kawe.24Ni co gituma Imana yatumye ico gikonjo kwandika ayo majambo.
25Ibi ni vyo vyari vyanditswe:
mene, mene, tekeli, parisini
26Uku ni ko ayo majambo asobanurwa:
Mene risobanurwa ngo ‘Imana yaharuye imyaka umaze ku ngoma, iyishizeko iherezo.’
27Tekeli risobanurwa ngo ‘wapimwe ku munzane, basanga nta bilo bikwiye ufise.’
28Parisini risobanurwa ngo ‘ubwami bwawe buragabuwe, buhawe Abamedi n’Abaperesi.’ ”
29Ubwo nyene Belushaza aca atanga itegeko, ko bambika Daniyeli impuzu y’icubahiro y’i bwami, yambikwe n’umugufu w’inzahabu mw’izosi, kandi ko ahabwa ikibanza ca gatatu mu banyacubahiro bo hejuru muri ubwo bwami.
30Iryo joro nyene, Belushaza umwami w’i Babiloni aricwa,31hanyuma Dariyusi Umumedi aca atwara ubwo bwami. Yari afise imyaka mirongo itandatu n’ibiri.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e