2 Abami12
Yowashi asanura Ingoro
1Mu mwaka ugira indwi Yehu ari ku ngoma muri Isirayeli ni ho Yowashi yaba umwami w’i Buyuda, aganza imyaka mirongo ine ari i Yerusalemu. Nyina yitwa Zibiya, yava i Berisheba.2Yehowashi yakoze ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe mu myaka yose yamaze amenyerezwa n’umuherezi Yehoyada.3Ariko na we nyene ntiyashoboye gukuraho ibibanza vyo gusengeramwo vyo ku mataba y’imisozi; abantu babandanije gushikanirayo ibimazi no gutuririraho ibimota neza.4Umusi umwe, Yowashi abarira abaherezi ati: “Nimwegeranye amahera yashikaniwe Ingoro y’Uhoraho, yaba ayashikanwa n’abaharuwe bose, ayo abantu biyemeje nk’isezerano canke ayo bashikana bavyishakiye.5Hanyuma umuherezi wese yakire kuri ayo mahera, ayakoreshe ivyo abona ko bikwiye gusanurwa ku Ngoro.”6Ariko mu mwaka ugira mirongo ibiri na gatatu Yowashi ari ku ngoma, abo baherezi ntibari bwasanure Ingoro.7Nuko Yowashi atumako umuherezi mukuru ari we Yehoyada hamwe n’abandi baherezi ababaza ati: “Ni kubera iki mutarasanura Ingoro? Ntimuze mwongere gukoresha amahera mu vyo mukeneye. Kuva ubu amahera yose ategerezwa gukoreshwa ku vyo gusanura Ingoro gusa.”8Ba baherezi baca bemera ko batazosubira gutoza amahera mu bantu, kandi ko atari bo ubwabo bazokurikirana ibikorwa vyo gusanura Ingoro.9Yehoyada aca afata isandugu ayicako intoboro ku mupfundikizo, ayitereka i ruhande y’igicaniro, ku ruhande rw’i buryo iyo umuntu ariko arinjira mu Ngoro y’Uhoraho. Abaherezi barinda urwinjiriro rw’urusengro bakaja barayishiramwo amahera yose atanzwe mu Ngoro y’Uhoraho.10Igihe cose babona ko amashikanwa yabaye menshi muri ya sandugu, umwanditsi w’umwami ari kumwe n’umuherezi mukuru baca baza, bagaharura amahera yaba yatanzwe mu Ngoro y’Uhoraho, bakayashira mu mifuko.11Amahera bategekanije akwiye baciye bayaha abashinzwe gukurikirana ibikorwa vy’ingoro. Ni yo bakoresheje mu guhemba abakoze ibikorwa vyo gusanura Ingoro y’Uhoraho, abasakara, ababaji,12abubaka impome n’ababaza amabuye. Baragura imbaho, bakabazisha amabuye kugira ngo basanure Ingoro y’Uhoraho, bagatanga n’amahera yose yari akenewe ku gikorwa cose kijanye no gusanura iyo Ngoro.13Amahera yatanzwe ntiyakoreshejwe mu gucurisha amabesani, ibikombe canke ibindi bikoresho vyo mu Ngoro y’Uhoraho bicuzwe mu nzahabu no mw’ifeza.14Yose yakoreshejwe mu guhemba abakoze ibikorwa vyo gusanura Ingoro y’Uhoraho.15Ntibigeze banasaba abo bahaye ayo mahera ngo babereke ingene yakoreshejwe kuko vyaragaragara ko bayakoresheje mu bwizigirwa bwose.16Amahera yatangwa n’abantu nk’impongano y’ivyaha ntiyajanwa muri ya sandugu yo mu Ngoro y’Uhoraho. Yari yagenewe abaherezi.17Muri ico gihe ni ho Hazayeli umwami w’i Siriya yaduga gutera i Gati, arahigarurira. Mu nyuma y’aho aca aja gutera i Yerusalemu.18Ariko Yowashi umwami w’i Buyuda aca afata ivy’agaciro vyose vyari vyareguriwe Uhoraho, vyatanzwe na Yehoshafati, Yehoramu na Ahaziya, ari bo bami batwaye imbere yiwe, afata n’ivyo we ubwiwe yari yareguriye Uhoraho, n’inzahabu zose zari mu bubiko bw’Ingoro y’Uhoraho no mu kirimba c’umwami, abirungikira Hazayeli umwami w’i Siriya, na we abona gusubira inyuma, ntiyatera Yerusalemu.19Ibindi vyose vyabaye ku ngoma ya Yowashi, hamwe n’ivyo yakoze vyose, vyaditswe mu gitabu c’ivyabaye ku ngoma z’abami b’i Buyuda.20Mu nyuma abatware biwe bamugira inama, bamwicira i Beti-Milo, kw’ibarabara rija i Sila.21Abatware bamwicishije bari Yozabadi mwene Shimeyati na Yehozabadi mwene Shomeri. Bompi bari abahanuzi biwe b’abizigirwa. Bamuhamba hamwe na ba sekuru mu Gisagara ca Dawidi. Umuhungu wiwe Amaziya amusubirira ku ngoma.Biblica, Inc.