2 Timoteyo4
1Ndakwingingiye mu nyonga z’Imana n’imbere ya Kristo Yesu, azocira urubanza abazima n’abapfuye aho azozira kwima ku ngoma yiwe:2wigishe Ijambo ry’Imana. Wame witeguye mu gihe kibereye n’ikitabereye; wemeze abantu ukuri, wihanize abari mu bibi, ubatere intege mu kubigisha neza, ugire ukwihangana kwinshi.3Kuko mu gihe kigiye kuza abantu ntibazoba bacemera inyigisho z’ukuri. Ahubwo bazokwirundaniriza abigisha bababwira ivyo amatwi yabo yipfuza kwumva gusa.4Bazokwanka kwumva ukuri, bahindukirire imigani.5Ariko weho, ugire ubwenge mu bihe vyose, wihanganire ibikubabaza, ukore igikorwa c’umuvuzi w’Ubutumwa Bwiza, ushitse igikorwa cose Imana yaguhamagariye.6Nayo jewe, ndi hafi yo gutanga ubuzima bwanje ngo busukwe nk’ishikanwa ry’ikinyobwa; igihe canje co kugenda kiri hafi.7Nagwanye intambara nziza, ndarangije urugendo, nazigamye ukwizera.8Ubu ndindiriye urugori rwo kugororoka, urwo Umwami Imana, we mucamanza agororotse, azompa kuri urya musi. Kandi ntazoruha jewe jenyene, azoruha n’abarindiranye igishika uguhishurwa kwiwe.
Yeburusi, Pudensi, Linusi, Korodiya hamwe n’abandi bene Data bose barabaramutsa.22Umwami Imana abane n’impwemu yawe, kandi ubuntu bwiwe bubane namwe mwese.
Gusozera
9Gerageza uzoze kundaba vuba,10kuko Dema yarantaye aja i Tesalonike, kuko akunze ivy’iyi si. Kiresensi yagiye i Galatiya, Tito na we yagiye i Dalumatiya.11Luka wenyene ni we turi kumwe. Uzohitane Mariko muzanane, kuko yambereye uw’ikimazi kinini mu gikorwa canje.12Tukiko namurungitse muri Efeso.13Niwaza uzonzanire ikoti y’imbeho nasize kwa Karupo i Tirowa, n’ibitabu vyanje, na canecane ivy’imizingo.14Alegizandere umucuzi yarambabaje cane. Umwami Imana amwishure ibihwanye n’ivyo yankoreye.15Kandi na wewe umwirinde kuko yaragwanije cane ivyo twigisha.16Igihe naja kuburana ubwa mbere, nta n’umwe yanshigikiye, bose barantaye. Ntibaze babiharurweko.17Ariko Umwami Imana yabaye ku ruhande rwanje, ampa inkomezi, kugira ngo mvuge Ubutumwa Bwiza bwuzuye, Abanyamahanga bose babwumve. Kandi Umwami Imana yankuye mu menyo y’intambwe.18Umwami Imana azonkiza ibitero vy’umwansi vyose, kandi azontahukana amahoro mu bwami bwiwe bwo mw’ijuru. Icubahiro kibe iciwe ibihe vyose, Amen.Intasho
19Untahirize Pirisila na Akwilasi, n’abo mu muryango wa Onesiforo.20Erasito yasigaye i Korinto, kandi nasize Tirofimo agwariye i Mileto.21Wigore uzoshike hano imbere y’igihe c’imbeho nyinshi cane.Yeburusi, Pudensi, Linusi, Korodiya hamwe n’abandi bene Data bose barabaramutsa.22Umwami Imana abane n’impwemu yawe, kandi ubuntu bwiwe bubane namwe mwese.
Biblica, Inc.