2 Abami19
Uhoraho asezerana gutabara Yerusalemu
1Umwami Hezekiya avyumvise yitaburirako impuzu, yambara amagunira, aja mu Ngoro y’Uhoraho.2Aca arungika Eliyakimu umukuru w’ikirimba, Shebuna umunyamabanga hamwe n’abaherezi bakurira abandi, baja kuraba umuvugishwa Yesaya mwene Amozi, kandi bose bagenda bambaye amagunira.3Baramubwira bati: “Umwami Hezekiya avuze ati: Uwu ni umusi w’amagorwa, ibihano n’ibiteterwe, tumeze nka kurya umwana ageze kuvuka ariko nyina akabura inkomezi zo kumuvyara.4Kumbure Uhoraho Imana yawe yokwumva amajambo yose y’uwo mukuru w’ingabo, ayo yarungikanywe na shebuja umwami w’i Ashuri, yo gucokora Imana nzima; maze Uhoraho Imana yawe akabimuhanira. None rero udusengere twebwe abagisigaye.”5Abatware b’umwami Hezekiya baja kwa Yesaya,6na we aca ababwira ati: “Gende mubwire shobuja muti: ‘Uku ni ko Uhoraho avuze: Ntimugire ubwoba kubera ivyo mwumvise, ari yo majambo yo kuntuka y’umwami w’i Ashuri.7Umviriza! Ngiye kumushiramwo impwemu izotuma yumva inkuru z’ibihuha, azoca afata ingingo yo gusubira mu gihugu ciwe, aho nzotuma yicwa n’inkota.’ ”8Wa mukuru w’ingabo yumvise ko umwami w’i Ashuri yavuye i Lakishi, aca ahamagara ingabo ziwe baja kuraba umwami, basanga ariko agwanira i Libuna.9Ico gihe nyene Senakeribu aca aronka inkuru zimubwira ko Tiruhaka umwami wa Etiyopiya, azananye n’ingabo ziwe baje kumutera. Imbere yo gusubira inyuma, asigira ubutumwa Hezekiya, avuga ati:10“Mubwire Hezekiya umwami w’i Buyuda muti: ‘Iyo mana wishimiye ntiguhende ngo izobuza ko Yerusalemu hafatwa n’umwami w’i Ashuri.11Ndazi ko wumvise ivyo abami b’i Ashuri bakoreye ayandi mahanga, ingene babaranduye bakabamara. None wibaza ko wewe uzorokoka?12Mbega imana z’ayo mahanga yatikijwe na ba sogokuruza zarayakingiye? Za mana za Gozani, Harani, Rezefu n’abantu bo muri Edeni baba i Teli Asari, zarashoboye kubakiza?13Mbega umwami w’i Hamati ari hehe canke umwami w’i Arupadi? Abami b’ibisagara vya Sefaruvayimu, Hena na Iwa bari hehe?’ ”Hezekiya yambaza Uhoraho
14Maze Hezekiya yakira ikete ahawe n’intumwa ararisoma, aca aduga mu Ngoro y’Uhoraho, arizingururira imbere y’Uhoraho.15Asenga Uhoraho avuga ati: “Uhoraho Mana ya Isirayeli, wewe wicaye ku ntebe y’inganji hagati y’abakerubi, ni wewe Mana wenyene mu bwami bwose bwo kw’isi. Ni wewe waremye ijuru n’isi.16Tega ugutwi Mana yanje, wumve. Utereze inyonga zawe urabe, ewe Uhoraho; wumve amajambo Senakeribu yarungitse yo gucokora Imana nzima.17Uhoraho we, ni ivy’ukuri ko abami b’i Ashuri batikije ayo mahanga yose n’ibihugu vyayo.18Bataye imana zabo mu muriro barazitikiza, kuko zitari Imana, vyari ibiti n’amabuye, vyakozwe n’amaboko y’abana b’abantu.19None rero Uhoraho Mana yacu, dukize udukure mu maboko yiwe, kugira ngo ubwami bwose bwo kw’isi buzomenye ko wewe wenyene, Uhoraho, ari wewe Mana.”Yesaya avugishwa kw’itembagazwa rya Senakeribu
