2 Samweli23

Amajambo ya nyuma ya Dawidi

1Aya ni yo majambo ya nyuma ya Dawidi:“Uku ni ko Dawidi mwene Isayi avuga,uwashizwe hejuru n’Iyisumbavyose,umuntu yasizwe amavuta n’Imana ya Yakobo,umuririmvyi aririmba indirimbo ya Isirayeli.
2Mpwemu w’Uhoraho yavugiye muri jewe;ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje.3Imana y’Abisirayeli yaravuze,gitandara c’Abisirayeli yarambwiye ati:‘Uwuganza abantu mu bugororotsi,igihe aganza yubaha Imana,4aba ameze nk’umuco wo mu gitondo igihe izuba riserutsemu gitondo kitagira ibicu,nk’ugukayangana kw’ijuru inyuma y’imvurakumwe gutuma ivyatsi bimera biva mw’ivu.’
5Mbega inzu yanje ntiri amahoro ku Mana?Ntiyagiranye nanje isezerano rihoraho,ryashizweho rigakomezwa impande zose?Mbega ntizoshitsa ivy’agakiza kanjeigashitsa n’ivyo nipfuza?6Ariko abantu babi bazotabwa nk’amahwa,umuntu adashobora kwegeranya n’intoke gusa.7Uwukoze ku mahwa weseakoresha icuma canke uruti rw’icumu;maze agaturirirwa aho arunze.”

Abahizi ba Dawidi

8Aya ni yo mazina y’abahizi ba Dawidi:
Yoshebu Bashebeti, Umutakemoni, yari umukuru wa bamwe batatu; yatoye icumu agwanya abantu amajana umunani, maze bose abicira icarimwe.
9Yakurikirwa na Eliyazeri mwene Dodayi Umwahohi, yari umwe muri bamwe batatu b’abahizi mu ntambara, yari kumwe na Dawidi igihe bahagarara imbere y’Abafilisitiya bari batonze urugamba i Pasi-Damimu. Maze ingabo z’Abisirayeli zirahunga,10ariko we ararinda agwanya Abafilisitiya gushika aho ukuboko kugwa ibinyanya ku buryo atari agishobora kubangura inkota. Uhoraho atanga intsinzi ihambaye kuri uwo musi. Ingabo zahavuye zigaruka aho Eliyazeri ari, ariko bari baje gukoba imivyimba.
11Uwa gatatu yari Shama mwene Ageyi Umuharari. Igihe Abafilisitiya bahurira hamwe mu murima wuzuye ibiharage, ingabo z’Abisirayeli zaciye zibahunga;12ariko Shama arabarinda ari hagati muri uwo murima. Arawugwanira maze yica Abafilisitiya, kandi Uhoraho atanga intsinzi ikomeye.
13Mu gihe c’iyimbura, batatu bo mu bahizi biwe mirongo itatu baramanuka basanga Dawidi aho yari ari mw’isenga ry’ibuye i Adulamu. Ico gihe umugwi w’Abafilisitiya wari ucumbitse mu kiyaya c’i Refayimu.14Muri ico gihe Dawidi yari mu kinyegero, kandi umuce w’ingabo z’Abafilisitiya wari i Betelehemu.15Dawidi yumva agomba amazi, maze aca avuga ati: “Ese icompa hakagira uwunzanira amazi yo kunywa yo kw’iriba riri kw’irembo ry’i Betelehemu!”16Nuko ba bahizi batatu baragenda, baca hagati y’ingabo z’Abafilisitiya, bavoma ayo mazi yo kw’iriba ryari hafi y’irembo ry’i Betelehemu bayashira Dawidi. Ariko Dawidi yanka kuyanywa; ayasesa hasi imbere y’Uhoraho.17Avuga ati: “Ntibikabe, ewe Uhoraho ko nokora ivyo! Nokwubahuka kunywa amaraso y’aba bantu bahevye amagara yabo?” Dawidi ntiyemera kuyanywa.
Ivyo ni vyo vy’ubuhizi abo bagabo batatu bakoze.
18Abishayi mwene nyina wa Yowabu mwene Zeruwiya yari umukuru w’abo batatu. Yishe abantu amajana atatu akoresheje icumu ryiwe, bituma aba rurangiranwa nka bamwe batatu.19Mbega ntiyabaye uw’icubahiro kurusha abo batatu? Mbere yabaye umutware wabo, naho atashizwe mu gitigiri cabo.
20Benaya mwene Yehoyada yari umugwanyi w’umuhizi yava i Kabuzeyeli, kandi yakoze ibihambaye. Yishe abahizi babiri baruta abandi mu ngabo z’Abanyamowabu. Umusi umwe shelegi iriko iragwa, amanuka mu rwobo, yica intambwe.21Ni we yishe Umunyegiputa w’ikigatanya. Naho uwo Munyegiputa yari afise icumu mu minwe, Benaya yagiye kumugwanya afise inkoni, amushikura rya cumu mu minwe, aba ari ryo amwicisha.22Ivyo ni vyo bikorwa vy’ubuhizi Benaya mwene Yehoyada yakoze; na we nyene yari rurangiranwa nka bamwe batatu.23Yari afise icubahiro kuruta bamwe mirongo itatu, ariko ntiyari uwo muri bamwe batatu. Maze Dawidi aca amugira umukuru w’abacungera umutekano wiwe.
24Muri abo mirongo itatu harimwo: Asaheli yavukana na Yowabu, Eluhanani mwene Dodo w’i Betelehemu,25Shama w’i Harodi, Elika w’i Harodi,26Helezi w’i Paluti, Ira mwene Ikeshi w’i Tekowa,27Abiyezeri w’i Anatoti, Mebunayi Umuhushati,28Zalumoni w’Umwahohi, Maharayi w’i Netofati29Heledi mwene Bayana w’i Netofati, Itayi mwene Ribayi w’i Gibeya mu Bubenyamini,30Benaya w’i Piratoni, Hidayi wo mu bihomoka vy’i Gayashi,31Abi-Aluboni Umwarubati, Azumaveti Umubahurimu,32Eliyaba Umushaluboni, Bene Yasheni, Yonatani33mwene Shama Umuharari, Ahiyamu mwene Sharari Umuharari,34Elifeleti mwene Ahasubayi w’i Mayaka, Eliyamu mwene Ahitofeli w’i Giloni,35Heziro w’i Karumeli, Payari w’i Arubi,36Igali mwene Natani w’i Zoba, Bani w’i Gadi,37Zeleki Umwamoni, Naharayi Umuberoti, uwatwaza Yowabu mwene Zeruwiya ibigwanisho,38Ira w’i Ituri, Garebu w’i Ituri39na Uriya Umuheti.
Bose hamwe bari mirongo itatu n’indwi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e