2 Petero3
Umusi w’Umwami Imana
1Bakundwa, iri ni ikete rya kabiri ndabandikiye. Muri ayo yose uko ari abiri, nagomba gukangura imitima yanyu ngo mwiyumvire neza ku vyo nabandikiye.2Ndagomba kubibutsa amajambo yavuzwe kera n’abavugishwa n’Imana bera hamwe n’ibwirizwa ry’Umwami wacu n’Umukiza yabashikirije acishije mu ntumwa zabatumweko.3Ica mbere mukwiye kumenya ko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi, bacokora ukuri kandi bagakurikira ivyipfuzo vyabo bibi.4Bazoba bavuga bati: “Ukwo ‘kugaruka’ yasezeranye kuri he? Kuva aho ba sogokuruza bapfiriye, vyose bihora uko vyamye ubwa mbere isi ikiremwa.”5Ariko biyibagiza ibigirankana ko amajuru yabayeho n’isi ikaremwa ikuwe mu mazi kandi igizwe n’amazi, biremwe n’Ijambo ry’Imana.6Mu nyuma, ayo mazi nyene ni yo yarengeye isi y’ico gihe arayihonya.7Bivuye muri iryo jambo nyene, amajuru y’ubu n’isi y’ubu bibikiwe kuzotongorwa n’umuriro, birindirijwe uwo musi wo guca imanza no guhonya abatubaha Imana.8Ariko ntimwibagire iki kimwe, bakundwa: Ku Mwami umusi umwe ni nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi ni nk’umusi umwe.9Imana ntitebeje gushitsa isezerano ryayo, nk’uko bamwe biyumvira ko iritebeje. Yihanganira mwebwe, kuko idashaka ko hari n’umwe aranduka, ariko ishaka ko bose bashika ku kwihana.10Ariko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma. Amajuru azozimangana mu kwasana guhambaye cane; ibiri mu kirere bizotongorwa n’umuriro, kandi isi n’ibiri muri yo vyose bizocirwa urubanza.11None ko ivyo vyose bizosamburwa nk’uko, mukwiye kumera mute? Mukwiye kwubaha Imana mu ngeso zanyu12mu kurindira uwo musi w’Imana no gukora ibishoboka ngo ushike vuba. Uwo musi uzotuma amajuru asamburwa n’umuriro, kandi ibiri muri yo bitongorwe n’ikibengebenge gikomeye c’umuriro.13Ariko nk’uko Imana yasezeranye, twiteze ijuru risha n’isi nsha, aho ukugororoka kuzoba kwuzuye.14Nuko rero, bakundwa, ko murorereye ivyo, mugire umwete wo kuzosangwa mutagira umugayo, canke agasembwa imbere y’Imana mufitaniye amahoro na yo.15Mumenye ko ukwihangana kw’Umwami wacu ari agakiza, nk’uko umuvukanyi dukunda Pawulo na we yabibandikiye akoresheje ubwenge yahawe n’Imana.16Ni ko yama yandika mu makete yiwe yose, aho avuga kuri ibi. Amakete yiwe arimwo ibintu bigoye gutahura, ivyo abatazi vyinshi n’abatagira uburagamo bagoreka, nk’uko babigira no ku bindi Vyanditswe, ari vyo bizotuma bahona.17Nuko rero, bakundwa, ko musanzwe mubizi, mwame mugavye kugira ngo ntimuzimizwe n’inyigisho mbi z’abantu b’abagarariji ngo munyiganyige muve mu kibanza canyu.18Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.
Biblica, Inc.