20Yesaya mwene Amozi arungikira ubutumwa Hezekiya avuga ati: “Uku ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze: Numvise ugusenga kwawe ku vyerekeye Senakeribu umwami w’i Ashuri.21Aya ni yo majambo Uhoraho amurungikiye:Umukobwa w’i Siyoniaragukengereye kandi aragutwenze.Umukobwa w’i Yerusalemuakuzungurije umutwe akuraba ingene uhunga.22Mbega wibaza ko uwo watutse ukongera ukamucokora ari nde?Ni nde warengeje urwamo,ukamurabisha amaso yawe y’agakengerwe?Ni Uwera wa Isirayeli.23Watumye intumwa zaweziza kuntuka jewe Imana.Uravuga uti: ‘Naduganye imikogote yanje myinshi nshika hejuru ku misozi,ndetse nshika no kw’isonga rya Libani.Niciye amasederi asumvya ayandi uburebure,n’ubujwari busumvya ubundi ubwiza.Narahagendagenze nshika no mu bibanza vyaho vya kure,ngenzura n’amashamba yaho atotahaye cane.24Nimvye amariba mu yandi mahanga,nywa n’amazi yaho.Mponyangisha ibirenge vyanje inzuzi za Egiputa,gushika aho zikama.’25Mbega ntiwari bwavyumve?Ivyo vyose ni jewe nagenye ko bizoba kuva kera.Nabiteguye kera cane,none ubu ndabishikije,ntuma ufata ibisagara bifise inzitiro zikomeyeubihindura ibirundo vy’amabuye.26Abantu bo muri vyo wabamaze amanyama,bacika ivutu, baramaramara.Bameze nk’ivyatsi vyo mu gahinga,nk’ubwatsi bukimera.Bameze nk’utwatsi twimeza ku nzu hejuru,dukabirana tutarakura.27Ariko ndakuzi neza,ndazi aho uri, ndazi amaja n’amaza yawe;ndazi n’ingene wandakiye.28None rero ko wandakiye,amajambo yawe atagira indero agashika mu matwi yanje,nzogutungira igera mu zuru,ndagushire umunyororo mu kanwa,ndagusubize inyuma,uciye mu nzira wazananye.29Yewe Hezekiya, iki ni co kimenyetso uhawe:Uwu mwaka uzorya ivyimejeje,umwaka ukurikira uzorya ibizonaga kuri vyo.Ariko ku mwaka ugira gatatu, uzobiba wimbure,utere imizabibu, urye ku vyamwa vyayo.30Nayo amasigarira y’abacitse kw’icumu yo mu muryango wa Yudaazokwongera amere nk’igiti gishora imizi mu kuzimu,maze hejuru amashami na yo akama ivyamwa.31Kuko i Yerusalemu hazokwamuka amasigarira,no ku musozi Siyoni have abacitse kw’icumu.Ishaka ry’Uhoraho Mushoboravyose ni ryo rizoshitsa ivyo.32Ku bw’ivyo, uku ni ko Uhoraho avuze ku mwami w’i Ashuri:‘Ntazokwinjira mu gisagara c’i Yerusalemucanke ngo araseyo umwampi.Ntazokwegera inzitiro yitwaje inkinzo yiwe,canke ngo azubakeko ivyo kwuririrako ngo ahatere.33Inzira yazananye ni yo izomusubiza inyuma;ntazokwinjira iki gisagara,’ni ko Uhoraho avuze.34‘Nzogwanira iki gisagara ndakirokore,ku bwanje no ku bw’umusavyi wanje Dawidi.’ ”35Iryo joro nyene umumarayika w’Uhoraho araza, atera insago z’Abashuri, yica ingabo ibihumbi ijana na mirongo umunani na bitanu. Abantu bavyutse mu gitondo basanga imivyimba irambaraye ahantu hose.36Maze Senakeribu umwami w’i Ashuri aca asubira inyuma, aja kuba i Ninewe agumayo.37Umusi umwe, Senakeribu ari mu ngoro ya Nisuroki imana yiwe ariko arasenga, abahungu biwe Adurameleki na Sharezeri baraza bamwicisha inkota, bahungira mu gihugu c’i Ararati. Umuhungu wiwe Esaruhadoni aca amusubirira ku ngoma.Biblica, Inc.