Daniyeli12

Ibihe vy’iherezo

1Maze ico gihe, Mikaheli, umumarayika ahambaye w’ubwoko bwawe, azohaguruka. Hanyuma hazoba ibihe vy’umubabaro bikomeye kurusha ivyigeze kubaho kuva amahanga abayeho. Ariko, muri ico gihe, uwo mu bwoko bwanyu azoba yanditswe mu gitabu c’Imana azorokoka.2Benshi mu bari mu mva bapfuye, bazozuka, bamwe bazozukira ubugingo budashira, abandi na bo bazukire ibimaramare n’ibiteterwe vy’ibihe bidashira.3Abagize ubwenge bazokwakaka nk’umuco wo kw’ijuru, kandi abashikanye benshi ku kugororoka bazokwakaka nk’inyenyeri ibihe bidashira.4Ariko, wewe Daniyeli, igitabu c’ubu buhanuzi ukigire ibanga, ucugare kugeza igihe c’iherezo gishitse. Abantu bazoja hirya no hino kugira ngo barondere kugwiza ubumenyi.”
5Maze, Jewe Daniyeli, ndongera ndaraba, mbona imbere yanje hari abandi bantu babiri bahagaze ku yindi nkombe y’uruzi, umwe ari ku nkombe yo hakuno, uwundi ari ku yo hakurya.6Umwe muri bo, abaza wa wundi yari yambaye impuzu zikayangana kandi yari ahagaze hejuru ku mazi y’urwo ruzi, ati: “Mbega hazoca igihe kingana iki kugira ngo ivyo bintu bikomeye gutyo bishike?”
7Uwo muntu yambaye impuzu zikayangana ahagaze hejuru y’uruzi, atumbereza amaboko yiwe yose mw’ijuru, aca arahira Iyibaho ibihe bidashira, avuga ati: “Bizomara igihe, ibihe, n’igice c’igihe. Igihe inkomezi z’ubwoko bw’Imana zizoba zirangiye, n’ivyo vyose bizoba biheze.”
8Numva ivyo avuze, ariko sinabitahura, hanyuma nca ndabaza nti: “Mwami wanje, ivyo vyose bizorangira gute?”
9Aca aranyishura ati: “Daniyeli, niwigire kuko ayo majambo azoguma ari ibanga rihishijwe kugeza igihe c’iherezo.10Benshi bazotunganywa, bezwe kandi batyororwe n’ivyo bihe vy’imibabaro. Ariko abanyakibi bo bazokomeza gukora ibibi, kandi nta n’umwe muri bo azogira ico atahura. Abagize ubwenge bonyene ni bo bazobitahura.
11Kuva bahagaritse gutanga ikimazi gitangwa ku musi kandi ikizira gihumanya kigashingwa ngo gisengwe, hazoba hasigaye imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo icenda.12Bazoba bahiriwe abantu bazoshobora kurindira gushika ku musi ugira igihumbi n’amajana atatu na mirongo itatu n’itanu.
13Wewe Daniyeli, komeza ube umwizigirwa gushitsa kw’iherezo. Uzoruhuka, hanyuma ku mpera y’ibihe, uzovyuka kugira ngo uhabwe impera yawe wateguriwe.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e